Zaburi 147:1-20

  • Ibikorwa vy’Imana biranga urukundo n’ububasha

    • Akiza abavunitse umutima (3)

    • Ahamagara inyenyeri zose mu mazina (4)

    • Agwisha urubura hasi, hagasigara hera (16)

147  Shemeza Yehova*! Ni vyiza gushemeza* Imana yacu.Biraryoshe kandi birabereye kuyishemeza+!   Yehova ariko arubaka Yeruzalemu+.Ariko aregeranya Abisirayeli bashwiragiye+.   Akiza abavunitse umutima,agatubika ibikomere vyabo.   Aharura igitigiri c’inyenyeri,zose akazihamagara mu mazina+.   Umukama wacu arahambaye kandi afise ububasha burenze+.Ugutegera kwiwe kurarenze urugero+.   Yehova ashira hejuru abitonda+,ariko ababisha akabashira hasi.   Nimuririmbire Yehova indirimbo zo gukenguruka.Nimuririmbire amashemezo Imana yacu mujanisha n’inanga.   Nimuririmbire umwe apfuka ijuru akoresheje ibicu,umwe agwisha imvura kw’isi+,agatuma ivyatsi bimera+ ku misozi.   Ni we aronsa ibikoko ivyo kurya+,akagaburira ibiswi vy’ibikona biguma vyayagura+. 10  Ntakangwa n’ububasha bw’ifarasi+canke ubukomezi bw’amaguru y’umuntu+. 11  Yehova arakunda abantu bamutinya+,barya baguma barindiriye urukundo* rwiwe+. 12  Ninahaza Yehova, ewe Yeruzalemu! Shemeza Imana yawe, ewe Siyoni! 13  Akomeza ivyugazo vy’amarembo yawe,agahezagira abana bawe baba muri wewe. 14  Asasagaza amahoro mu karere kawe+,akaguhaza ingano nzizanziza*+. 15  Arungika itegeko ryiwe kw’isi.Ijambo ryiwe riranyaruka cane. 16  Agwisha urubura* hasi, hagasigara hera nk’ubwoya bw’intama+.Asanzaza udutete tw’urubura nka kurya kw’umunyota+. 17  Atibagura urubura* nk’aho umengo ni ibipande vy’umukate+. Ni nde yokwihanganira ubukanye bwavyo+? 18  Arungika ijambo ryiwe bigashonga. Ahuhutisha umuyaga wiwe+ amazi agatemba. 19  Ahishurira ijambo ryiwe Yakobo,agahishurira Isirayeli ingingo ziwe n’imanza ziwe+. 20  Ivyo nta rindi hanga na rimwe yabigiriye+.Nta na kimwe bazi ku bijanye n’imanza ziwe. Shemeza Yehova*+!

Utujambo tw'epfo

Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «gucurarangira.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «ikinure c’ingano.»
Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Canke «ibibarafu.»
Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»