Zaburi 147:1-20
147 Shemeza Yehova*!
Ni vyiza gushemeza* Imana yacu.Biraryoshe kandi birabereye kuyishemeza+!
2 Yehova ariko arubaka Yeruzalemu+.Ariko aregeranya Abisirayeli bashwiragiye+.
3 Akiza abavunitse umutima,agatubika ibikomere vyabo.
4 Aharura igitigiri c’inyenyeri,zose akazihamagara mu mazina+.
5 Umukama wacu arahambaye kandi afise ububasha burenze+.Ugutegera kwiwe kurarenze urugero+.
6 Yehova ashira hejuru abitonda+,ariko ababisha akabashira hasi.
7 Nimuririmbire Yehova indirimbo zo gukenguruka.Nimuririmbire amashemezo Imana yacu mujanisha n’inanga.
8 Nimuririmbire umwe apfuka ijuru akoresheje ibicu,umwe agwisha imvura kw’isi+,agatuma ivyatsi bimera+ ku misozi.
9 Ni we aronsa ibikoko ivyo kurya+,akagaburira ibiswi vy’ibikona biguma vyayagura+.
10 Ntakangwa n’ububasha bw’ifarasi+canke ubukomezi bw’amaguru y’umuntu+.
11 Yehova arakunda abantu bamutinya+,barya baguma barindiriye urukundo* rwiwe+.
12 Ninahaza Yehova, ewe Yeruzalemu!
Shemeza Imana yawe, ewe Siyoni!
13 Akomeza ivyugazo vy’amarembo yawe,agahezagira abana bawe baba muri wewe.
14 Asasagaza amahoro mu karere kawe+,akaguhaza ingano nzizanziza*+.
15 Arungika itegeko ryiwe kw’isi.Ijambo ryiwe riranyaruka cane.
16 Agwisha urubura* hasi, hagasigara hera nk’ubwoya bw’intama+.Asanzaza udutete tw’urubura nka kurya kw’umunyota+.
17 Atibagura urubura* nk’aho umengo ni ibipande vy’umukate+.
Ni nde yokwihanganira ubukanye bwavyo+?
18 Arungika ijambo ryiwe bigashonga.
Ahuhutisha umuyaga wiwe+ amazi agatemba.
19 Ahishurira ijambo ryiwe Yakobo,agahishurira Isirayeli ingingo ziwe n’imanza ziwe+.
20 Ivyo nta rindi hanga na rimwe yabigiriye+.Nta na kimwe bazi ku bijanye n’imanza ziwe.
Shemeza Yehova*+!
Utujambo tw'epfo
^ Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Canke «gucurarangira.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ikinure c’ingano.»
^ Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
^ Canke «ibibarafu.»
^ Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»