Umusiguzi 5:1-20

  • Niwiyubare igihe wiyegereza Imana (1-7)

  • Abategetsi batobato barihwezwa n’ababakurira (8, 9)

  • Ubutunzi nta co bumaze (10-20)

    • Uwukunda amahera ntazopfa ayahaze (10)

    • Agatiro k’umukozi kararyoshe (12)

5  Wiyubare igihe cose ugiye mu nzu y’Imana y’ukuri+. Wopfuma ujayo kugira wumvirize+, hako ujayo kugira utange ibimazi nk’uko ibijuju bigira+, kuko bitamenya ko ivyo biriko birakora ari bibi.  Ntiwihutagize kuvuga kandi ntureke ngo umutima wawe uvugire imbere y’Imana y’ukuri utabanje kwiyumvira+, kuko Imana y’ukuri iri mw’ijuru mugabo wewe ukaba uri kw’isi. Ni co gituma ukwiye kuvuga make+.  Kuko imyitwarariko irenze ituma umuntu arota+, kandi amajambo arenze ni yo atuma ikijuju kivuga+.  Igihe cose usezeraniye Imana ikintu, ntutebe kugishitsa+ kuko idahimbarwa n’ibijuju+. Nushitse ico wasezeranye+.  Wopfuma ureka gusezerana, hako usezerana ntushitse+.  Ntureke ngo akanwa kawe kagucumuze*+, kandi ntuvugire imbere y’umumarayika* ko wari wihenze+. Kubera iki wotuma Imana y’ukuri ishavuzwa n’ivyo wavuze, bigatuma isambura igikorwa c’amaboko yawe+?  Kurya imyitwarariko myinshi ituma umuntu arota+, ni ko n’amajambo menshi avamwo ibitagira akamaro. Ahubwo tinya Imana y’ukuri+.  Niwabona umukene ariko aracinyizwa mu karere ubamwo, ubutungane n’ubugororotsi bigahonyangwa, ntibize bikubabaze+. Kuko umutegetsi wese aba afise uwumurusha ubukuru amwitegereza, kandi abo bose haba hariho abandi babasumvya ubukuru.  Vyongeye, bose bagabura ibiva mw’isi, mbere n’umwami agaburirwa ibiva mu murima+. 10  Uwukunda amahera ntazopfa ayahaze, kandi n’uwukunda ubutunzi ntazokwigera ahaga inyungu+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa+. 11  Iyo ivyiza bigwiriye, n’ababirya baragwira+. None nyenevyo yunguka iki atari ukubirabisha amaso gusa+? 12  Agatiro k’umukozi kararyoshe, yaba afise* bike canke vyinshi. Ariko umurengera w’umutunzi ntumukundira gutora agatiro. 13  Hari ikintu kibabaje cane* nabonye munsi y’izuba: umuntu aregeranya ubutunzi ariko akaba ari bwo bumukwegera akarambaraye. 14  Ubwo butunzi burahomba kubera umugambi* utagenze neza, mu nyuma akavyara umwana ata co agisigaranye+. 15  Nk’uko umuntu yavuye mu nda ya nyina ari gusa, azogenda ari gusa nk’uko yaje+. Nta na kimwe azogenda atwaye mu bintu vyose yabiriye akuya+. 16  Iki kintu na co nyene kirababaje cane*: azogenda nk’uko yaje. None umuntu yunguka iki mu kuguma akora cane akorera umuyaga+? 17  Kandi imisi yose yama afungurira mu mwiza, afise intuntu nyinshi, arwaye kandi ashavuye+. 18  Iki ni co nabonye ko ari ciza kandi kibereye: ni uko umuntu yorya, akanywa kandi agahimbarwa n’ibikorwa vyose+ yabiriye akuya munsi y’izuba mu misi mikeyi y’ubuzima Imana y’ukuri yamuhaye, kuko iyo ari yo mpembo* yiwe+. 19  Vyongeye, iyo Imana y’ukuri ihaye umuntu ubutunzi n’ayandi matungo+, ikamuha n’ubushobozi bwo kubinezerererwa, akwiye gutora impembo* yiwe kandi akanezerererwa igikorwa ciwe kitoroshe. Iyo ni ingabire y’Imana+. 20  Imisi y’ubuzima bwiwe izorengana ntanabibone*, kuko Imana y’ukuri yujuje umunezero umutima wiwe+.

Utujambo tw'epfo

Canke «intumwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «gacumuze umubiri wawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «yaba arya.»
Canke «hari icago gikomeye.»
Canke «ibikorwa.»
Canke «ni icago gikomeye.»
Canke «umugabane.»
Canke «umugabane.»
Canke «ntanavyibuke.»