Umusiguzi 5:1-20
5 Wiyubare igihe cose ugiye mu nzu y’Imana y’ukuri+. Wopfuma ujayo kugira wumvirize+, hako ujayo kugira utange ibimazi nk’uko ibijuju bigira+, kuko bitamenya ko ivyo biriko birakora ari bibi.
2 Ntiwihutagize kuvuga kandi ntureke ngo umutima wawe uvugire imbere y’Imana y’ukuri utabanje kwiyumvira+, kuko Imana y’ukuri iri mw’ijuru mugabo wewe ukaba uri kw’isi. Ni co gituma ukwiye kuvuga make+.
3 Kuko imyitwarariko irenze ituma umuntu arota+, kandi amajambo arenze ni yo atuma ikijuju kivuga+.
4 Igihe cose usezeraniye Imana ikintu, ntutebe kugishitsa+ kuko idahimbarwa n’ibijuju+. Nushitse ico wasezeranye+.
5 Wopfuma ureka gusezerana, hako usezerana ntushitse+.
6 Ntureke ngo akanwa kawe kagucumuze*+, kandi ntuvugire imbere y’umumarayika* ko wari wihenze+. Kubera iki wotuma Imana y’ukuri ishavuzwa n’ivyo wavuze, bigatuma isambura igikorwa c’amaboko yawe+?
7 Kurya imyitwarariko myinshi ituma umuntu arota+, ni ko n’amajambo menshi avamwo ibitagira akamaro. Ahubwo tinya Imana y’ukuri+.
8 Niwabona umukene ariko aracinyizwa mu karere ubamwo, ubutungane n’ubugororotsi bigahonyangwa, ntibize bikubabaze+. Kuko umutegetsi wese aba afise uwumurusha ubukuru amwitegereza, kandi abo bose haba hariho abandi babasumvya ubukuru.
9 Vyongeye, bose bagabura ibiva mw’isi, mbere n’umwami agaburirwa ibiva mu murima+.
10 Uwukunda amahera ntazopfa ayahaze, kandi n’uwukunda ubutunzi ntazokwigera ahaga inyungu+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa+.
11 Iyo ivyiza bigwiriye, n’ababirya baragwira+. None nyenevyo yunguka iki atari ukubirabisha amaso gusa+?
12 Agatiro k’umukozi kararyoshe, yaba afise* bike canke vyinshi. Ariko umurengera w’umutunzi ntumukundira gutora agatiro.
13 Hari ikintu kibabaje cane* nabonye munsi y’izuba: umuntu aregeranya ubutunzi ariko akaba ari bwo bumukwegera akarambaraye.
14 Ubwo butunzi burahomba kubera umugambi* utagenze neza, mu nyuma akavyara umwana ata co agisigaranye+.
15 Nk’uko umuntu yavuye mu nda ya nyina ari gusa, azogenda ari gusa nk’uko yaje+. Nta na kimwe azogenda atwaye mu bintu vyose yabiriye akuya+.
16 Iki kintu na co nyene kirababaje cane*: azogenda nk’uko yaje. None umuntu yunguka iki mu kuguma akora cane akorera umuyaga+?
17 Kandi imisi yose yama afungurira mu mwiza, afise intuntu nyinshi, arwaye kandi ashavuye+.
18 Iki ni co nabonye ko ari ciza kandi kibereye: ni uko umuntu yorya, akanywa kandi agahimbarwa n’ibikorwa vyose+ yabiriye akuya munsi y’izuba mu misi mikeyi y’ubuzima Imana y’ukuri yamuhaye, kuko iyo ari yo mpembo* yiwe+.
19 Vyongeye, iyo Imana y’ukuri ihaye umuntu ubutunzi n’ayandi matungo+, ikamuha n’ubushobozi bwo kubinezerererwa, akwiye gutora impembo* yiwe kandi akanezerererwa igikorwa ciwe kitoroshe. Iyo ni ingabire y’Imana+.
20 Imisi y’ubuzima bwiwe izorengana ntanabibone*, kuko Imana y’ukuri yujuje umunezero umutima wiwe+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «intumwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «gacumuze umubiri wawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yaba arya.»
^ Canke «hari icago gikomeye.»
^ Canke «ibikorwa.»
^ Canke «ni icago gikomeye.»
^ Canke «umugabane.»
^ Canke «umugabane.»
^ Canke «ntanavyibuke.»