Zaburi 68:1-35

  • «Abansi b’Imana nibashwiragire»

    • «Se w’impfuvyi» (5)

    • Imana iraronsa inyakamwe aho iba (6)

    • Abagore baratangaza inkuru nziza (11)

    • Ingabire zigizwe n’abagabo (18)

    • «Yehova aratwikorerera umutwaro buri musi» (19)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. Ni indirimbo. 68  Imana nihaguruke, abansi bayo bashwiragire,abayanka na bo bahunge bave imbere yayo+.   Nubatumure nka kurya umwotsi ugururwa n’umuyaga.Ababisha nibazimangane imbere y’Imana,nka kurya ishashara rishonga imbere y’umuriro+.   Ariko abagororotsi nibanezerwe+,bahimbarwe cane imbere y’Imana,bigine kubera umunezero.   Nimuririmbire Imana, muririmbire amashemezo* izina ryayo+. Nimuririmbire umwe aca mu biyaya vy’ubugaragwa* ari kw’ifarasi. Yehova* ni ryo zina ryiwe+. Nimunezerwe imbere yiwe!   Imana iba ahantu hayo heranda+.Ni yo se w’impfuvyi kandi ni yo ikingira* abapfakazi+.   Imana ituma abantu b’inyakamwe baronka aho baba+.Ibohora imbohe maze igatuma zitunganirwa+. Ariko intagondwa* zibwirizwa kuba mu gihugu kigadutse+.   Ewe Mana, igihe wayobora* abantu bawe+,igihe waca mu bugaragwa, (Sela*)   isi yaranyiganyize+,ijuru na ryo rirekura imvura* kubera Imana.Uyu musozi Sinayi waratigise kubera Imana, Imana ya Isirayeli+.   Ewe Mana, watumye hagwa imvura nyinshi,utuma abantu bawe barushe bagarura agatege. 10  Babaye mu mahema yawe+.Ewe Mana, kubera ubuntu* bwawe wararonkeje abakene ivyo bakeneye. 11  Yehova aratanga itegeko.Abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi+. 12  Abami b’ingabo barahunga+, emwe barahunga! Umugore yigumiye muhira araronka ku vyasahuwe+. 13  Naho mwahora muryama hagati y’imiriro mw’ikambi*,muzotahukana inuma ifise amababa yakaka nk’ifeza,n’amubi akayangana nk’inzahabu nzizanziza*. 14  Igihe Mushoboravyose yashwiragiza abami baho+,haciye hagwa urubura* i Zalumoni*. 15  Umusozi w’i Bashani+ ni umusozi w’Imana*.Umusozi w’i Bashani ni umusozi w’amasonga. 16  Mwa misozi y’amasonga, kubera iki murabana ishariumusozi Imana yitoreye ngo ibeko*+? Emwe, Yehova ni ho azokwibera ibihe vyose+. 17  Imikogote y’intambara y’Imana ni ibihumbi mirongo, emwe ibihumbi n’ibihumbi+. Yehova yavuye i Sinayi maze yinjira ahantu heranda+. 18  Waduze iyo hejuru+,ugenda ujanye imbohe.Watwaye ingabire zigizwe n’abagabo+,harimwo mbere n’intagondwa+, kugira ube muri bo, ewe Yehova* Mana! 19  Yehova nashemezwe, we atwikorerera umutwaro buri musi+,ya Mana y’ukuri iturokora. (Sela) 20  Kuri twebwe, Imana y’ukuri ni Imana irokora+.Umukama Segaba Yehova ni we adukiza urupfu+. 21  Emwe, Imana izomena umutwe abansi bayo.Izomena agahanga abo bose baguma bakora ivyaha*+. 22  Yehova yavuze ati: «Nzobagarukana ndabakuye i Bashani+.Nzobagarukana ndabakuye ibwina mu kiyaga, 23  kugira muhonyore mu maraso y’abansi banyu+,ururimi rw’imbwa zanyu na rwo runywe amaraso yabo.» 24  Ewe Mana, barabonye ingendo zawe,ingendo z’Imana yanje ari yo Mwami wanje, zo kuja ahantu heranda+. 25  Imbere hari abaririmvyi, abacuraranzi bagakurikira+.Hagati yabo hari abigeme bavuza utugoma+. 26  Nimushemeze Imana amasinzi* akoranye.Nimushemeze Yehova mwebwe abakomoka kw’Isôko rya Isirayeli+! 27  Ng’urya umuryango mutoyi wa Benyamini+, umwe ubamara amanyama.Abaganwa ba Yuda n’ishengero ryabo rivuza urwamo,hamwe n’abaganwa ba Zabuloni n’aba Nafutali, na bo nyene barabamara amanyama. 28  Imana yawe yaravuze ko uzogira inkomezi. Ewe Mana, niwerekane inkomezi zawe nk’uko wabitugiriye+. 29  Abami bazokuzanira ingabire+,kubera urusengero rwawe ruri i Yeruzalemu+. 30  Nukankamire ibikoko vyo mw’ishamba biba mu marenga,ubusho bw’impfizi+ hamwe n’inyana zazo,gushika amahanga akwunamire azanye ifeza*. Nusanzaze amahanga akunda intambara. 31  Ibikoresho vy’umujumpu bizoza* bivuye mu Misiri+.Kushi izonyaruka gushikanira Imana ingabire. 32  Mwa bwami bwo kw’isi, nimuririmbire Imana+,nimuririmbire amashemezo* Yehova, (Sela) 33  umwe agendera kw’ijuru riruta amajuru yose+ yo kuva kera na rindi. Ijwi ryiwe rikomeye ng’iryo riraturagaye! 34  Nimwemere ko Imana ifise ububasha+. Icubahiro cayo kiri kuri Isirayeli,kandi ububasha bwayo buri mw’ijuru*. 35  Imana iratinyitse iri ahantu hayo* heranda hakomeye+. Ni Imana ya Isirayeli,imwe iha abantu inkomezi n’ububasha+. Nimushemeze Imana.

Utujambo tw'epfo

Canke «mucurarangire.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «aca mu bicu.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «icira imanza.»
Canke «abagarariji.»
Mu giheburayo havuga ngo «wasohoka ugendera imbere.»
Mu giheburayo havuga ngo «riratonyanga.»
Canke «ukumera neza.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «muryama mu mpongore.»
Canke «inzahabu y’ibara ry’urwatsi rutoto rivanze n’iry’umuhondo.»
Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Canke «ni nk’aho haciye hatangura kugwa urubura i Zalumoni.»
Canke «umusozi uhambaye.»
Canke «ishaka kwiberako.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «bagendera mu caha.»
Mu giheburayo havuga ngo «amashengero.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ariko ahonyanga ifeza.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «intumwa zizoza.»
Canke «nimucurarangire.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu bicu.»
Mu giheburayo havuga ngo «hawe.»