Zaburi 44:1-26

  • Isengesho ry’ugutabaza

    • «Ni wewe wadukijije» (7)

    • «Batubona nk’intama zo gukererwa» (22)

    • «Haguruka udutabare!» (26)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo* y’abahungu ba Kora+. 44  Ewe Mana, amatwi yacu yaravyumvise.Ba sokuruza bacu baratwiganiye+ibikorwa wakoze mu gihe cabo,mu misi ya kera cane.  2  Warirukanye amahanga n’ukuboko kwawe+,uraheza ushira ba sokuruza bacu mu kibanza cayo+. Waramenaguye amahanga maze urayomora+.  3  Inkota yabo si yo yatumye bigarurira igihugu+,ntibatahukanye intsinzi kubera ukuboko kwabo+. Ahubwo ni ukuboko kwawe kw’ukuryo, ububasha bwawe+ n’ubuntu bwawe*,kuko wabakunze+.  4  Ewe Mana yanje, ni wewe Mwami wanje+.Tanga itegeko* Yakobo atahukane intsinzi bimwe bishitse*.  5  Biciye ku bubasha bwawe, tuzosubiza inyuma abansi bacu+,kandi abaturwanya, tuzobatsinda mw’izina ryawe+.  6  Kuko ntizigiye umuheto wanje,kandi inkota yanje ntishobora kunkiza+.  7  Ni wewe wadukijije abaturwanya+.Ni wewe wamaramaje abatwanka.  8  Tuzoshemeza Imana burinde bwira,kandi tuzohayagiza izina ryawe ibihe vyose. (Sela*)  9  Ariko ubu waradutaye uratumaramaza,kandi ntukijana n’ingabo zacu. 10  Uguma utuma duhunga abaturwanya+,abansi bacu bakitwarira ibintu vyose bashatse. 11  Wadutanze ku bansi bacu kugira batwice nk’intama,udushwiragiza mu mahanga+. 12  Ni nk’aho ugurisha abantu bawe kuri gusa+,nta nyungu na nkeyi ubaronkako*. 13  Watugize iceyi ku babanyi bacu,utugira agatwengo n’agacokoro ku badukikuje bose. 14  Watugize iciro ry’umugani mu mahanga+,abantu baratubona bakazunza umutwe. 15  Nirirwa ntekewe n’isoni,nkumva ndengewe n’ibimaramare, 16  kubera urwamo rw’agacokoro n’ibitutsi vyabo,kubera abansi bacu bariko baratwihora. 17  Naho ivyo vyose vyadushikiye, ntitwigeze tukwibagirakandi ntitwarenze kw’isezerano ryawe+. 18  Umutima wacu ntiwigeze uguhemukira.Ntitwigeze duta inzira yawe. 19  Ariko watujanjaguriye aho imbwebwe ziba,udupfukisha umwiza w’umuzitanya. 20  Nimba twaribagiye izina ry’Imana yacu,canke tukaduza amaboko dusenga iyindi mana*, 21  none Imana ntiyobimenya? Irazi amabanga yo mu mutima+. 22  Twirirwa turicwa kubera wewe.Abansi bacu batubona nk’intama zo gukererwa+. 23  Vyuka Yehova! Kubera iki uguma usinziriye+? Ikangure! Ntuduhebe burundu+. 24  Kubera iki uduhisha mu maso hawe? Kubera iki wibagira amarushwa n’agacinyizo turimwo? 25  Twarunamitswe hasi mu mukungugu,imibiri yacu irambaraye hasi+. 26  Haguruka udutabare+! Turokore* kubera urukundo* rwawe+.

Utujambo tw'epfo

^ Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
^ Mu giheburayo havuga ngo «n’umuco wo mu maso hawe.»
^ Canke «nutume.»
^ Canke «atahukane ubukiriro buhambaye.»
^ Canke «nta nyungu ukura ku giciro cabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imana y’inyamahanga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ducungure.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»