Gusubira mu vyagezwe 7:1-26
7 Yehova Imana yanyu niyamara kubashikana mu gihugu mugira mwigarurire+, azokwirukana imbere yanyu amahanga y’abantu benshi+: Abaheti, Abagirugashi, Abamori+, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+, amahanga indwi agizwe n’abantu benshi kandi akomeye kubarusha+.
2 Yehova Imana yanyu azobabaha kandi muzobatsinda+. Muze mubatikize ata kabuza+. Ntimuze mugiranire na bo isezerano canke ngo mubumvire impuhwe+.
3 Ntimuze mwunge ubucuti bwo guhana abageni*. Abakobwa banyu ntimuze mubahe abahungu babo kandi n’abahungu banyu ntimuze mubasabire abakobwa babo+.
4 Kuko bazobuza abahungu banyu kunkurikira, bakabosha gusenga* izindi mana+. Yehova azoca abashavurira cane kandi azoca abazimanganya bidatevye+.
5 Ahubwo ibi ni vyo mukwiye kubakorera: muze musiture ibicaniro vyabo, mumenagure inkingi nyeranda zabo z’amabuye+, mwicire inkingi nyeranda zabo z’ibiti*+ mwongere muturire ibishusho vyabo bibajwe+.
6 Muri ihanga ryeranda kuri Yehova Imana yanyu, kandi Yehova Imana yanyu yarabatoye ngo mube abantu biwe, ihanga ryiwe ridasanzwe* mu yandi mahanga yose ari kw’isi+.
7 Yehova ntiyabakunze canke ngo abatore ngo ni uko ihanga ryanyu ryarimwo abantu benshi+. Mbere mwari bakeyi mu yandi mahanga yose+.
8 Ahubwo kubera yuko Yehova abakunda kandi akubaha indahiro yarahiye ba sokuruza banyu+, ni co catumye Yehova akoresha ububasha bwiwe akabakura mu gihugu mwabayemwo muri abashumba*+, akabakura mu kuboko* kwa Farawo umwami wa Misiri.
9 Murazi neza ko Yehova Imana yanyu ari we Mana y’ukuri, Imana yo kwizigirwa, ishitsa ivyo yasezeraniye abayikunda kandi bubahiriza amabwirizwa yayo, ikongera ikabagirira ubuntu* gushika ku runganwe* rwabo rugira igihumbi+.
10 Ariko abamwanka ntateba kubihora mu kubatikiza+. Ntiyihanganira abamwanka. Ntateba kubihora.
11 Ku bw’ivyo rero, mutegerezwa kwubaha amabwirizwa, amategeko n’ingingo ndiko ndabaha uyu musi, mukabikurikiza.
12 Nimwaguma mwumviriza ayo mategeko, mukayubaha kandi mukayakurikiza, Yehova Imana yanyu azoshitsa isezerano yagiraniye namwe yongere abagirire neza*, nk’uko yabirahiye ba sokuruza banyu.
13 Azobakunda, abahezagire yongere abagwize. Emwe, azobahezagira muronke abana benshi*+, ivyimburwa, intete, umuvinyu mushasha, amavuta+, imitavu y’inka n’imyagazi y’intama mu gihugu yarahiye ba sokuruza banyu ko azokibaha+.
14 Muzohezagirwa cane mu yandi mahanga yose+. Nta mugabo canke umugore wo muri mwebwe azoba ingumba, kandi n’ibitungwa vyanyu ntibizoba ingumba+.
15 Yehova azoshira kure yanyu indwara zose, kandi ntazokwigera abateza ikiza na kimwe giteye ubwoba nka bimwe mwabona mu Misiri+. Ahubwo azobiteza abansi banyu bose.
16 Muzotikiza* amahanga yose Yehova Imana yanyu azobaha+. Ntimuze* mubumvire akagongwe+, kandi ntimuze musenge imana zabo+ kuko vyobabera umutego+.
17 Nimwibwira mu mitima yanyu muti: “Aya mahanga arimwo abantu benshi kuturusha. Tuzoshobora kubirukana gute+?”
18 Ntimuze mubatinye+. Muze mwibuke ivyo Yehova Imana yanyu yakoreye Farawo n’Abanyamisiri bose+.
19 Muze mwibuke kandi vya bihano* bikomeye mwibonera n’amaso yanyu, ibimenyetso, ibitangaro+ be n’ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha Yehova Imana yanyu yakoresheje mu kubakura mu Misiri+. Ivyo ni vyo Yehova Imana yanyu azokorera ayo mahanga yose mutinya+.
20 Yehova Imana yanyu azotuma batekerwa n’ubwoba* gushika aho abazoba basigaye+ n’abazoba binyegeje bahona.
21 Ntimuze muranduke umutima kubera bo, kuko Yehova Imana yanyu ari kumwe namwe+. Ni Imana ikomeye kandi iteye ubwoba+.
22 Yehova Imana yanyu azokwirukana bukebuke ayo mahanga yose+. Ntimuzokwemererwa kuyatikiza ningoga, kugira ngo ibikoko vyo mw’ishamba ntibigwire bigahava bibagirira nabi.
23 Yehova Imana yanyu azobaha ayo mahanga kandi azoyatsinda bimwe bikomeye gushika aherengeteye+.
24 Azobafasha gutsinda abami bayo+ ku buryo n’amazina yabo azimangana munsi y’ijuru+. Nta n’umwe azobananira+, gushika mubaherengeteje bose+.
25 Muze muturire ibishusho bibajwe vy’imana zabo+. Ntimuze mwipfuze ifeza n’inzahabu ziri kuri vyo canke ngo muzitware+ kugira ntibihave bibabera umutego, kuko ico ari ikintu gishisha Yehova Imana yanyu+.
26 Ntimuze muzane mu mazu yanyu ikintu gishisha, kuko namwe mwohava muba abo gutikizwa nka co. Mukwiye kucanka urunuka, kikabashisha rwose kuko ari ikintu co gutikizwa.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ubucuti bwo gushingirana.»
^ Canke «gukorera.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ikintu c’agaciro yigabira.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»
^ Canke «mu bubasha.»
^ Canke «ikabereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «abereke urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «azohezagira icamwa c’inda zanyu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «muzorotsa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amaso yanyu.»
^ Canke «ibigeragezo.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «bata umutwe», «bacika intege.»