Matayo 13:1-58
-
IBIGERERANYO VYEREKEYE UBWAMI (1-52)
-
Umubivyi (1-9)
-
Igituma Yezu yakoresha ibigereranyo (10-17)
-
Asigura ikigereranyo c’umubivyi (18-23)
-
Ingano be n’icatsi kibi (24-30)
-
Agatete ka sinapi n’umwambiro (31-33)
-
Akoresha ibigereranyo kugira ashitse ubuhanuzi (34, 35)
-
Asigura ikigereranyo c’ingano n’icatsi kibi (36-43)
-
Itunga ryanyegejwe be n’imaragarita nziza (44-46)
-
Urusenga rw’umukwabu (47-50)
-
Itunga rishasha n’irya kera (51, 52)
-
-
Abantu bo mu karere k’iwabo na Yezu banka kumwumviriza (53-58)
13 Kuri uwo musi, Yezu ava mu nzu aja kwicara ku nkengera y’ikiyaga.
2 Amasinzi y’abantu amuhundarako, ku buryo yurira ubwato abwicaramwo. Isinzi ryose ryari rihagaze ku nkengera y’ikiyaga+.
3 Atangura kubigisha ibintu vyinshi akoresheje ibigereranyo*+ ati: «Umubivyi yaragiye kubiba imbuto+.
4 Hanyuma ariko arabiba, imbuto zimwe zigwa iruhande y’inzira maze inyoni ziraza zirazirya+.
5 Izindi zigwa ahantu h’urubuyebuye hatagira ivu ryinshi, ubwo nyene zica ziramera kuko ivu ritashika kure+.
6 Ariko izuba riserutse, zaciye zibabuka ziruma kuko zitagira imizi.
7 Izindi zaguye mu mahwa, hanyuma ayo mahwa arakura, atuma zizingama+.
8 Ariko hari izindi zaguye mw’ivu ryiza, hanyuma zitangura kwama, rumwe rwama 100, urundi 60, urundi 30+.
9 Uwuri n’amatwi niyumve+.»
10 Nuko abigishwa biwe baramwegera, bamubaza bati: «Kubera iki ubigisha ukoresheje ibigereranyo+?»
11 Abishura ati: «Mwebwe mwarahawe gutahura amabanga meranda+ y’Ubwami bwo mw’ijuru, ariko bobo ntibabihawe.
12 Kuko uwufise wese azokwongerwa n’ibindi akagira umusesekara, ariko uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise+.
13 Ni co gituma ndabigisha nkoresheje ibigereranyo, kuko baraba ariko ntibabone, kandi barumviriza ariko ntibumva ngo batahure ico bisobanura+.
14 Ubuhanuzi bwa Yesaya burabarangukirako, kuko buvuga buti: “Muzokwumva ariko nta na kimwe muzotahura, kandi muzokwitegereza ariko nta na kimwe muzobona+.
15 Kuko umutima w’aba bantu udadaraye. Barizivye amatwi bongera barihuma amaso, kugira ntibigere barabisha amaso yabo canke ngo bumvishe amatwi yabo kugira imitima yabo itahure, baheze bahindukire maze ndabakize+.”
16 Ariko amaso yanyu arahiriwe kubera abona, n’amatwi yanyu kubera yumva+.
17 Ni ukuri ndabibabwiye, abahanuzi benshi n’abagororotsi benshi baripfuje kubona ivyo muriko murabona, ariko ntibabibonye+. Baripfuje no kwumva ivyo muriko murumva, ariko ntibavyumvise.
18 Umve rero ca kigereranyo c’umuntu yabivye imbuto+:
19 Izabibwe iruhande y’inzira+, zigereranya uwumvise ijambo ry’Ubwami ariko ntaritahure. Wa mubisha+ aca aza, akarandura ivyabibwe mu mutima wiwe.
20 Izabibwe ahantu h’urubuyebuye, zigereranya uwumva iryo jambo ubwo nyene agaca aryemera n’akanyamuneza+.
21 Mugabo kubera ko iryo jambo ridashinga imizi muri we, ntamara kabiri. Iyo hadutse ibigeragezo canke uruhamo kubera iryo jambo, aca atsitara.
22 Izabibwe mu mahwa, zigereranya uwumva iryo jambo, mugabo amaganya y’ubuzima bwo muri iyi si*+ n’ububasha buhendana bw’ubutunzi bikarinyoha maze ntiryame+.
23 Izabibwe mw’ivu ryiza na zo, zigereranya uwumva iryo jambo akaritahura maze agatangura kwama, umwe akama 100, uwundi 60, uwundi 30+.»
24 Abaha ikindi kigereranyo ati: «Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umuntu yabivye imbuto nziza mu murima wiwe.
25 Igihe abantu bari basinziriye, umwansi wiwe yaciye aza, maze abiba icatsi kibi mu ngano hanyuma arigira.
26 Izo ngano zimaze gukura zikazana amahundo, ca catsi kibi na co nyene caciye giseruka.
27 Nuko abashumba ba nyene urugo baraza, bamubwira bati: “Databuja, mbega ntiwabivye imbuto nziza mu murima wawe? None vyagenze gute ngo habemwo icatsi kibi?”
28 Abishura ati: “Ni umuntu w’umwansi yabigize+.” Nya bashumba bamubwira bati: “None tuje kukirandura?”
29 Nawe abishura ati: “Oya! Igihe murandura icatsi kibi mwohava musanga mukiranduranye n’ingano.
30 Reka vyose bikurane gushika kw’iyimbura. Maze iyimbura rigeze, nzobwira abimbuzi nti: ‘Banza mwegeranye icatsi kibi, mugitekere maze mugiturire, muheze mwegeranirize ingano mu kigega canje+.’”»
31 Abaha ikindi kigereranyo ati: «Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’agatete ka sinapi umuntu yatoye akagatera mu murima wiwe+.
32 Mu vy’ukuri, ni ko kabuto gatoyi kuruta izindi mbuto zose, ariko iyo gakuze kaba igiterwa kinini kuruta ibindi*, hanyuma kagacika igiti ku buryo inyoni zo mu kirere ziza zikibera mu mashami yaco.»
33 Abaha ikindi kigereranyo ati: «Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umwambiro umugore yatoye akawuvanga n’ingero zitatu nininini z’ifu, gushika igikandu cose kivyimvye+.»
34 Ivyo vyose Yezu yabibwiye amasinzi mu bigereranyo. Nta kintu yababwira adakoresheje ibigereranyo+,
35 kugira haranguke ivyo umuhanuzi yari yaravuze ati: «Ngira nteranure akanwa mvugire mu bigereranyo, ntangaze ibintu vyanyegejwe kuva kera cane*+.»
36 Amaze kurungika iryo sinzi ry’abantu, aca yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baraza, bamubaza bati: «Dusigurire ca kigereranyo c’icatsi kibi catewe mu murima.»
37 Abishura ati: «Uwabivye imbuto nziza ni Umwana w’umuntu.
38 Umurima ni isi+. Imbuto nziza ni abana b’Ubwami. Icatsi kibi ni abana ba wa mubisha+,
39 umwansi yakibivye na we ni Shetani*. Iyimbura ni iherezo* ry’ivy’iyi si*. Abimbuzi na bo ni abamarayika.
40 Nka kurya nyene icatsi kibi cegeranywa kigaturirwa, ni ko bizogenda no kw’iherezo* ry’ivy’iyi si+.
41 Umwana w’umuntu azorungika abamarayika biwe, na bo bazokwegeranya abantu bose* batsitaza abandi n’abantu bose bakora ivy’ubugarariji, babakure mu Bwami bwiwe,
42 maze babaterere mw’ifuru yaka umuriro+. Aho ni ho bazoririra kandi ni ho bazohekenyera imisaya*.
43 Ico gihe abagororotsi bazokayangana nk’izuba+ mu Bwami bwa Se wabo. Uwuri n’amatwi niyumve.
44 Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’itunga ryanyegejwe mu murima. Umuntu yararyubutseko aca yongera kurinyegeza, maze kubera umunezero, aca aragenda agurisha ivyo afise vyose, agura uwo murima+.
45 Ubwami bwo mw’ijuru kandi bumeze nk’umudandaza* ariko arondera imaragarita* nziza.
46 Aronse imaragarita imwe y’agaciro kanini, ubwo nyene aca agenda akagurisha ivyo afise vyose maze akayigura+.
47 Vyongeye, Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’urusenga rw’umukwabu batereye mu kiyaga, maze rukegeranya amafi y’ubwoko bwose.
48 Rumaze kwuzura, barukwegera ku nkengera y’ikiyaga maze bakicara, bakegeraniriza ifi nziza+ mu biseke ariko mbi+ bakazita.
49 Ukwo ni ko bizogenda kw’iherezo* ry’ivy’iyi si: abamarayika bazoza, barobanure ababisha mu bagororotsi,
50 maze babaterere mw’ifuru yaka umuriro. Aho ni ho bazoririra kandi ni ho bazohekenyera imisaya*.
51 None mwatahuye ico ivyo vyose bisobanura?» Bamwishura bati: «Egome.»
52 Na we ababwira ati: «Ko ari ukwo biri, mumenye ko umwigisha wese yigishijwe ibijanye n’Ubwami bwo mw’ijuru, amera nka nyene urugo asohora ibintu bishasha n’ivya kera abikuye mu bubiko bw’itunga ryiwe.»
53 Yezu ahejeje kubabwira ivyo bigereranyo, ava ng’aho aragenda.
54 Amaze gushika mu karere iwabo+, atangura kubigishiriza mw’isinagogi yabo, ku buryo batangara bakavuga bati: «Uyu muntu yakuye hehe ubu bwenge* n’ububasha bwo gukora ibi bitangaro+?
55 None uyu si umwana wa wa mubaji+? Nyina wiwe ntiyitwa Mariya, benewabo na bo si Yakobo, Yozefu, Simoni na Yuda+?
56 Bashikiwe na bo ntitubana ng’aha? None yakuye hehe ivyo bintu vyose+?»
57 Ivyiwe rero bitangura kubatsitaza+. Ariko Yezu ababwira ati: «Umuhanuzi araterwa iteka hose kiretse mu karere iwabo no mu rugo iwabo+.»
58 Ntiyakoreye ng’aho ibitangaro vyinshi kuko ata kwizera bari bafise.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «uburorero», «imigani.»
^ Canke «bw’iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
^ Ni ibiterwa vyo mu bwoko bw’imboga.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuva kw’ishingwa ry’isi.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ni wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
^ Canke «insozero.»
^ Canke «ry’iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
^ Canke «ku nsozero.»
^ Canke «ibintu vyose.»
^ Canke «amenyo.»
^ Canke «nk’umudandaza w’ingenzi.»
^ Canke «ku nsozero.»
^ Canke «amenyo.»
^ Canke «ubu bukerebutsi.»