Zaburi 38:1-22

  • Isengesho ry’umuntu yigaya

    • «Amaganya aranyishe, ndihebuye cane» (6)

    • Yehova arumviriza abamurindiriye (15)

    • «Igicumuro canje carambujije amahoro» (18)

Ni zaburi ya Dawidi igenewe kwibutsa. 38  Ewe Yehova, ntumpane washavuye,kandi ntunkosore warakaye+.   Kuko imyampi yawe yanyinjiyemwo cane,kandi ukuboko kwawe kurandemereye+.   Umubiri wanje wose urarwaye* kubera wanshavuriye. Nta mahoro mfise* kubera igicumuro canje+.   Kuko ndengewe n’amakosa yanje+.Ameze nk’umuzigo uremereye cane, sinshobora kuwikorera.   Ibikomere vyanje biranuka kandi vyuzuye amashirakubera ubupfu bwanje.   Amaganya aranyishe kandi nihebuye cane.Ngendana intuntu bukarinda bwira.   Numva umuriro ururumba muri jewe*,umubiri wanje wose urarwaye+.   Umubiri wanje watimvye kandi wajanjaguritse wose.Nguma mboroga* cane kubera intuntu mfise mu mutima.   Ewe Yehova, urazi ivyipfuzo vyanje vyose,kandi ntuyobewe amaborogo yanje. 10  Umutima wanje uguma udidagizwa, inguvu zose zahezekandi n’amaso yanje yahumye*+. 11  Abakunzi n’abagenzi banje bampevye kubera ivyago vyanje,kandi abagenzi banje somambike basigaye banca kure. 12  Abarondera ubuzima bwanje bantega imitego.Abarondera kungirira nabi baguma bavuga ibijanye no kunyica+.Birirwa baravuga ibinyoma bukarinda bwira. 13  Ariko jewe sindabumviriza+, meze nk’umuntu atumva.Sinkurako umunwa nka kurya kw’umuragi+. 14  Nsigaye meze nk’umuntu atumva,adashobora kwiburanira n’akanwa kiwe. 15  Kuko ari wewe narindiriye, ewe Yehova+!Kandi waranyishuye, ewe Yehova Mana yanje+! 16  Navuze nti: «Ese batonyigambakocanke ngo banyirateko ikirenge canje kinyereye!» 17  Kuko hari hasigaye gato ngo ntembagare,kandi ububabare bwaguma bunsesereza+. 18  Nahavuye natura ikosa ryanje+.Nari nabuze amahoro kubera igicumuro canje+. 19  Ariko abansi banje barakomeye* kandi bari n’ububasha.Abanyankira ubusa basigaye ari benshi. 20  Nabakoreye ivyiza ariko banyishura ibibi.Bagumye bandwanya kubera nshaka gukora iciza. 21  Ewe Yehova, ntumpebe! Ntugume kure yanje, ewe Mana yanje+! 22  Nyaruka untabare,ewe Yehova bukiriro bwanje+!

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «nta hakomeye hariho mu mubiri wanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «nta mahoro ariho mu magufa yanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikiyunguyungu canje cuzuye ubushe.»
Canke «niha.»
Mu giheburayo havuga ngo «kandi n’umuco w’amaso yanje wazimye.»
Mu giheburayo havuga ngo «ni bazima.»