Zaburi 19:1-14

  • Ivyo Imana yaremye n’amategeko yayo birashinga intahe

    • «Ijuru riratangaza ubuninahazwa bw’Imana» (1)

    • Itegeko ry’Imana rituma umuntu agarura agatege (7)

    • «Ibicumuro nakoze ntabizi» (12)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. 19  Ijuru riratangaza ubuninahazwa bw’Imana+,ikirere na co kikamenyesha ibikorwa vy’amaboko yayo+.   Uko bukeye, ijwi ryavyo ridudubiza nk’amazi,uko bwije na ho rigahishura ubumenyi.   Nta rurimi canke amajambo bivuga.Ijwi ryavyo ntiryumvikana.   Ariko intahe* yavyo yarakwiragiye kw’isi yose.Ubutumwa bwavyo bwarashitse ku mpera y’isi*+. Imana yubakiye izuba ihema mw’ijuru.   Rimeze nk’umukwe asohotse ava mu cumba ciwe,rinezerwa nk’umugabo w’intwari ariko ariruka mu nzira.   Riva ku mpera imwe y’ijururikazunguruka gushika ku yindi mpera+.Nta na kimwe kidashikirwa n’ubushuhe bwaryo.   Itegeko rya Yehova riratunganye+, rituma umuntu agarura agatege+. Ivyibutswa vya Yehova ni ivyo kwizigirwa+, bicisha ubwenge umuntu atazi utuntu n’utundi+.   Ivyagezwe vya Yehova biragororotse, bituma umutima unezerwa+.Amabwirizwa ya Yehova ntiyanduye, atuma amaso akayangana+.   Ugutinya Yehova+ kuratyoroye, kwamaho ibihe vyose. Imanza za Yehova ni iz’ukuri, zose ziragororotse+. 10  Ni ivyo kwipfuza kuruta inzahabu,kuruta inzahabu nyinshi nzizanziza*+,kandi birasosa kuruta ubuki+, ubuki butemba mu bimamara. 11  Umusavyi wawe yaburiwe na vyo+,kandi kuvyubahiriza birimwo impera nyinshi+. 12  Ni nde yoshobora kumenya amakosa yiwe bwite+? Numbabarire ibicumuro nakoze ntabizi. 13  Nurinde umusavyi wawe ibikorwa vy’ukwita imbere+.Ntureke ngo binganze+. Aho rero nzoheza mbe intungane+kandi sinagirwe n’ibicumuro bikomeye*. 14  Ese amajambo yanje hamwe n’ivyo nzirikanavyoguhimbara+, ewe Yehova Gitandara canje+ n’Umucunguzi wanje+!

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ikamba yavyo yo gupimisha.»
Canke «isi yimbuka.»
Canke «zityoroye.»
Canke «ibicumuro vyinshi.»