Ivyakozwe n’intumwa 13:1-52

  • Barunaba na Sawuli barungikwa kuba abamisiyonari (1-3)

  • Igikorwa bakoreye i Shipure (4-12)

  • Ijambo Pawulo yavugiye i Antiyokiya muri Pisidiya (13-41)

  • Itegeko ryo kuja kubwira amahanga (42-52)

13  Mw’ishengero ry’i Antiyokiya hari abahanuzi n’abigisha+, ari bo b’aba: Barunaba, Simeyoni yitwa kandi Nijeri, Lusiyo w’i Sireni, Manayeni yiganye na Herodi umutware w’intara na Sawuli.  Igihe bariko barakorera Yehova* bongera bisonzesha, impwemu nyeranda ivuga iti: «Nimunshirire ku ruhande Barunaba na Sawuli+ bankorere igikorwa nabahamagariye+  Bamaze kwisonzesha no gusenga, babarambikako ibiganza, baraheza barabarungika.  Nuko abo bantu bamanuka i Selesiya barungitswe n’impwemu nyeranda, hanyuma bavayo n’ubwato baja i Shipure.  Bageze i Salami batangura kumenyekanisha ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda. Bari kumwe kandi na Yohani yabafasha udukorwa+.  Bamaze guca mw’izinga ryose gushika i Pafo, bahura n’umugabo umwe w’Umuyuda yitwa Bari-Yezu. Yari umupfumu akaba n’umuhanuzi w’ikinyoma.  Yari kumwe na buramatari* Serejiyo Pawulosi, umugabo aciye ubwenge. Uwo buramatari ahamagara Barunaba na Sawuli kuko yari ashashaye kwumva ijambo ry’Imana.  Mugabo uwo mupfumu yitwa kandi Elima (iryo zina rikaba risobanura ngo «umupfumu») atangura kubarwanya arondera kubuza uwo buramatari ngo ntiyizere.  Sawuli, ari na we Pawulo, yuzura impwemu nyeranda, amushinga ijisho, 10  avuga ati: «Ewe wa muntu yuzuye ububeshi bw’ubwoko bwose n’ikibi c’ubwoko bwose, wa mwana wa Shetani*+ we, wa mwansi w’ibigororotse vyose! Kubera iki ubandanya kugoramika inzira zigororotse za Yehova*? 11  Ukuboko kwa Yehova* rero kugira kuguhane, uhume, umare igihe utabona umuco w’izuba.» Ako kanya nyene igipfungu kizitanye n’umwiza bimugwako. Aca atangura kugendagenda irya n’ino arondera uwomufata ukuboko. 12  Buramatari ngo abone ibibaye, aca arizera kuko yari atangajwe cane n’inyigisho ya Yehova*. 13  Maze Pawulo na bagenziwe burira ubwato bava i Pafo bashika i Peruga mu ntara ya Pamfiliya. Mugabo Yohani+ abasigayo asubira i Yeruzalemu+. 14  Ariko bo bava i Peruga baja i Antiyokiya mu karere ka Pisidiya. Hanyuma binjira mw’isinagogi+ ku musi w’isabato, baricara. 15  Abantu bamaze gusomerwa amategeko+ n’ivyanditswe n’abahanuzi, abakuru b’isinagogi batuma uwubabwira ngo: «Bagabo benewacu, nimba hari ijambo ry’indemesho mufise ryo kubwira abantu, nimurivuge.» 16  Nuko Pawulo arahaguruka, agira ikimenyetso n’ukuboko abasaba ngo bahore, avuga ati: «Yemwe bagabo b’Abisirayeli namwe mwese mutinya Imana, nimwumvirize. 17  Imana y’iri hanga rya Isirayeli yaratoye ba sogokuruza bacu. Abo muri iryo hanga yabagize abakomeye igihe bari abanyamahanga mu gihugu ca Misiri hanyuma ibakurayo ikoresheje ukuboko gukomeye*+. 18  Kandi mu kiringo c’imyaka nka 40 yarabihanganiye mu bugaragwa+. 19  Imaze guhonya amahanga indwi mu gihugu ca Kanani, yaciye ibaha ico gihugu ngo kibabere intoranwa+. 20  Ivyo vyose vyabaye nko mu myaka 450. Inyuma y’ivyo ibaha abacamanza gushika ku muhanuzi Samweli+. 21  Mugabo mu nyuma basaba umwami+, Imana iraheza ibaha Sawuli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini+, abatwara imyaka 40. 22  Imaze kumukura, ibaha Dawidi ngo ababere umwami+. Imana yaramushingiye intahe ivuga iti: “Nabonye Dawidi mwene Yese+, umuntu ahimbara umutima wanje+. Azokora ivyo nipfuza vyose.” 23  Nk’uko Imana yabisezeranye, yarahaye Isirayeli umukiza, ari we Yezu, imukuye mu ruvyaro* rw’uwo muntu+. 24  Imbere y’uko aza, Yohani yaramenyesheje icese abantu bose bo muri Isirayeli ibatisimu yerekana ukwigaya+. 25  Mugabo igihe Yohani yariko ararangiza igikorwa ciwe, yaravuga ati: “Sindi uwo mwiyumvira ko ndi. Ariko hari uwuriko araza inyuma yanje. Ntibimbereye no gupfundurura imigozi y’ibirato* vyiwe+.” 26  Bagabo benewacu, mwebwe mukomoka ku muryango wa Aburahamu n’abo bose batinya Imana muri kumwe, ijambo ry’ubu bukiriro ryarungikiwe twebwe+. 27  Kuko ababa i Yeruzalemu n’abatware babo batemeye uwo mukiza. Igihe bamucira urubanza, barashikije ivyavuzwe mu bitabu vy’abahanuzi+, ivyo bintu bikaba bisomwa n’ijwi ryumvikana buri sabato. 28  Naho bataronse imvo yotuma yicwa+, basavye Pilato ngo amwicishe+. 29  Bamaze gushitsa ibintu vyose vyanditswe ku bimwerekeye, baramumanuye ku giti maze bamushira mu mva*+. 30  Mugabo Imana yaramuzuye mu bapfuye+, 31  amara imisi myinshi abonekera abari bajanye na we i Yeruzalemu bavuye i Galilaya, ubu bakaba ari ivyabona bimushingira intahe imbere y’abantu+. 32  Turiko rero tubamenyesha inkuru nziza yerekeye umuhango wahawe ba sogokuruza. 33  Uwo muhango Imana yarawushikije neza ku bwacu twebwe abana babo, mu kuzura Yezu+. Ivyo birahuye n’ivyanditswe mw’izaburi ya kabiri, ahavuga ngo: “Uri umwana wanje. Uyu musi ncitse so wawe+.” 34  Ivy’uko yamuzuye mu bapfuye ngo ntaze asubire kugira umubiri ushobora kubora, yabivuze muri ubu buryo ati: “Nzobaha isezerano ry’urukundo* nasezeraniye Dawidi. Iryo sezerano ni iryo kwizigirwa+.” 35  Ni co gituma mu yindi zaburi Imana ivuga kandi iti: “Ntuzokwemera ko intahemuka yawe ibora+.” 36  Dawidi wewe yarakoreye Imana* mu gihe ciwe* maze arasinzira mu rupfu, ahambwa hamwe na ba sekuruza hanyuma arabora+. 37  Ariko uwo Imana yazuye we, ntiyigeze abora+. 38  Nimumenye rero benewacu, yuko biciye kuri we muriko muramenyeshwa ibijanye no kubabarirwa ibicumuro+. 39  Nimumenye kandi yuko ibintu vyose mutashobora kubabarirwa* biciye ku mategeko ya Musa+, umuntu wese yizera abibabarirwa biciye kuri Yezu+. 40  Nimurabe neza rero kugira ngo ibivugwa mu bitabu vy’abahanuzi ntibibashikeko, bimwe bigira biti: 41  “Nimurabe ivyo ndiko ndakora yemwe banyakagaye, mutangare muzimangane, kuko mu misi yanyu ngira nkore ikintu mutazokwigera mwemera naho hogira uwukibabwira ido n’ido+.”» 42  Igihe bariko barasohoka, abantu barabinginga ngo ivyo bintu baze babivuge no kw’isabato ikurikira. 43  Ikoraniro ryo mw’isinagogi rimaze rero kurangira, Abayuda benshi n’abasenga Imana binjiye idini ry’Abayuda bakurikira Pawulo na Barunaba. Pawulo na Barunaba bariko baraganira na bo, babahimiriza ngo bagume mu buntu buhebuje* bw’Imana+. 44  Kw’isabato ikurikira, igisagara nka cose gikoranira hamwe ngo cumve ijambo rya Yehova*. 45  Abayuda ngo babone ayo masinzi, buzura ishari, batangura guhaririza Pawulo batyoza ivyo avuga+. 46  Maze Pawulo na Barunaba bababwira badatinya bati: «Vyari bikenewe ko ari mwebwe mubanza kubwirwa ijambo ry’Imana+. Ko muryanse rero ntimubone ko mubereye ubuzima budahera, tugiye kuribwira amahanga+. 47  Nkako Yehova* yadutegetse ati: “Nakugenye ngo ubere umuco amahanga, ngo ubere abantu ubukiriro gushika ku mpera z’isi+.”» 48  Abo mu mahanga bavyumvise, batangura kunezerwa no gushemagiza ijambo rya Yehova*. Maze abo bose bari bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera barizera. 49  Vyongeye, ijambo rya Yehova* ribandanya gukwiragizwa mu gihugu cose. 50  Mugabo Abayuda bagumura abagore b’abanyacubahiro batinya Imana be n’abantu bakurubakuru bo mu gisagara, hanyuma batangura guhama+ Pawulo na Barunaba maze babaterera inyuma y’akarere kabo. 51  Pawulo na Barunaba baca bakunkumura umukungugu wo ku birenge vyabo ngo kibe ikimenyetso kibagiriza, baraheza baja muri Ikoniyo+. 52  Abigishwa babandanya kwuzuzwa umunezero+ be n’impwemu nyeranda.

Utujambo tw'epfo

Yari buramatari w’intara iganzwa n’Uburoma.
Mu kigiriki havuga ngo «wa wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Mu kigiriki havuga ngo «kudugije.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu rubuto.»
Canke «isandari.»
Canke «mu mva y’icibutso.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «yakoze ivyo Imana igomba.»
Mu kigiriki havuga ngo «mw’iyaruka ryiwe.»
Canke «kubabarirwa ngo mwitwe intungane.»