Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 21

URURIRIMBO RWA 107 Akarorero Imana yatanze k’urukundo

Ingene woronka uwo mwokwubakana

Ingene woronka uwo mwokwubakana

«Umugore abishoboye ni nde yomuronka? Ari n’agaciro kuruta amabuye y’agaciro yitwa korali.»—IMIG. 31:10.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turihweza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gufasha umuntu kuronka uwo bokwubakana abereye, n’ingene abagize ishengero boshigikira uwipfuza kwubaka.

1-2. (a) Ni ibiki umukirisu atubatse akwiye kuzirikanako imbere y’uko aja mu vyo gukundana? (b) «Ubugenzi» buvugwa muri iki kiganiro no mu gikurikira, bwerekeza ku ki? (Raba «Insiguro y’amajambo.»)

 WOBA wipfuza kwubaka urwawe? Naho kwubaka atari co gituma umuntu ahimbarwa, abakirisu batarubaka, baba abato canke abakuze, baripfuza cane kuronka uwo bokwubakana. Ariko rero imbere y’uko uja mu vyo gukundana, ukwiye kuba witeguriye ibanga ryo kwubaka. Ukwiye kuba uhumuye mu vy’impwemu, utakiri umwana mu mutwe, ufise n’uburyo bwo kwitwararika urugo rwawe. a (1 Kor. 7:36) Ico gihe rero, woshobora kwitega kuroranirwa mu rugo.

2 Ariko ntiwumve, ntivyama vyoroshe kuronka umuntu abereye mwokwubakana. (Imig. 31:10) Mbere naho wobona uwo woshima ko murushiriza kumenyana, hari aho bitokworoha ko mutangura ubugenzi. b Muri iki kiganiro, turaza kubona ivyofasha umukirisu atubatse kuronka uwo bokwubakana, be n’ingene botangura ubugenzi. Turaza kubona n’ingene abagize ishengero boshigikira abipfuza kwubaka urwabo.

INGENE WORONKA UWUBEREYE

3. Ni ibiki umukirisu akwiye kuzirikanako igihe ariko ararondera uwo bokwubakana?

3 Nimba wipfuza kwubaka, birahambaye ko umenya kamere wipfuza mu wo mwokwubakana, imbere y’uko mutangura gukundana. Ahandi ho wohava usanga wirengagije uwubereye, canke na ho ugakundana n’uwutabereye. Ariko rero, uwo wokwiyumvira wese, akwiye kuba ari umukirisu yabatijwe. (1 Kor. 7:39) Naho ari ukwo, uwabatijwe wese ntaca aba uwubereye. Niwibaze rero uti: «Mfise imigambi iyihe mu buzima? Ni kamere izihe ndondera ku wo nipfuza ko twokwubakana? Ivyo ndondera vyoba bitarenza urugero?»

4. Ni ibiki bamwebamwe basenze basaba?

4 Nimba wipfuza kwubaka, nta nkeka ko wasenze Yehova usaba ko woronka uwo mwokwubakana. (Flp. 4:6) Yehova ntasezeranira abasavyi biwe kubaronsa uwo bazokwubakana. Naho ari ukwo, arabona ivyo ukeneye be n’ukuntu wiyumva, kandi arashobora kugufasha igihe uriko urarondera uwo mwokwubakana. Nubandanye rero kumubwira akari ku mutima. (Zab. 62:8) Numusabe ukwihangana be n’ubukerebutsi. (Yak. 1:5) Umuvukanyi umwe wo muri Amerika yitwa John, c aratubwira ivyo ashira mu masengesho yiwe. Agira ati: «Ndabwira Yehova kamere nipfuza ko uwo twokwubakana yoba afise. Ndamusaba kandi ko noronka uturyo two guhura n’uwo muntu. Vyongeye, ndasaba Yehova ko yomfasha gutsimbataza kamere zotuma mba umugabo mwiza.» Mushiki wacu wo muri Sri Lanka yitwa Tanya, na we avuga ati: «Mu gihe nkirindiriye kuronka uwo tuzokwubakana, ndasaba Yehova ko yomfasha kuguma ndi intahemuka, kutihebura no kugumana umunezero.» Mbere naho utoca uronka uwo mwubakana ku gihe wipfuza, Yehova asezerana kuzokuronsa ivya nkenerwa mu buzima no kukugaragariza urukundo.—Zab. 55:22.

5. Ni igiki coronsa umukirisu atubatse uturyo two guhura n’umuntu akunda Yehova? (1 Abakorinto 15:58) (Raba n’ifoto.)

5 Bibiliya ituremesha kugira «vyinshi [du]kora mu gikorwa c’Umukama.» (Soma 1 Abakorinto 15:58.) Kugira vyinshi ukora mu gikorwa ca Yehova no kumarana umwanya n’abavukanyi na bashiki bacu batandukanye, ntibituma gusa uronka abagenzi, ahubwo birakuronsa n’uturyo two guhura n’abandi batarubaka, muhuje umugambi wo gukorera Yehova. Ikindi na co, iyo witanze cane kugira ngo uhimbare Yehova, biratuma wumva uhimbawe vy’ukuri.

Ugize vyinshi ukora mu murimo wa Yehova kandi ukamarana umwanya n’abakirisu batandukanye, hari aho wohura n’abipfuza kwubaka (Raba ingingo ya 5)


6. Igihe uriko urarondera uwo mwokwubakana, ni igiki ukwiye kwibuka?

6 Ariko rero, uraba maso kuri iki kintu: Ntureke ngo kurondera uwo mwokwubakana bisigare ari vyo ushira imbere mu buzima bwawe. (Flp. 1:10) Kwubaka canke kutubaka, si vyo bituma uhimbarwa vy’ukuri, ahubwo guhimbarwa bivana n’ubucuti ufitaniye na Yehova. (Mat. 5:3) N’igihe utoba urubaka urwawe, woshobora kuronka uturyo two kwagura umurimo urangurira Yehova. (1 Kor. 7:​32, 33) Nukoreshe neza rero ico kiringo. Mushiki wacu umwe yitwa Jessica wo muri Amerika, yubatse urwiwe afise imyaka hafi 40. Avuga ati: «Ntarubaka, kuguma mfise vyinshi nkora mu gikorwa ca Yehova vyatumye nguma ntekanye naho nipfuza cane kwubaka.»

NUFATE UMWANYA WO KUMWIHWEZA

7. Kubera iki ari vyiza gufata umwanya wo kwihweza umuntu imbere yo kumubwira ko umukunda? (Imigani 13:16)

7 Bite ho hamwe wobona uwo wiyumvira ko abereye? Woba ukwiye guca umubwira ko umukunda? Bibiliya ivuga ko umunyabwenge abanza kurondera kumenya ibintu imbere yo kugira ico akoze. (Soma Imigani 13:16.) Vyoba vyiza rero ubanje gufata umwanya wo kumwihweza mw’ibanga, imbere yo kugira ico umubwiye. Uwitwa Aschwin wo mu Buholande avuga ati: «Urashobora gukunda umuntu bukwi na bukwi, ariko kandi urwo rukundo rugahera bukwi na bukwi.» Ufashe rero umwanya wo kwihweza umuntu, bizotuma wirinda kuja mu vyo gukundana ubitumwe n’ibishobisho. Vyongeye, ufashe umwanya wo kumwihweza, hari aho wosanga atari we abereye.

8. Umuntu yokwihweza gute uwo yipfuza ko bokwubakana? (Raba n’ifoto.)

8 None wokwihweza gute uwo muntu mw’ibanga? Igihe muri ku makoraniro canke iyo mwahuriye hamwe n’abandi ku bwo kuryoherwa, woshobora kubona ibintu biguhishurira kamere ziwe, inyifato yiwe, be n’ingene aha agaciro ivy’impwemu. Afise abagenzi bameze gute? Ni ibiki akunda kuvuga? (Luka 6:45) Mwoba muhuje imigambi? Woshobora no kubaza abakurambere b’ishengero arimwo canke abandi bakirisu bahumuye bamuzi neza. (Imig. 20:18) Woshobora kubabaza ingene uwo muntu azwi be na kamere zimuranga. (Rusi 2:11) Igihe uriko urarondera kumenya ibijanye n’uwo muntu, uririnda gukora ibintu vyomubuza amahoro. Ivyo wobigira mu kwirinda kuza uramwiyegereza, kumwinjirira mu buzima canke kurondera kumenya akantu kose kamwerekeye.

Imbere yo kubwira umuntu ko umukunda, nubanze ufate umwanya wo kumwihweza mw’ibanga (Raba ingingo ya 7-8)


9. Imbere y’uko ubwira umuntu iciyumviro umufiseko, ni igiki ukwiye kuba uzi neza?

9 None ukwiye kwihweza umuntu igihe kingana gute imbere y’uko umubwira iciyumviro umufiseko? Wihutiye kubimubwira, yoshobora kwibaza ko uri umuntu atwarwa n’ibishobisho. (Imig. 29:20) Hamwe na ho woteba kubimubwira kandi amaze kubona ibimenyetso bimwereka ko umwiyumvamwo, yoshobora kwiyumvira ko uri umuntu adafata ingingo. (Umus. 11:4) Niwibuke ko imbere y’uko ubwira umuntu iciyumviro umufiseko, atari ngombwa ngo ube umaze guhera amazinda ko ari we nyene muzokwubakana. Ariko rero, ukwiye kuba uzi neza ko witeguriye kwubaka be n’uko uwo muntu abereye.

10. Wokora iki igihe ubonye ko umuntu kanaka akwiyumvamwo, mugabo wewe ukaba utamwiyumvamwo?

10 Bite hoho hamwe wobona ko umuntu kanaka akwiyumvamwo? Nimba nawe utamwiyumvamwo, nugerageze kuvyerekana mu vyo ukora. Ntivyoba biranga umutima mwiza utumye agira icizigiro kandi uzi ko bitazoshoboka.—1 Kor. 10:24; Ef. 4:25.

11. Hamwe woronderera umuntu uwo bokwubakana, ni ibiki ukwiye kwitwararika?

11 Mu bihugu bimwebimwe, usanga abavyeyi canke abandi bantu bakuze ari bo bahitiramwo incuti yabo uwo bazokwubakana. Mu bindi bihugu na ho, usanga incuti n’abagenzi ari bo baronderera umuntu uwo bokwubakana maze bagaca babahuza kugira ngo ubwabo barabe nimba boshimana. Hamwe hogira uwugusaba kumuronderera uwo bokwubakana, uritwararika ivyipfuzo vy’umwe wese muri bo. Umaze kubona uwo womurangira, nugerageze kurondera amakuru menshi ashoboka ku bijanye n’ingene uwo muntu ameze, ingeso ziwe, n’ikiruta vyose urondere kumenya nimba aha agaciro ivy’impwemu. Kuba umuntu afitaniye na Yehova ubucuti bukomeye, ni co kintu gihambaye kuruta amahera, amashure, canke ikibanza umuntu afise mu kibano. Ariko rero, uribuka yuko uwo muvukanyi n’uwo mushiki wacu ari bo bifatira ingingo yo kwubakana canke kutubakana.—Gal. 6:5.

GUTANGUZA UBUGENZI

12. Nimba wipfuza gusaba umuntu ubugenzi, wobimubwira gute?

12 Nimba wipfuza gusaba umuntu ubugenzi, wobimubwira gute? d Woshobora gutunganya ko muhurira ahantu hatihishije ukabimubwira, canke ukabimubwira kuri terefone. Numutomorere icipfuzo cawe. (1 Kor. 14:9) Nimba bikenewe, numuhe umwanya wo kuzirikana ku nyishu yoguha. (Imig. 15:28) Nimba na ho akwankiye, numwubahirize.

13. Wokora iki hagize uwukubwira ko yipfuza ko mukundana? (Abakolosayi 4:6)

13 Bite ho hagize uwugusaba ubugenzi? Hari igihe kubikubwira biba vyamusavye kurya umutima amenyo, akaba ari co gituma ukwiye kumugaragariza ubuntu n’icubahiro. (Soma Abakolosayi 4:6.) Nimba ukeneye umwanya wo kuzirikana kugira urabe yuko womwemerera ko mwotangura ubugenzi, nubimubwire. Ariko rero, nugerageze kumwishura vuba bishoboka. (Imig. 13:12) Nimba na ho utabishaka, nubimubwire ubigiranye umutima mwiza kandi utomora. Raba ingene umuvukanyi umwe yitwa Hans wo muri Otrishe yabigenjeje, igihe mushiki wacu umwe yamwegera akabimusaba. Avuga ati: «Naramubwiye aho mpagaze ndabigiranye ubugwaneza mugabo kandi ndamutomorera. Naciye ndamuha inyishu ubwo nyene, kuko ntashaka ko agumana icizere kandi bitazoshoboka. Ivyo rero vyatumye mu nyuma nza ndiyubara ku vyo navuga canke nakora, kugira ngo ntahave yiyumvira ko nohinduye ivyiyumviro.» Igihe na ho agusavye ubugenzi kandi nawe ukaba umwiyumvamwo, nimuce muyaga ivyo umwe wese yiteze ku wundi ku bijanye n’ubwo bugenzi. Ivyo umwe wese yiteze ku wundi vyoshobora gutandukana, bivanye n’imico y’iwanyu canke ibindi bintu.

ABANDI BOSHIGIKIRA GUTE ABAKIRISU BATARUBAKA?

14. Mu vyo tuvuga, twoshigikira gute abakirisu batarubaka?

14 None twese twoshigikira gute abakirisu bipfuza kwubaka? Uburyo bumwe twobashigikira, ni mu kuba maso ku vyo tuvuga. (Ef. 4:29) Twoshobora kwibaza duti: «Noba ndababwira amajambo yo gutebura mugabo abashiramwo ibindi vyiyumviro? Igihe mbonye umuvukanyi na mushiki wacu bariko barayaga, noba nca nibaza ko bakundana?» (1 Tim. 5:13) Vyongeye, ntidukwiye kwigera dutuma umukirisu atubatse yumva umengo hari ico ahajije, kubera gusa ko atarubaka. Umwe Hans twavuga agira ati: «Hari abavukanyi bakubwira ngo ‘ko utarubaka? Erega urakuze.’ Amajambo nk’ayo aratuma abatarubaka bumva ko batagira agaciro, kandi akabahatira kwumva ko bakwiye kwubaka izabo.» Aho kubigenza gutyo, turakwiye nyabuna kurondera uturyo two gukeza abakirisu batarubaka.—1 Tes. 5:11.

15. (a) Twisunze ibivugwa mu Baroma 15:​2, ni ibiki twozirikanako imbere yo gufasha umuntu kurondera uwo bokwubakana? (Raba n’ifoto.) (b) Ni ivyigwa ibihe wakuye muri iyo videwo?

15 Bite ho hamwe wobona ko naka na naka baberanye? Bibiliya idusaba kwiyumvira ineza y’abandi. (Soma Abaroma 15:2.) Abakirisu benshi batarubaka ntibipfuza ko hagira uwubahuza mu ntumbero y’uko bokwubakana, akaba ari co gituma dukwiye kububahiriza. (2 Tes. 3:11) Abandi na bo boshobora gushima uwobafasha, ariko ntidukwiye kubigira batabidusavye. e (Imig. 3:27) Hari abashima ko vyogirwa mu buryo budashoka bwibonekeza. Mushiki wacu umwe atarubaka urwiwe yitwa Lydia wo mu Budagi, avuga ati: «Woshobora gutumira abantu benshi maze muri bo ugashiramwo uwo muvukanyi n’uwo mudada. Wewe nukore gusa ikintu gituma bahura, ibisigaye bazovyimenyere.»

Igihe abantu bahuriye hamwe ari benshi, biratuma abakirisu batarubaka baronka akaryo ko guhura (Raba ingingo ya 15)


16. Abakirisu batarubaka bakwiye kwibuka iki?

16 Twese abubatse n’abatubatse, turashobora kubaho duhimbawe. (Zab. 128:1) Nimba rero wipfuza kwubaka mugabo ukaba utararonka uwo mwokwubakana, nubandanye kwitunira ku gikorwa urangurira Yehova. Mushiki wacu yitwa Sin Yi wo muri Macao avuga ati: «Ikiringo umara utarubaka urwawe, usanga ari gito cane ukigereranije n’ico uzomarana mw’Iparadizo n’uwo mwubakanye. Magingo rero utarubaka, nuryohererwe ico kiringo wongere ugikoreshe neza.» Bite ho nimba umaze kuronka uwo muvyumva kumwe, kandi mukaba mumaze gutangura ubugenzi? Mu kiganiro gikurikira, turihweza ivyobafasha kugira ngo ubugenzi bwanyu bushike ku ntumbero.

URURIRIMBO RWA 137 Abakenyezi b’abizigirwa

a Kugira ngo umenye nimba ugeze kwubaka, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo «Gukundana: Igice ca 1: Noba ngeze kurondera uwo dukundana?»

b INSIGURO Y’AMAJAMBO: Muri iki kiganiro no mu gikurikira, ubwo «bugenzi» bwerekeza ku migenderanire umusore n’inkumi bagirana mu ntumbero yo kurushiriza kumenyana, kugira ngo barabe nimba bazoshobokana. Hari abavyita kandi gukundana, canke kurushiriza kumenyana. Ubwo bugenzi butangura igihe umusore n’inkumi bemeranije ko batanguye gukundana, bukabandanya gushika bemeranije ko bokwubakana canke ko bohagarika ubwo bugenzi.

c Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

d Mu bihugu bimwebimwe, muri rusangi umuhungu ni we asaba ubugenzi umukobwa. Ariko rero n’umukobwa abigize, nta kibi kirimwo. (Rusi 3:​1-13) Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo «Urwaruka ruribaza . . . Nobwira gute umuhungu ko ndamukunda?» muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Gitugutu 2004.