Zaburi 62:1-12
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Yedutuni*. Ni zaburi ya Dawidi.
62 Emwe, ndarindiriye Imana ncereje.
Ni yo nkesha ubukiriro bwanje+.
2 Ni yo gitandara canje n’ubukiriro bwanje, ubuhungiro bwanje butekanye*+.Sinzokwigera nyiganyizwa ngo ntembe+.
3 Muzogeza ryari kuguma mutera umuntu kugira mumwice+?
Mwese muteye akaga nk’uruhome ruhengamye, uruhome rw’amabuye rugira ruhenuke*.
4 Baja inama kugira bamutembagaze mu kibanza ciwe co hejuru*.Bahimbarwa n’ibinyoma.
Bahezagira n’iminwa yabo, ariko mu mitima bakavuma+. (Sela*)
5 Emwe, ndarindiriye Imana ncereje+,kuko ari yo ituma ngira icizigiro+.
6 Ni yo gitandara canje n’ubukiriro bwanje, ubuhungiro bwanje butekanye.Sinzokwigera nyiganyizwa+.
7 Ubukiriro bwanje n’ubuninahazwa bwanje ndabikesha Imana.
Imana ni yo gitandara canje gikomeye n’ubuhungiro bwanje+.
8 Nimuyizigire ibihe vyose mwa bantu!
Nimuyisukire ibiri ku mutima wanyu+.
Imana ni yo buhungiro bwacu+. (Sela)
9 Abantu ni impemu gusa zitumuka.Abana b’abantu ni uruhendo gusa+.
Ubashize ku munzane bose, bahwahutse kuruta impemu+.
10 Ntukishimire ibiva mu kunyaga,canke ngo wizigire ibiva mu busuma.
Ubutunzi bwawe nibwongerekana, ntuze ubushireko umutima+.
11 Imana yarabivuze rimwe, kandi naravyumvise incuro zibiri:
Inkomezi ni iz’Imana+.
12 Urukundo* na rwo nyene ni rwawe, ewe Yehova+,kuko wishura umuntu wese ibihuye n’ibikorwa vyiwe+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ahantu hanje hataramutse hatekanye.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «mwese, nk’aho yoba ari uruhome ruhengamye, uruhome rw’amabuye rugira ruhenuke.»
^ Canke «kugira bamukure mu buninahazwa bwiwe.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»