Zaburi 62:1-12

  • Ubukiriro nyakuri buva ku Mana

    • «Ndarindiriye Imana ncereje» (1, 5)

    • «Nimusukire Imana ibiri ku mitima yanyu» (8)

    • Abantu ni impemu gusa zitumuka (9)

    • Ntiwizigire ubutunzi (10)

Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Yedutuni*. Ni zaburi ya Dawidi. 62  Emwe, ndarindiriye Imana ncereje. Ni yo nkesha ubukiriro bwanje+.   Ni yo gitandara canje n’ubukiriro bwanje, ubuhungiro bwanje butekanye*+.Sinzokwigera nyiganyizwa ngo ntembe+.   Muzogeza ryari kuguma mutera umuntu kugira mumwice+? Mwese muteye akaga nk’uruhome ruhengamye, uruhome rw’amabuye rugira ruhenuke*.   Baja inama kugira bamutembagaze mu kibanza ciwe co hejuru*.Bahimbarwa n’ibinyoma. Bahezagira n’iminwa yabo, ariko mu mitima bakavuma+. (Sela*)   Emwe, ndarindiriye Imana ncereje+,kuko ari yo ituma ngira icizigiro+.   Ni yo gitandara canje n’ubukiriro bwanje, ubuhungiro bwanje butekanye.Sinzokwigera nyiganyizwa+.   Ubukiriro bwanje n’ubuninahazwa bwanje ndabikesha Imana. Imana ni yo gitandara canje gikomeye n’ubuhungiro bwanje+.   Nimuyizigire ibihe vyose mwa bantu! Nimuyisukire ibiri ku mutima wanyu+. Imana ni yo buhungiro bwacu+. (Sela)   Abantu ni impemu gusa zitumuka.Abana b’abantu ni uruhendo gusa+. Ubashize ku munzane bose, bahwahutse kuruta impemu+. 10  Ntukishimire ibiva mu kunyaga,canke ngo wizigire ibiva mu busuma. Ubutunzi bwawe nibwongerekana, ntuze ubushireko umutima+. 11  Imana yarabivuze rimwe, kandi naravyumvise incuro zibiri: Inkomezi ni iz’Imana+. 12  Urukundo* na rwo nyene ni rwawe, ewe Yehova+,kuko wishura umuntu wese ibihuye n’ibikorwa vyiwe+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ahantu hanje hataramutse hatekanye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mwese, nk’aho yoba ari uruhome ruhengamye, uruhome rw’amabuye rugira ruhenuke.»
Canke «kugira bamukure mu buninahazwa bwiwe.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»