Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 137

Abakenyezi b’abizigirwa

Select an Audio Recording
Abakenyezi b’abizigirwa
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Abaroma 16:2)

  1. 1. Rusi na Sara, Mariya n’abandi

    Bar’abakenyezi b’intahemuka.

    Barubah’Imana bakayoboka.

    Bar’abizigirwa b’intibagirwa.

    Har’abandi bashimwe n’Imana.

    Naho batavugwa bar’abizigirwa.

  2. 2. Kumera neza no kudahemuka

    Ni vyo vyabaranga muri kamere.

    Abo bakenyezi bari ntangere.

    N’uburorero bwiza twogumana.

    Na bashiki bacu b’iki gihe

    Ni ko bimereye, twese twobigana.

  3. 3. Mwebwe bashiki bacu na ba mama,

    Muragamburuka munezerewe.

    Ko mwifata ruto muraberewe.

    Yehov’arabashima, ntimutinye.

    Nabarinde ntimucik’intege.

    Azobah’impembo kuko yabashimye.