Imigani 20:1-30

  • Umuvinyu utuma umuntu acokorana (1)

  • Ikinebwe ntikirima mu rushana (4)

  • Ivyiyumviro vy’umuntu bimeze nk’amazi ari kure (5)

  • Si vyiza kugira indagano gihutihuti (25)

  • Ubwiza bw’imisore ni inkomezi zayo (29)

20  Umuvinyu utuma umuntu acokorana+, inzoga ituma atera akajagari+.Uwuzimizwa na vyo wese ntagira ubwenge*+.   Iterabwoba ry’umwami rimeze nk’ukuroha kw’intambwe*+.Uwumushavuza wese arahakwa kuhasiga ubuzima+.   Uwirinda ibihari aba yiteye iteka+,ariko abantu b’ibijuju bavyisukamwo+.   Ikinebwe ntikirima mu rushana.Mu gihe c’iyimbura gica gisegerereza kuko ata co kiba gifise*+.   Ivyiyumviro* vyo mu mutima w’umuntu bimeze nk’amazi ari kure epfo,ariko umuntu afise ugutahura arabivoma.   Abantu benshi barihayagiza ngo ni intahemuka,ariko umuntu w’umwizigirwa womukura hehe?   Umugororotsi agendera mu gutungana kwiwe+. Hahiriwe abana* azosiga+.   Iyo umwami yicaye ku ntebe ngo ace imanza+,amaso yiwe nta kibi na kimwe kiyacika*+.   Ni nde yovuga ngo: «Naratyoroye umutima wanje+,nta gicumuro mfise+»? 10  Amabuye y’umunzane asondetse n’ingero zisondetse*,vyose birashisha Yehova+. 11  Mbere n’ibikorwa vy’umwana*birerekana ko ingeso ziwe zityoroye kandi zigororotse+. 12  Ugutwi kwumva be n’ijisho ribona,vyose ni Yehova yabikoze+. 13  Ntukunde itiro, ahandiho ubukene buzokwinjirana+. Kanura amaso yawe, uzoheza uronke ibifungurwa* bihagije+. 14  Umuguzi avuga ngo: «Si ciza, si ciza na gato!»,ariko yamara kurengana akagenda arigamba+. 15  Hariho inzahabu, hakaba n’amabuye y’agaciro menshi yitwa korali*,ariko iminwa ivuga ivy’ubwenge irabirusha agaciro+. 16  Umuntu niyishinga ingurane y’umuntu atazi, uraca ufata impuzu yiwe+,ariko niyishinga ingurane y’umugore w’igihumbu*, uraca umwaka ingwati+. 17  Umukate ubonetse biciye ku bubeshi uraryohera umuntu,ariko mu nyuma akanwa kiwe kazokwuzura urucekeri+. 18  Iyo habaye ukuja inama* imigambi iraroranirwa*+,kandi ukwiye kurwana intambara yawe wisunze impanuro nziza*+. 19  Umubeshi* agenda aramena ibanga+.Ntukifatanye n’uwukunda kuvuga urusaku*. 20  Uwutuka* se na nyina,itara ryiwe rizozima umwijima ushitse+. 21  Intoranwa umuntu aronse mu nzira mbi,amaherezo nta muhezagiro ayikuramwo+. 22  Ntuvuge ngo: «Nzokwishura umuntu ikibi+ Niwizigire Yehova+, na we azogufasha+. 23  Amabuye y’umunzane asondetse* arashisha Yehova,kandi umunzane wiba si mwiza. 24  Yehova ni we ayobora intambuko z’umuntu+.None umuntu yotahura gute inzira yiwe*? 25  Umuntu aba yiteze umutego iyo yihutiye gusemerera ngo: «Ni ceranda+!», maze akaja gusuzuma indagano yagize mu nyuma+. 26  Umwami aciye ubwenge* aragosora ababisha+,maze akabacishako ikurudumu batonoza intete+. 27  Impemu z’umuntu ni itara rya Yehovarihishura ibiri mu mutima w’umuntu. 28  Urukundo* n’ubwizigirwa ni vyo bizigama umwami+.Urukundo rwiwe ni rwo ashigikiza intebe yiwe y’ubwami+. 29  Ubwiza bw’imisore ni inkomezi zayo+,ubwiza bw’abatama na bwo ni imvi zabo+. 30  Ibipfupfuri n’ibisebe ni vyo bikuraho* ikibi+,kandi inkoni ni zo zityorora ibiri mu mutima w’umuntu.

Utujambo tw'epfo

Canke «ubukerebutsi.»
Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kizorondera mu gihe c’iyimbura mugabo nta co kizoronka.»
Canke «inama.» Mu giheburayo havuga ngo «impanuro.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Canke «ayungurura ibibi vyose.»
Canke «amabuye abiri y’umunzane atandukanye, n’ingero zibiri zo gupimisha zitandukanye.»
Canke «umuhungu.»
Canke «umukate.»
Canke «umunyamahangakazi.»
Canke «uguhanuza.»
Canke «irakomera.»
Canke «wisunze uburongozi bw’ubuhanga.»
Canke «uwambika ibara abandi.»
Canke «uwuryosharyosha abandi n’iminwa yiwe.»
Canke «uwuvuma.»
Canke «amabuye abiri y’umunzane atandukanye.»
Canke «inzira yojana.»
Canke «w’inkerebutsi.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «binyukura.»