Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Noba ngeze kurondera uwo dukundana?

Noba ngeze kurondera uwo dukundana?

 Gukundana n’umuntu ni iki?

  •   Wama usohokana n’umuntu kanaka mudasangiye igitsina. Wovuga ko mukundanye?

  •   Hari umuntu mudasangiye igitsina mwiyumvanamwo. Muguma mwandikiranira ubutumwa canke muvugana kuri telefone kenshi ku musi. Wovuga ko mukundanye?

  •   Igihe cose muhuriye hamwe n’abagenzi, uca wiyegereza wa muntu nyene mudasangiye igitsina. Wovuga ko mukundanye?

 Birashoboka rwose ko bitakugoye kwishura ikibazo ca mbere. Ariko ushobora kuba wabanje gufata akanya kugira wishure ica kabiri n’ica gatatu. None neza na neza ugukundana ni iki?

 Mu bisanzwe, gukundana n’umuntu ni ukuba mufitaniye imigenderanire y’ivy’urukundo kandi mukaba mwiyumvanamwo bimwe bidasanzwe.

 Rero, inyishu kuri ivyo bibazo bitatu vyose ni ego. Nimba ufise umugenzi mudasangiye igitsina wiyumvamwo na we akakwiyumvamwo kandi mukama muyaga kuri telefone canke amaso mu yandi, haba ku mugaragaro canke mw’ibanga, muba mukundanye.

 Gukundana n’umuntu bifise intumbero iyihe?

 Gukundana n’uwo mudasangiye igitsina bikwiye kuba bifise intumbero iteye iteka, ni ukuvuga gufasha umusore n’inkumi kumenya ko bashaka kwubakana koko.

 Ego ni ko, bamwebamwe mu runganwe rwawe boshobora kudafatana uburemere ico kintu. Hari aho boba baryoherwa gusa no kuba bari kumwe n’umugenzi adasanzwe badasangiye igitsina, ata ntumbero namba yo kwubakana bafise. Hari n’aboshobora kubona mwene uwo mugenzi nk’igisharizo gusa co kuryako ifyeri mu bantu kugira babemere.

 Ariko rero akenshi, ubucuti mwene ubwo budafashe bumara umwanya urume rumara. Umwigeme yitwa Alice avuga ati: “Abakiri bato benshi baja mu vyo gukundana baca bahebana mu ndwi imwe canke zibiri. Babona ko ubucuti mwene ubwo ari ubw’akanya gato, ivyo akaba ari nk’aho bibategurira kwahukana aho kubategurira kwubaka urwabo.”

 Mu vy’ukuri, igihe ukundanye n’umuntu, biragira ico bikoze ku nyiyumvo ziwe. Ni co gituma ukwiye kwiyemeza neza ko umukunda ufise intumbero iteye iteka.—Luka 6:31.

Ugiye mu vyo gukundana ata mugambi ufise wo kwubaka, uba umeze nk’umwana akinisha agakinisho gashasha mu nyuma agaca agata

 Zirikana gatoyi: Woba woshima ko umuntu akinisha inyiyumvo zawe nka kurya umwana akinisha agakinisho umwanya mutoyi, bidatevye agaca agaheba? Nawe rero ntihagire uwo ubigirira! Bibiliya ivuga ko urukundo ‘rutigenza ukutabereye.’—1 Abakorinto 13:4, 5.

 Uwukiri muto yitwa Cynthia avuga ati: “Hari igihe niyumvira ko gukundana n’umuntu ari ukwikinira gusa, ariko ntikuba ari ukwikinira namba igihe umwe abifatana uburemere uwundi na we akabifata minenegwe.”

  Impanuro: Kugira witegurire kurondera uwo mukundana no kwubaka urwawe, soma 2 Petero 1:5-7 maze uhitemwo kamere imwe ukeneye kuryohora. Haciye ukwezi, nurabe ivyo umaze kumenya ku bijanye n’iyo kamere n’aho ugejeje mu kuyiryohora.

 Noba ngeze kurondera uwo dukundana?

  •    Wibaza ko umuntu akwiye gutangura kurondera uwo bakundana ku myaka ingahe?

  •    Ubu na ho baza ico kibazo nyene umwe mu bavyeyi bawe.

 Hari aho inyishu yawe yoba itandukanye n’iy’umuvyeyi wawe. Canke na ho ugasanga si ko biri! Ushobora kuba uri umwe mu bakiri bato benshi b’inkerebutsi baba barabangiriye kurondera uwo bakundana gushika bamaze gukura bihagije ku buryo bimenya neza.

 Ivyo ni vyo uwitwa Danielle w’imyaka 17 yahisemwo gukora. Avuga ati: “Mu myaka ibiri iheze, ivyo nari kurondera mu wo twokwubakana vyari bitandukanye cane n’ivyo nomuronderamwo ubu. Mvugishije ukuri, n’ubu numva ntariyizigira ku buryo nofata iyo ngingo. Ninabona ivyiyumviro vyanje bimaze imyaka nk’ingahe bidahindagurika, nzoheza niyumvire ivyo kurondera uwo dukundana.”

v Hariho iyindi mpamvu ituma kurindira biba ibiranga ubukerebutsi. Bibiliya ikoresha imvugo ngo “ishurika ry’ubuto” mu kudondora ikiringo inyiyumvo mu vy’igitsina no mu vy’urukundo zitangura kuba izikomeye. (1 Abakorinto 7:36) Kubandanya mufitaniye ubucuti bwa hafi n’umuntu kanaka mudasangiye igitsina kandi ukiri muri ico kiringo vyoshobora gutuma ivyipfuzo birurumba, bigatuma ugwa mu nyifato mbi.

 Ego ni ko, hari aho wosanga ivyo ata co bitwaye ku bo mu runganwe rwawe. Abenshi muri bo usanga bashashaye cane kuryamana n’abo badasangiye igitsina. Ariko rero, urashobora kurengera ivyiyumviro mwene ivyo! (Abaroma 12:2) Nkako, Bibiliya iguhimiriza ‘guhunga ubusambanyi.’ (1 Abakorinto 6:18) Urindiriye gushika urenganye ishurika ry’ubuto, urashobora ‘kwigiza ivyago kure’ yawe.—Umusiguzi 11:10.

 Kubera iki worindira?

 Gushirwako umukazo ngo ukundane n’umuntu hataragera ni nko guhatwa ngo ukore ikibazo cerekeye icigwa ari ho ugitangura kuciga. Birumvikana ko ako koba ari akarenganyo! Urakeneye umwanya wo kwiga ico cigwa kugira ngo umenye ibintu ushobora kuzobazwa muri ico kibazo.

 No gukundana n’umuntu ni ko bimeze.

 Si ikintu co gufyinisha. Ku bw’ivyo, imbere y’uko utangura gukundana n’umuntu kanaka, urakeneye gufata umwanya wo kwiga icigwa gihambaye cane co kugiranira ubugenzi n’abandi.

 Mu nyuma, niwaronka uwo muberanye, uzoba ushoboye kugiranira na we ubucuti buramba. Nakare umubano w’abubakanye mwiza uba ugizwe n’abantu babiri bakundana vy’ukuri.

 Kuba uratenyenye ntibizokubuza umwidegemvyo. Ahubwo nyabuna bizotuma urushiriza kugira umwidegemvyo wo ‘kunezerwa mu buto bwawe.’ (Umusiguzi 11:9) Vyongeye, bizotuma uronka umwanya wo kwitegura mu kuryohora kamere zawe. Igihambaye kuruta, bizotuma ukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana.—Gucura intimba 3:27.

 Mu kurindira, urashobora guhimbarwa no kwifatanya n’abo mudasangiye igitsina. None uburyo bwiza bwo kubigira ni ubuhe? Niwifatanye na bo muri mu migwi irimwo abahungu n’abakobwa kandi icungerewe neza. Umwigeme yitwa Tammy avuga ati: “Nibaza ko ari ho biryoshe kuruta. Ni vyiza kugira abagenzi benshi.” Monika ivyo aravyemera. Avuga ati: “Guhurira hamwe mu mugwi ni vyiza cane kubera ko bituma ubonana n’abantu bafise kamere zitandukanye.”

 Ariko rero, niwatangura ivyo gukundana n’umuntu hataragera, uzoba uriko urikwegera kuvunika umutima. Ntiwihutagize rero. Nukoreshe iyo myaka urimwo mu kwiga kugiranira ubugenzi n’abandi no kubukomeza. Mu nyuma, niwashima kurondera uwo mukundana, uzoba uzi neza uko umeze be n’ico uzoba witeze kuri uwo muntu ushaka ko mubana ubuzima bwose.