Itanguriro 14:1-24

  • Aburamu arokora Loti (1-16)

  • Melekisedeki ahezagira Aburamu (17-24)

14  Ico gihe, Amurafeli umwami wa Shinari+, Ariyoki umwami wa Elasari, Kedolawomeri+ umwami wa Elamu+ na Tidali umwami wa Goyimu,  baja gutera Bera umwami wa Sodomu+, Birisha umwami wa Gomora+, Shinabu umwami wa Adima, Shemeberi umwami wa Zeboyimu+ n’umwami wa Bela ari yo Zowari.  Bose bakoraniriza abasoda babo mu kiyaya* ca Sidimu+, ari ho hitwa kandi ikiyaga c’Umunyu+.  Bari bamaze imyaka 12 baganzwa na Kedolawomeri ariko mu mwaka ugira 13 baramugarariza.  Mu mwaka ugira 14, Kedolawomeri n’abami bari kumwe na we baca baraza kubatera, batsindira Abarefayimu i Ashiteroti-Karunayimu, Abazuzimu babatsindira i Hamu, Abemimu+ babatsindira i Shave-Kiriyatayimu,  Abahori+ na bo babatsindira ku musozi wabo Seyiri+ gushika i Eli-Parani hafi y’ubugaragwa.  Hanyuma baragaruka, bashika i Eni-Mishipati ari ho Kadeshi+ maze bigarurira akarere kose k’Abamaleki+ bongera batsinda Abamori+ baba i Hazazoni-Tamari+.  Nuko umwami wa Sodomu, uwa Gomora, uwa Adima, uwa Zeboyimu n’uwa Bela ari yo Zowari, baca baja* mu kiyaya ca Sidimu  kugira barwane na Kedolawomeri umwami wa Elamu, Tidali umwami wa Goyimu, Amurafeli umwami wa Shinari na Ariyoki umwami wa Elasari+: abami bane kuri batanu. 10  Ico gihe ikiyaya ca Sidimu cari cuzuyemwo ibinogo vy’ikaburimbi. Umwami wa Sodomu n’uwa Gomora baca babigwamwo bariko barahunga, abasigaye na bo bahungira mu misozi. 11  Abatahukanye intsinzi baca bafata ibintu vyose vy’i Sodomu n’i Gomora n’ibifungurwa vyaho vyose barigira+. 12  Batwara na Loti umuhungu wa mwenewabo na Aburamu yaba i Sodomu+ n’ivyo yari atunze, maze babandanya urugendo. 13  Inyuma y’ivyo, umuntu yari yahunze araza abibwira Aburamu Umuheburayo. Ico gihe yaba mu biti binini vya Mamure Umwamori+, mwenewabo na Eshikoli na Aneri+. Abo bagabo bari bifatanije na Aburamu. 14  Aburamu rero yumva ko incuti yiwe+ yari yagizwe imbohe. Aca akoranya abantu biwe bigishijwe kurwana, abashumba 318 bavukiye mu rugo rwiwe maze arabakurikira gushika i Dani+. 15  Ahengera mw’ijoro maze agabura abantu biwe mu migwi, araheza atera abo bami ari kumwe n’abashumba biwe kandi arabatsinda. Arabakurikira gushika i Hoba mu buraruko bwa Damasiko. 16  Agarura ibintu vyose, agarura na Loti incuti yiwe, ibintu vyiwe, abagore bari bagizwe imbohe hamwe n’abandi bantu. 17  Aburamu agarutse avuye gutsinda Kedolawomeri n’abami bari kumwe na we, umwami wa Sodomu aca aza kumusanganira mu kiyaya ca Shave, ari co kiyaya c’Umwami+. 18  Melekisedeki+ umwami wa Salemu+ na we amuzanira umukate n’umuvinyu. Yari umuherezi w’Imana Musumbavyose+. 19  Maze aramuhezagira, avuga ati: «Uragahezagirwa n’Imana Musumbavyose,yo yaremye ijuru n’isi. 20  Hashemezwe kandi Imana Musumbavyose,yo yatumye utsinda abansi bawe!» Aburamu aca amuha ic’icumi c’ivyo yari yagaruje vyose+. 21  Inyuma y’ivyo, umwami wa Sodomu abwira Aburamu ati: «Jewe mpa abantu, nawe utware ibintu.» 22  Ariko Aburamu amwishura ati: «Ndakurahiye Yehova Imana Musumbavyose, we yaremye ijuru n’isi. 23  Nta kintu na kimwe ntwara mu bintu vyawe, naho rwoba urunyuzi canke umugozi w’ikirato*, kugira ntuzohave uvuga ngo: “Ni jewe natungishije Aburamu.” 24  Nta kindi ntwara uretse ivyo abantu banje bamaze kurya. Ariko abagabo twajanye, ni ukuvuga Aneri, Eshikoli na Mamure+, nibatore imigabane yabo.»

Utujambo tw'epfo

Canke «mu mwonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «batonda urugamba.»
Canke «isandari.»