Abakorinto ba mbere 3:1-23

  • Abakorinto baracari ab’umubiri (1-4)

  • Imana ni yo ikuza (5-9)

    • Abakozi bakorana n’Imana (9)

  • Mwubakishe ibikoresho birinda umuriro (10-15)

  • Muri urusengero rw’Imana (16, 17)

  • Ubukerebutsi bw’isi ni ubupfu ku Mana (18-23)

3  Nuko rero bavukanyi, sinashoboye kubabwira nk’uwubwira abantu b’impwemu+. Nababwiye nk’uwubwira abantu b’umubiri, nk’uwubwira inzoya+ muri Kristu.  Nabagaburiye amata, sinabagaburiye ivyo kurya bigumye, kuko mutari bwakomere bihagije. Mbere n’ubu ntimukomeye bihagije+,  kuko mukiri ab’umubiri+. None ko hari ishari n’imiryano muri mwebwe, mwumva mutari ab’umubiri+? Mwumva mutigenza nk’uko abantu bigenza?  None ko umwe avuga ngo «ndi uwa Pawulo», uwundi ngo «ndi uwa Apolo+», mwumva mutariko mwigenza nk’abantu buntu?  None Apolo ni iki? Pawulo we ni iki? Ni abasuku+ vyaciyeko kugira mube abemera, nk’uko umwe wese yabihawe n’Umukama.  Jewe narateye+, Apolo aravomera+, mugabo Imana ni yo yaguma ikuza.  Rero yaba uwutera canke uwuvomera si bo bahambaye, ahubwo ni Imana yo ikuza+.  Uwutera n’uwuvomera ni bamwe*, mugabo umwe wese azoronka impembo bivanye n’igikorwa yakoze+.  Kuko turi abakozi bakorana n’Imana. Muri itongo ry’Imana ririko rirarimwa, muri inyubakwa y’Imana+. 10  Biciye ku buntu buhebuje* Imana yangiriye, narashinze umushinge+ nk’umwubatsi akomeye w’umuhanga*, mugabo uwundi muntu ariko arawubakako. Ariko umwe wese nagume araba neza ingene awubakako. 11  Kuko ata n’umwe ashobora gushinga uwundi mushinge kiretse uwashinzwe, ari wo Yezu Kristu+. 12  Nitwawubakako rero dukoresheje inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro, ibiti, ubwatsi canke ibishakara, 13  igikorwa c’umwe wese kizoboneka uko kimeze*, kuko wa musi uzocerekana. Kizohishurwa biciye ku muriro+ kandi uwo muriro nyene uzokwerekana igikorwa c’umwe wese uko kimeze. 14  Ico umuntu yubatse kuri uwo mushinge nicarama, azoronka impera. 15  Ico umuntu yubatse nicasha, azohomba, ariko we ubwiwe azokira. Yamara nivyaba gutyo, ni nk’aho azoba yokowe mu muriro. 16  Ntimuzi yuko mwebwe muri urusengero rw’Imana+, be n’uko impwemu y’Imana iba muri mwebwe+? 17  Nihagira umuntu asambura urusengero rw’Imana, Imana izomusambura, kuko urusengero rw’Imana ari rweranda, kandi urwo rusengero ni mwebwe+. 18  Ntihagire uwihenda: nimba muri mwebwe hari uwiyumvira ko ari inkerebutsi muri iyi si*, nabe igipfu kugira abone gucika inkerebutsi. 19  Kuko ubukerebutsi bw’iyi si ari ubupfu ku Mana. Nakare vyanditswe ngo: «Ifatira abanyabwenge mu rwenge rwabo+ 20  Vyanditswe kandi ngo: «Yehova* arazi yuko ivyiyumviro vy’inkerebutsi ata co bimaze+ 21  Ntihagire rero n’umwe yiratira abantu, kuko ibintu vyose ari ivyanyu. 22  Yaba Pawulo canke Apolo canke Kefa*+, canke isi canke ubuzima canke urupfu, canke ibiriho ubu canke ibizoza, vyose ni ivyanyu. 23  Namwe muri aba Kristu+, Kristu na we ni uw’Imana.

Utujambo tw'epfo

Canke «bafise umugambi umwe.»
Canke «nk’umuyobozi w’ibikorwa w’inkerebutsi.»
Mu kigiriki havuga ngo «kizoshirwa ahabona.»
Canke «muri iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Yitwa kandi Petero.