Timoteyo wa mbere 3:1-16

  • Ibisabwa abahagarikizi b’ishengero (1-7)

  • Ibisabwa abakozi b’ishengero (8-13)

  • Ibanga ryeranda rijanye n’ukwihebera Imana (14-16)

3  Iri jambo ni iryo kwizigirwa: umuntu arondeye kuba* umuhagarikizi* w’ishengero+, aba yipfuje igikorwa ciza.  Umuhagarikizi w’ishengero akwiye rero kuba ata co anegurwa, ari umugabo afise umugore umwe, atarenza urugero mu ngeso ziwe, yiyumvira neza*+, umunyarutonde, umwakiranyi+, ashoboye kwigisha+,  ataborerwa+, atarwana. Ahubwo akwiye kuba umuntu atadadaza*+, adakunda amahane+, atari inkunzi y’amahera+,  ahagarikira* neza urugo rwiwe, afise abana bayoboka ata gufyina namba+.  (Nakare nimba umuntu atazi guhagarikira* urugo rwiwe, yokwitwararika gute ishengero ry’Imana?)  Ntakwiye kuba umuntu yizeye vuba+ kugira ntahave yivyimvya, agacirwa urubanza nk’urwaciriwe Shetani*.  Akwiye kandi kuba avugwa neza* n’abantu bo hanze y’ishengero+ kugira ntajeko umugayo* canke ngo agwe mu mutego wa Shetani*.  Abakozi b’ishengero na bo nyene bakwiye kuba abantu badafyina, badafise indimi zibiri*, batarenza urugero mu kunywa umuvinyu, batanohokera inyungu mbi+,  bagumya ibanga ryeranda ry’ukwizera bari n’ijwi ryo mu mutima ridahumanye+. 10  Vyongeye, nibabanze kugezwa kugira birabwe ko babereye*, baheze bemererwe kuba abakozi b’ishengero mu gihe ata co baregwa+. 11  Abagore na bo nyene bakwiye kuba abantu badafyina, batambika ibara abandi+, batarenza urugero mu ngeso zabo, bizigirwa muri vyose+. 12  Umukozi w’ishengero akwiye kuba ari umugabo afise umugore umwe, ahagarikira neza abana biwe n’urugo rwiwe. 13  Kuko abagabo bakora neza bituma bagira impagararo nziza kandi bakavugana umwidegemvyo mwinshi mu bijanye n’ukwizera bafise kwerekeye Kristu Yezu. 14  Ndakwandikiye ivyo bintu, naho nizigiye kuza iyo uri vuba, 15  kugira ngo bishitse ngateba, umenye ingene ubwirizwa kwigenza mu rugo rw’Imana+, ni ukuvuga ishengero rya ya Mana nzima, rukaba ari inkingi n’urwego bishigikiye ukuri. 16  Vy’ukuri, ibanga ryeranda rijanye n’uku kwihebera Imana nta woharira ko rikomeye: “Yerekanywe* mu mubiri+, yitwa umugororotsi mu mpwemu+, abonekera abamarayika+, yamamazwa mu mahanga+, mw’isi baramwizera+, yakirwa mw’ijuru mu buninahazwa.”

Utujambo tw'epfo

Canke «yipfuje gushikira ibanga ryo kuba.»
Canke «umucungezi.»
Canke «afise ubwenge buroranye.»
Canke «akora ibitegereka», «atumira ku vyiyumviro vyiwe», «atarenza urugero.»
Canke «ayobora.»
Canke «kuyobora.»
Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Mu kigiriki havuga ngo «wa wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «iceyi.»
Mu kigiriki havuga ngo «ashingirwa intahe nziza.»
Canke «batabesha.»
Canke «ko bakwije ibisabwa.»
Ni ukuvuga Yezu.