Zaburi 32:1-11

  • Hahiriwe umuntu Imana ihariye

    • «Narakwaturiye igicumuro canje» (5)

    • Imana izogucisha ubwenge (8)

Ni indirimbo* ya Dawidi. 32  Hahiriwe umuntu Imana ihariye ikosa ryiwe, igapfuka* igicumuro ciwe+.   Hahiriwe umuntu Yehova adaharurako icaha+,kandi atiyumvira ibinyoma mu mutima wiwe.   Igihe naguma ncereje, amagufa yanje yarashize kubera nirirwa ndaniha+.   Ukuboko kwawe* kwaguma kundemera+ ijoro n’umurango. Utuguvu twanje twaratumutse nk’amazi atumurwa n’ubushuhe bwo mu ci. (Sela*)   Nahavuye ndakwaturira igicumuro canje.Sinanyegeje ikosa ryanje+. Navuze nti: «Nzokwaturira amakosa yanje Yehova+ Nawe warahariye ikosa ryanje n’ibicumuro vyanje+. (Sela)   Ku bw’ivyo, abantu bose b’intahemuka bazogusenga+igihe ugishobora kuboneka+. Mbere n’amazi y’umwuzurira ntazobashikira.   Uri ubuhungiro bwanjekandi uzondinda amaganya+. Uzonkikuza indirimbo zo kwigina ubukiriro utanga+. (Sela)   Wambwiye uti: «Nzogucisha ubwenge*, nkwigishe inzira ukwiye gucamwo+. Nzokugira inama, ndakugumizeko ijisho+.   Ntumere nk’ifarasi canke indogobwa* bitagira ubwenge*+,ivyo babanza kubohesha imigozi* kugira bitekane,imbere y’uko vyegera umuntu.» 10  Ababisha bagira imibabaro myinshi,ariko abizigira Yehova bakikujwe n’urukundo* rwiwe+. 11  Nimuhimbarwe kubera Yehova kandi munezerwe, yemwe bagororotsi.Nimuvuze impundu, mwese ab’umutima ugororotse!

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
Canke «ikababarira.»
Canke «ishavu ryawe.»
Canke «nzoguha ugutahura kwimbitse.»
Canke «inyumpu.» Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.
Canke «ugutegera.»
Canke «imijiginya.» Ni imigozi bambika ifarasi kugira bayiyobore. Iyo migozi iba iboheye ku kuma bacisha mu kanwa k’ifarasi.
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»