Zaburi 32:1-11
Ni indirimbo* ya Dawidi.
32 Hahiriwe umuntu Imana ihariye ikosa ryiwe, igapfuka* igicumuro ciwe+.
2 Hahiriwe umuntu Yehova adaharurako icaha+,kandi atiyumvira ibinyoma mu mutima wiwe.
3 Igihe naguma ncereje, amagufa yanje yarashize kubera nirirwa ndaniha+.
4 Ukuboko kwawe* kwaguma kundemera+ ijoro n’umurango.
Utuguvu twanje twaratumutse nk’amazi atumurwa n’ubushuhe bwo mu ci. (Sela*)
5 Nahavuye ndakwaturira igicumuro canje.Sinanyegeje ikosa ryanje+.
Navuze nti: «Nzokwaturira amakosa yanje Yehova+.»
Nawe warahariye ikosa ryanje n’ibicumuro vyanje+. (Sela)
6 Ku bw’ivyo, abantu bose b’intahemuka bazogusenga+igihe ugishobora kuboneka+.
Mbere n’amazi y’umwuzurira ntazobashikira.
7 Uri ubuhungiro bwanjekandi uzondinda amaganya+.
Uzonkikuza indirimbo zo kwigina ubukiriro utanga+. (Sela)
8 Wambwiye uti: «Nzogucisha ubwenge*, nkwigishe inzira ukwiye gucamwo+.
Nzokugira inama, ndakugumizeko ijisho+.
9 Ntumere nk’ifarasi canke indogobwa* bitagira ubwenge*+,ivyo babanza kubohesha imigozi* kugira bitekane,imbere y’uko vyegera umuntu.»
10 Ababisha bagira imibabaro myinshi,ariko abizigira Yehova bakikujwe n’urukundo* rwiwe+.
11 Nimuhimbarwe kubera Yehova kandi munezerwe, yemwe bagororotsi.Nimuvuze impundu, mwese ab’umutima ugororotse!
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
^ Canke «ikababarira.»
^ Canke «ishavu ryawe.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «nzoguha ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «inyumpu.» Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.
^ Canke «ugutegera.»
^ Canke «imijiginya.» Ni imigozi bambika ifarasi kugira bayiyobore. Iyo migozi iba iboheye ku kuma bacisha mu kanwa k’ifarasi.
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»