Matayo 16:1-28

  • Abafarizayo n’Abasadukayo basaba ikimenyetso (1-4)

  • Umwambiro w’Abafarizayo n’Abasadukayo (5-12)

  • Impfunguruzo z’Ubwami (13-20)

    • Ishengero rizokwubakwa ku gitandara (18)

  • Yezu amenyesha ibijanye n’urupfu rwiwe (21-23)

  • Ivyo abigishwa b’ukuri basabwa (24-28)

16  Abafarizayo n’Abasadukayo bamusanga ng’aho, baramwegera maze bamusaba ikimenyetso kivuye mw’ijuru+ kugira bamugerageze.  Na we abishura ati: «Iyo bugorovye muvuga muti: “Hazozinduka hakeye, kuko ijuru ritukura.”  Mu gitondo na ho mukavuga muti: “Uno musi haraza gukanya kandi imvura iraza kugwa, kuko ijuru ritukura ariko rikaba ririmwo ibicu.” Muravye ukuntu ikirere cifashe, muratahura ico bisobanura. Ariko ibimenyetso vy’ibihe ntimutahura insobanuro yavyo.  Urunganwe* rw’abantu babi kandi b’ibihemu* ruguma rurondera ikimenyetso, ariko nta kindi kimenyetso ruzohabwa+ atari ikimenyetso ca Yona+.» Aca abasiga ng’aho arigira.  Abigishwa baca barajabuka ku yindi nkengera y’ikiyaga, ariko basanga bibagiye kwitwaza imikate+.  Yezu aca ababwira ati: «Mugume muri maso, mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo n’Abasadukayo+  Baca batangura kuvugana hagati yabo bati: «Twibagiye kuzana imikate.»  Yezu arabimenya, aca ababwira ati: «Kubera iki muharira ngo nta mikate mwazanye, ga mwa bantu b’ukwizera guke?  Mbega n’ubu ntimuratahura? Ntimwibuka ya mikate itanu yagaburirwa abagabo 5.000, hamwe n’ibiseke mwegeranije+? 10  Canke ntimwibuka ya mikate indwi yagaburirwa abagabo 4.000, hamwe n’ibiseke* bininibinini mwegeranije+? 11  Kubera iki mutatahuye ko ntababwiye imikate? Nimwiyubare umwambiro w’Abafarizayo n’Abasadukayo+ 12  Baca batahura ko atababwiye kwiyubara umwambiro w’imikate, ahubwo ko bokwiyubara inyigisho z’Abafarizayo n’Abasadukayo. 13  Yezu rero amaze gushika mu karere ka Sezariya ya Filipo, abaza abigishwa biwe ati: «Abantu bavuga ko Umwana w’umuntu ari nde+ 14  Bamwishura bati: «Bamwe bavuga ngo ni “Yohani Umubatizi+”, abandi ngo ni “Eliya+”, abandi na bo ngo ni “Yeremiya” canke “umwe mu bahanuzi”.» 15  Aca ababaza ati: «Mweho muvuga ko ndi nde?» 16  Simoni Petero amwishura ati: «Uri Kristu+, Umwana w’Imana nzima+ 17  Yezu aca amubwira ati: «Urahiriwe Simoni mwene Yona, kuko atari umuntu* yabiguhishuriye. Ahubwo Dawe ari mw’ijuru ni we yabiguhishuriye+. 18  Vyongeye, ndakubwiye nti: Uri Petero+, kandi kuri iki gitandara+ nzohubaka ishengero ryanje, kandi ukuzimu ntikuzorinesha. 19  Nzoguha impfunguruzo z’Ubwami bwo mw’ijuru. Ikintu cose uzoboha kw’isi kizoba camaze kubohwa mw’ijuru, kandi ikintu cose uzobohora kw’isi kizoba camaze kubohorwa mw’ijuru.» 20  Aca arihanikiriza abigishwa biwe ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ko ari Kristu+. 21  Kuva ico gihe, Yezu atangura gusigurira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yeruzalemu, agashikirwa n’imibabaro myinshi kubera abashingantahe, abakuru b’abaherezi n’abanditsi, hanyuma akicwa maze akazurwa ku musi ugira gatatu+. 22  Petero aca aramwihereranya, atangura kumukarira ati: «Ntibikabe* Mukama! Ivyo bintu ntibizogenda bigushikiye+ 23  Aca aha umugongo Petero, amubwira ati: «Ja inyuma yanje Shetani! Uri igitsitaza kuri jewe, kuko utiyumvira ivyiyumviro vy’Imana, ahubwo wiyumvira ivy’abantu+ 24  Maze Yezu abwira abigishwa biwe ati: «Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke, yikorere igiti ciwe co kubabarizwako* hanyuma agume ankurikira+. 25  Kuko uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura, ariko uwubuheba kubera jewe azoburokora+. 26  Mu vy’ukuri, bimaze iki kwunguka isi yose ariko ukahasiga ubuzima+? Canke umuntu yotanga iki kugira arokore ubuzima bwiwe+? 27  Kuko Umwana w’umuntu ategerezwa kuza mu buninahazwa bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, kandi azokwishura umwe wese ibihuye n’inyifato yiwe+. 28  Ni ukuri, ndababwiye ko bamwe mu bari ng’aha batazogenda bapfuye* batabanje kubona Umwana w’umuntu aza mu Bwami bwiwe+

Utujambo tw'epfo

Canke «iyaruka.»
Canke «barenga ibigo.»
Canke «ibiseke vy’ibifungurwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «atari inyama n’amaraso.»
Canke «ibabarire.»
Mu kigiriki havuga ngo «batazogenda bahonjeje urupfu.»