Zaburi 15:1-5

  • Ni nde yoba umushitsi mw’ihema rya Yehova?

    • Ni uwuvuga ukuri mu mutima wiwe (2)

    • Ntabeshera abandi (3)

    • Arashitsa isezerano naho vyomugirira nabi (4)

Ni zaburi ya Dawidi. 15  Ewe Yehova, ni nde yoba umushitsi mw’ihema ryawe? Ni nde yoba ku musozi wawe mweranda+?  2  Ni umuntu w’intungane*+,akora ibigororotse+kandi avuga ukuri mu mutima wiwe+.  3  Ntakoresha ururimi rwiwe mu kubeshera abandi+,nta kibi na kimwe akorera mugenziwe+kandi ntasiga iceyi* abagenzi biwe+.  4  Ntiyerekwa umuntu wese afise inyifato igayitse+,ariko atera iteka abatinya Yehova. Ntareka gushitsa ivyo yasezeranye* naho vyomugirira nabi+.  5  Ntasaba inyungu ku ngurane atanze+,kandi ntarya igiturire co gucinyiza intungane+. Umuntu nk’uwo ntazokwigera anyiganyizwa*+.

Utujambo tw'epfo

^ Canke «agendera mu gutungana.»
^ Canke «ntamaramaza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ntareka gushitsa indahiro yiwe.»
^ Canke «ntazokwigera acumbagira (adandabagirana).»