Zaburi 15:1-5
Ni zaburi ya Dawidi.
15 Ewe Yehova, ni nde yoba umushitsi mw’ihema ryawe?
Ni nde yoba ku musozi wawe mweranda+?
2 Ni umuntu w’intungane*+,akora ibigororotse+kandi avuga ukuri mu mutima wiwe+.
3 Ntakoresha ururimi rwiwe mu kubeshera abandi+,nta kibi na kimwe akorera mugenziwe+kandi ntasiga iceyi* abagenzi biwe+.
4 Ntiyerekwa umuntu wese afise inyifato igayitse+,ariko atera iteka abatinya Yehova.
Ntareka gushitsa ivyo yasezeranye* naho vyomugirira nabi+.
5 Ntasaba inyungu ku ngurane atanze+,kandi ntarya igiturire co gucinyiza intungane+.
Umuntu nk’uwo ntazokwigera anyiganyizwa*+.

