Ikirundi
Ntwarante
/assets/ct/fa815d8e9f/images/syn_placeholder_sqr.png
es26 rup. 26-36

Ntwarante

Ku wa mungu, 1 Ntwarante

Ntwarante

Umuntu apfuye aba akuweko ibicumuro vyiwe.—Rom. 6:7.

Bibiliya iravuga abantu bari bagororotse mugabo mu nyuma bakoze ibitagororotse. Umwe muri bo ni umwami Salomo. Yari azi neza inzira za Yehova, kandi Yehova yaramuhezagiye cane. Naho ari ukwo, yahavuye aheba Yehova maze atangura gusenga imana z’ikinyoma. Ivyo vyarababaje cane Yehova vyongera bikwegera ihanga rya Isirayeli ingorane zamaze ibinjana n’ibindi. Ni ivy’ukuri ko Bibiliya ivuga ko igihe Salomo yapfa yahambwe hamwe na ba sekuruza biwe, ushizemwo na Dawidi wa mwami w’intahemuka. (1 Abm. 11:​5-9, 43; 2 Abm. 23:13) None kuba yahambwe muri ubwo buryo, coba ari icemeza ko azozuka? Bibiliya nta vyo ivuga. Izuka ni ingabire itangwa na Yehova, ya Mana y’urukundo. Iyo ngabire ayironsa abo yipfuza guha akaryo ko kumukorera ibihe bidahera. (Yobu 14:​13, 14; Yoh. 6:44) Salomo yoba azoronka iyo ngabire? Nta vyo tuzi. Yehova ni we abizi. Ariko ico tuzi, ni uko Yehova azokora ikibereye. w24.05 4 ing. 9

Nzoba umushitsi mw’ihema ryawe ibihe vyose.—Zab. 61:4.

Igihe twiyeguriye Yehova, tuba tubaye abashitsi mw’ihema ryiwe ry’ikigereranyo. Turaronka ibifungurwa vyinshi vyo mu vy’impwemu kandi turifatanya n’abandi bashitsi ba Yehova. Ihema ry’ikigereranyo rya Yehova ntiriri mu karere kanaka gusa. Riri ahantu hose hari abasavyi biwe bamugamburukira. (Ivyah. 21:3) Bite ho ku bantu b’intahemuka bapfuye? Twoba twovuga ko na bo nyene bakiri abashitsi mw’ihema rya Yehova? Ego cane! Uti kubera iki? Kubera Yehova abibuka neza; kuri we ni nk’aho bakiriho. Yezu yavuze ati: «Ivy’uko abapfuye bazurwa, na Musa yarabihishuye muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, igihe yita Yehova “Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo.” Si Imana y’abapfuye, ahubwo ni iy’abazima, kuko bose ari bazima kuri yo.»—Luka 20:​37, 38. w24.06 3 ing. 6-7

Yehova ni inkomezi zanje n’inkinzo yanje.—Zab. 28:7.

Sadoki yagiye i Heburoni atwaye ibigwanisho, yiteguriye urugamba. (1 Ngo. 12:38) Yari yiteguriye kuguma akurikira Dawidi no kurwanya abansi ba Isirayeli. Naho Sadoki ashobora kuba atari umurwanyi karuhariwe, umutima rugabo wowo yari awufise. None umuherezi nka Sadoki, uwo mutima rugabo yawukuye he? Yari azinanyi n’abantu benshi b’intwari kandi b’umutima rugabo. Nta nkeka ko yigiye ku karorero kabo. Nk’akarorero, kuba Dawidi «[yara]yobora Abisirayeli ku rugamba» abigiranye umutima rugabo, vyaratumye Abisirayeli bamushigikira n’umutima wabo wose. (1 Ngo. 11:​1, 2) Dawidi yama yiheka kuri Yehova kugira amufashe gutsinda abansi biwe. (Zab. 138:3) Sadoki kandi yari afise abandi bantu bamubereye akarorero, nka Yehoyada, umuhungu wiwe w’umurwanyi Benaya be n’abandi bakuru 22 b’imiryango bashigikiye Dawidi.—1 Ngo. 11:​22-25; 12:​26-28. w24.07 3 ing. 5-6

[Imana] igira ubuntu kubera ishaka kugufasha ngo wigaye.—Rom. 2:4.

Sawuli w’i Taruso yari umwe mu batoteza abayoboke ba Kristu yivuye inyuma. Abakirisu benshi bashobora kuba babona ko atopfuye ahindutse ngo yigaye. Ariko Yezu wewe si ko yabibona. We na Se barabona kamere nziza Sawuli yari afise. Yezu yavuze ati: «Uwo muntu [ni] igikoresho nitoreye.» (Ivyak. 9:15) Yezu yarahevye akora igitangaro kugira ngo afashe Sawuli kwigaya. (Ivyak. 7:58–8:3; 9:​1-9, 17-20) Sawuli yahavuye amenyekana kw’izina ry’intumwa Pawulo. Amaze kuba umukirisu akenshi yaravuga ingene akenguruka ubuntu n’imbabazi yagiriwe. (1 Tim. 1:​12-15) None igihe Pawulo yumva ibijanye n’ikibazo gikomeye kijanye n’ubusambanyi cari mw’ishengero ry’i Korinto, yagitunganije gute? Ukuntu yagitunganije biratwigisha ingene twokwigana Yehova, turavye ukuntu atoza indero abasavyi biwe abigiranye urukundo akongera akababarira igihe bigaye. w24.08 13 ing. 15-16

Iki ni co catumye Umwana w’Imana aza: ni ukugira asambure ibikorwa vya Shetani.—1 Yoh. 3:8.

Mu binjana n’ibindi, Yehova yagiye arahishura intambwe ku yindi ingene abantu b’abacumuzi bomwiyegereza. Umwana agira kabiri wa Adamu na Eva, ari we Abeli, ni we muntu wa mbere yerekanye ko yizera Yehova, inyuma ya bwa bugarariji bwo muri Edeni. Kubera ko Abeli yakunda Yehova, akaba kandi yipfuza gushimwa na we no kumwiyegereza, yaciye amushikanira ikimazi. Abeli yaratoye imyagazi y’intama yo mu busho bwiwe, ayishikanira Yehova. None Yehova yavyakiriye gute? ‘Yarashimye Abeli n’ishikanwa ryiwe.’ (Ita. 4:4) Yehova yarashimye ibimazi nk’ivyo nyene vyatanzwe n’abandi bantu bamukunda kandi bamwizigira. Aho twovuga nk’ivyatanzwe na Nowa. (Ita. 8:​20, 21) Kuba Yehova yaremeye ivyo bimazi, vyarerekanye ko abantu b’abacumuzi bashobora gushimwa na we no kumwiyegereza. w24.08 3 ing. 5-6

Ibirenge vyanje vyarahatswe guta inzira. Ibirenge vyanje vyarahatswe kunyerera.—Zab. 73:2.

Igihe abandi baturenganije, birashobora kutubabaza cane kandi bikaduca intege. (Umus. 7:7) Abasavyi b’Imana b’intahemuka nka Yobu na Habakuki na bo nyene ivyo vyarabashikiye. (Yobu 6:​2, 3; Hab. 1:​1-3) Naho kwiyumva gutyo ari ibisanzwe, turakwiye kuba maso ku kuntu tuvyifatamwo ntiduhave dusanga twakoze ikintu kitaranga ubukerebutsi bigatuma twunyura ibintu. Igihe tubona ko abaturenganya bataronka igihano bakwiriye, turashobora gutangura kubona ko ata kamaro ko gukora ikibereye. Raba akarorero k’umwanditsi wa zaburi yabona ko ababisha basa n’abaroraniwe kuruta abagororotsi. Yavuze ati: «Ukwo ni ko ababisha bameze, kandi bama bitekaniye.» (Zab. 73:12) Yarababazwa cane n’akarenganyo, kandi akabona ko gukorera Yehova ata co bimaze. Yavuze ati: «Igihe nagerageza kubitahura, vyaranzazaniye cane.»—Zab. 73:​14, 16. w24.11 3 ing. 5-7

Yemwe miryango y’amahanga, nimuhe Yehova ivyo akwiriye. Nimuhe Yehova ivyo akwiriye kubera ubuninahazwa bwiwe n’inkomezi ziwe.—Zab. 96:7.

Turaninahaza Yehova kubera ko tumwubaha cane. Turafise imvo nyinshi zituma tumwubaha. Yehova ni Mushoboravyose, kandi ububasha bwiwe ntibugira urugero. (Zab. 96:​4-7) Ubukerebutsi bwiwe ntangere burabonekera mu vyo yaremye. Ni we yaduhaye ubuzima be n’ivyo dukeneye kugira tubeho. (Ivyah. 4:11) Ni intahemuka. (Ivyah. 15:4) Ivyo akora vyose vyama bigenda neza, kandi yama ashitsa ivyo asezerana. (Yos. 23:14) Ntibitangaje rero kubona umuhanuzi Yeremiya yavuze ku bijanye na Yehova ati: «Mu nkerebutsi zose z’amahanga no mu bwami bwayo bwose, [nta] n’umwe ameze nkawe namba.» (Yer. 10:​6, 7) Vy’ukuri, turafise imvo nyinshi zituma twubaha uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru. Mugabo Yehova ntitumwubaha vyonyene, turanamukunda. N’ikiruta vyose rero, turaninahaza Yehova kubera ko tumukunda cane. w25.01 3 ing. 5-6

Nimukure uwo mubisha muri mwebwe.—1 Kor. 5:13.

Abansi b’Imana baragerageza gutyoza ishirahamwe rya Yehova. Nk’akarorero, twarabonye muri Bibiliya ko Yehova adusaba kuba abantu batyoroye ku mubiri, mu nyifato runtu no mu vy’impwemu. Yehova avuga ko umuntu aguma akora ibintu bibi mugabo ntiyigaye, akwiye gukurwa mw’ishengero. (1 Kor. 5:​11, 12; 6:​9, 10) Turakurikiza iryo tegeko ryo muri Bibiliya. Ariko abaturwanya baragerageza kurifatirako mu kutwagiriza ko tutihanganira abandi, tubacira urubanza be n’uko tutabakunda. Turakwiye kumenya uwuturwanya uwo ari we. Shetani wa Mubesheranyi ni we yihishije inyuma y’ivyo binyoma. Ni «se w’ikinyoma.» (Yoh. 8:44; Ita. 3:​1-5) Turakwiye rero kwitega ko Shetani akoresha abanywanyi biwe kugira ngo batyoze ishirahamwe rya Yehova. w24.04 10-11 ing. 13-14

Ntibizobura kuranguka.—Ezk. 33:33.

Mbere na ya makuba akomeye amaze gutangura, birashoboka ko abantu bamwebamwe nibabona «Babiloni Akomeye» asanganguwe, bazoca bibuka ko Ivyabona vya Yehova bari barabivuze. Bamwebamwe mu bazobona ivyo bintu, boba bazohindura agatima bakizera Yehova? (Ivyah. 17:5) Ivyo nivyashika, bizoba bisa n’ivyabaye mu Misiri mu gihe ca Musa. Niwibuke ko «isinzi rinini ry’abanyamahanga» ryifatanije n’Abisirayeli igihe bava mu Misiri. Bamwe muri bo bashobora kuba batanguye kwizera Yehova igihe bibonera vya vyago cumi Musa yari yaravuze. (Kuv. 12:38) Ibintu nk’ivyo nivyaba Babiloni Akomeye niyasangangurwa, twoba tuzobabara ngo ni uko hari abaje kwifatanya natwe gatoyi imbere y’uko umuhero ushika? Oya nawe nu! Twipfuza kwigana Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, ya «Mana y’imbabazi n’impuhwe, iteba gushavura kandi yuzuye urukundo n’ukuri.»—Kuv. 34:6. w24.05 11 ing. 12-13

Amajambo ngirakamaro . . . ugume uyafata nk’icitegererezo urabirako.—2 Tim. 1:13.

Vyogenda gute hamwe tworeka kwumira kuri ca ‘citegererezo c’amajambo ngirakamaro’? Raba akarorero. Mu kinjana ca mbere, hari abakirisu bakwiragije urukurukuru rw’uko umusi wa Yehova wari umaze gushika. Ayo makuru ashobora kuba yavuye mw’ikete abantu biyumvira ko ryanditswe n’intumwa Pawulo. Abakirisu bamwebamwe b’i Tesalonika, aho gufata umwanya wo gusuzuma ko ari ukuri, baremeye urwo rukurukuru bongera bararukwiragiza. Iyo bibuka ivyo Pawulo yari yarabigishije akiri kumwe na bo, ntibari guhendwa. (2 Tes. 2:​1-5) Pawulo yahanuye abavukanyi biwe kudapfa kwemera ivyo bumvise vyose. Kugira ngo rero abafashe ntibazosubire kugwa muri uwo mutego, yasozereye ikete rya kabiri yandikiye Abatesalonika mu kuvuga ati: «Ng’iyi indamutso yanje jewe Pawulo nanditse n’ukuboko kwanje, kikaba ari ikimenyetso kiranga amakete yanje yose. Ukwo ni ko nandika.»—2 Tes. 3:17. w24.07 11-12 ing. 13-14

Murakeneye ukwihangana.—Heb. 10:36.

Abakirisu b’Abaheburayo bari bakeneye ukwihangana kugira babandanye bakorera Yehova kubera amakuba yari yimirije kubashikira. Naho hari bamwebamwe bashikiwe n’uruhamo rukomeye, abenshi muri bo bamenye ukuri mu kiringo c’amahoro. Rero, intumwa Pawulo yarabibukije ko boshikiwe n’uruhamo rukomeye kuruta be n’uko bari bakwiye kwigana Yezu, bakaguma ari intahemuka gushika ku rupfu. (Heb. 12:4) Kubera ko abantu benshi bariko baracika abakirisu, Abayuda benshi barashavuye baca barondera kubagirira nabi. Imyaka mike imbere y’uko Pawulo yandikira ikete Abaheburayo, Abayuda barenga 40 ‘bararahiye bararengwa, bisabira n’umuvumo yuko ata kintu na kimwe boriye batishe Pawulo.’ (Ivyak. 22:22; 23:​12-14) Naho abakirisu bokwanswe kandi bagahamwa, bari bakeneye kubandanya bikoraniriza hamwe, bamamaza inkuru nziza bongera bakomeza ukwizera kwabo. w24.09 12 ing. 15

[Yezu] abwira nyina wiwe ati: «Wa mugore we, ng’uyo umuhungu wawe!»—Yoh. 19:26.

Yohani yari intumwa Yezu Kristu yakunda cane. (Mat. 10:2) Yohani yaramaranye umwanya munini na Yezu mu gikorwa co kwamamaza. Yariboneye ingene akora ibitangaro kandi ntiyigeze ahemukira Yezu no mu bihe bigoye. Yariboneye Yezu igihe yariko aricwa yongera aramubona amaze kuzuka. Vyongeye, yariboneye ingene ishengero rya gikirisu ryongerekana. Yohani yarabayeho igihe kirekire ku buryo yiboneye ingene inkuru nziza ‘yamamazwa mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru.’ (Kol. 1:23) Igihe Yohani yari yitereye mu myaka, yaratewe agateka ko kwandika ibintu bitangaje ‘yahishuriwe na Yezu Kristu.’ (Ivyah. 1:1) Yaranditse Injili yitirirwa izina ryiwe be n’amakete atatu. Irya gatatu yaryandikiye umukirisu w’intahemuka yitwa Gayo, akaba yamukunda nk’umwana wiwe. (3 Yoh. 1) Ivyo uwo mugabo w’intahemuka yanditse vyararemesheje abayoboke ba Kristu ba kera n’abo muri iki gihe. w24.11 12 ing. 15-16

Namwe bagabo, . . . mubatere iteka.—1 Pet. 3:7.

Umugabo akunda umugore wiwe aramuha agaciro. Amubona nk’ingabire idasanzwe yahawe na Yehova. (Imig. 18:22; 31:10) Ivyo bituma amufatana ubuntu n’icubahiro, mbere no mu muce wo kurangura amabanga y’abubatse. Ntamuhatira kurangura amabanga y’abubatse mu buryo atiyumvamwo, bumutesha icubahiro, canke butuma ijwi ryiwe ryo mu mutima riguma rimwagiriza. Uwo mugabo na we nyene ntiyoshima gukora ibintu vyotuma aguma yiyagiriza imbere ya Yehova. (Ivyak. 24:16) Bagabo, nimumenye neza ko Yehova abona utwigoro twose mugira kugira mutere iteka abagore banyu kandi ko adushima. Niwiyemeze gutera iteka umugore wawe mu kwirinda ibintu vyose bimutesha agaciro, mu kumufatana ubuntu n’icubahiro no mu kumwereka ko umwiyumvamwo. Ivyo niwabikora, uzoba werekanye ko umukunda kandi ko umuha agaciro. Niwatera iteka umugore wawe uzoba ukingiye ubucuti ufitaniye na Yehova, ari na bwo bukomeye kuruta ubundi bwose.—Zab. 25:14. w25.01 13 ing. 17-18

Yaritanze ku bwacu kugira atubohore . . . yongere yihumanurire umugwi w’abantu yagize ikintu kidasanzwe kimwegukira, bafise umwete wo gukora ibikorwa vyiza.—Tito 2:14.

Kimwe mu bintu bituma abasavyi ba Yehova baba abatandukanye n’abiyita abakirisu, ni umwete bafise mu kwamamaza. Ni ibiki none vyodufasha kugumana umwete mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, canke mbere tukawongereza? Kwihweza akarorero ka Yezu birashobora kugira ico bitwigishije ku bijanye no kugira umwete mu ndimiro. Igihe Yezu yari kw’isi, yagumye yamamaza abigiranye umwete. Nkako, uko igihe carengana ni ko yaguma yongereza umwete. Nka kumwe nyene wa mugabo yakorera mu mirima y’imizabibu yamara imyaka itatu agerageza kwitwararika igiti c’umusukoni ariko nticame ikintu na kimwe, ni ko na Yezu yamaze nk’imyaka itatu abwira inkuru nziza Abayuda ariko benshi ntibamwumvirize. Yamara, cokimwe na wa mugabo ataciye ata icizere ku bijanye n’ico giti c’umusukoni, ni ko na Yezu ataciye ata icizere ku bijanye n’abo bantu, canke ngo agabanye umwete mu gikorwa ciwe co kwamamaza. (Luka 13:​6-9) Kugira ico twigiye ku vyo yigishije kandi tukamwigana, birashobora kudufasha kugumana umwete. w25.03 14-15 ing. 1-4

Umunyabwenge akorana ubumenyi.—Imig. 13:16.

Wokora iki hamwe wobona uwo wiyumvira ko abereye yuko mwubakana? Woba ukwiye guca umubwira ko umukunda? Bibiliya ivuga ko umunyabwenge abanza kurondera kumenya ibintu imbere yo kugira ico akoze. Vyoba vyiza rero ubanje gufata umwanya wo kumwihweza mw’ibanga, imbere yo kugira ico umubwiye. None wokwihweza gute uwo muntu mw’ibanga? Igihe muri ku makoraniro canke iyo mwahuriye hamwe n’abandi ku bwo kuryoherwa, woshobora kubona ibintu biguhishurira kamere ziwe, inyifato yiwe, be n’ingene aha agaciro ivy’impwemu. Afise abagenzi bameze gute? Ni ibiki akunda kuvuga? (Luka 6:45) Mwoba muhuje imigambi? Woshobora no kubaza abakurambere b’ishengero arimwo canke abandi bakirisu bahumuye bamuzi neza. (Imig. 20:18) Woshobora kubabaza ingene uwo muntu azwi be na kamere zimuranga. (Rusi 2:11) Igihe uriko urarondera kumenya ibijanye n’uwo muntu, uririnda gukora ibintu vyomubuza amahoro. Ivyo wobigira mu kwirinda kuza uramwiyegereza, kumwinjirira mu buzima canke kurondera kumenya akantu kose kamwerekeye. w24.05 22 ing. 7-8

Nahavuye ndakwaturira igicumuro canje.—Zab. 32:5.

Abakurambere ntibihutira kwiyumvira yuko umucumuzi atazokwigaya. Naho hari abashobora kwigaya ku mubonano wa mbere bagiranira n’abakurambere, hari n’abandi bifata igihe. Ku bw’ivyo rero, abakurambere boshobora gutegekanya kubonana n’umucumuzi incuro zirenze imwe. Hari igihe inyuma y’umubonano wa mbere uwo mukirisu yahuvye yotangura kuzirikana ata gufyina ku vyo abakurambere bamubwiye. Yoshobora guca bugufi akitura Yehova mw’isengesho ngo amubabarire. (Zab. 38:18) Ivyo vyoshobora gutuma asubiye kubonana n’abakurambere, aza yahinduye agatima. Kugira ngo abakurambere bafashe umucumuzi kwigaya, barakeneye kugaragaza impuhwe n’umutima mwiza. Barasenga Yehova bamusaba ngo ahezagire utwigoro bagira, kandi bakizigira ko uwo mukirisu yahuvye azokwikubita agashi akigaya.—2 Tim. 2:​25, 26. w24.08 22-23 ing. 12-13

“Simpimbarwa na gato n’uko hagira umuntu apfa”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Nimwigarure rero mubone kubaho.”—Ezk. 18:32.

Yehova ntiyipfuza ko hagira n’umwe ahona. Yipfuza ko abacumuzi basubiza hamwe na we. (2 Kor. 5:20) Ni co gituma kuva kera na rindi, Yehova yaguma ahimiriza abasavyi biwe baba bamucumuyeko ngo bigaye maze bamugarukeko. Abakurambere barerekana ko bakenguruka iteka batewe ryo gukorana na Yehova, mu kwihatira gufasha abacumuzi kugira ngo bigaye. (Rom. 2:4; 1 Kor. 3:9) Iyumvire umunezero uba mw’ijuru igihe umucumuzi yigaye! Umuvyeyi wacu Yehova ubwiwe aranezerwa igihe cose imwe mu ntama ziwe zazimiye igarutse mw’ishengero. Urukundo dukunda uwo Muvyeyi wacu rurarushiriza gukomera igihe tuzirikanye ku mpuhwe ziwe, ku mbabazi ziwe no ku buntu bwiwe buhebuje.—Luka 1:78. w24.08 31 ing. 16-17

Yezu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamugire umwami, aca asubira ku musozi ari wenyene.—Yoh. 6:15.

Iyo Yezu yemera ko abantu bamugira umwami, yari kuba yisutse mu vya politike y’Abayuda batwarwa n’Abaroma. Yezu yaciye ‘yisubirira ku musozi.’ Naho rero abandi bariko baramuhata, ntiyisutse mu vya politike. Mbega icigwa gihambaye yadusigiye! Ego ni ko nta bazodusaba kugwiza imikate, gukiza abantu ku gitangaro, canke ngo badusabe kubabera umwami canke umukuru w’igihugu. Ariko rero boshobora kudukwegakwegera mu vya politike, mu kuduhimiriza gutora canke gushigikira umuntu babona ko azohindura ibintu. Ariko akarorero Yezu yadusigiye karatomoye. Yaranse kwisuka mu vya politike. Mbere yahavuye avuga ati: «Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.» (Yoh. 17:14; 18:36) Twebwe abakirisu muri iki gihe, turakwiye kwigana ako karorero Yezu yadusigiye. Cokimwe na Yezu, turashigikira Ubwami bw’Imana, tukabubwira abandi tukongera tugasenga tubusaba.—Mat. 6:10. w24.12 4 ing. 5-6

Uwemera amabwirizwa yanje kandi akayubahiriza, uwo ni we ankunda. Uwunkunda na we azokundwa na Dawe, nanje nzomukunda kandi nzomwihishurira bimwe bitomoye.—Yoh. 14:21.

Uko wiga, nurabe ukuntu woshira mu ngiro ivyo uriko uriga. Nk’akarorero, urashobora kwigana ubutungane bwa Yehova mu gufata abandi ata nkunzi. Niwigane urwo Yezu akunda Se wiwe n’abandi, mu kwemera kubabara ku bw’izina rya Yehova no mu kwitangira abakirisu bagenzawe. Vyongeye, niwigane Yezu mu kubwira abandi inkuru nziza kugira na bo nyene baronke akaryo ko kumenya ibintu bitangaje Yehova yadukoreye no kwizera incungu. Nitwarushiriza gutahura no guha agaciro incungu, urukundo dukunda Yehova n’Umwana wiwe ruzokwongerekana. Ivyo bizotuma na bo badukunda. (Yak. 4:8) Nimuze rero tubandanye gukoresha neza ibintu vyose Yehova aduha kugira tugume twiga ivyerekeye incungu. w25.01 25 ing. 16-17

Ibicumuro vyanje vyose wabitereye inyuma y’umugongo wawe.—Yes. 38:17.

Icanditswe c’uno musi kirashobora guhindurwa ngo «Ibicumuro vyanje vyose wabikuye imbere y’amaso yawe.» Iyo mvugo ngereranyo, iratwereka ko Yehova afata ibicumuro vy’abantu bigaya, akabiterera iyo adashobora kubibona. Ivyo Hezekiya yavuze vyoshobora kandi kuvugwa muri ubu buryo: «Ibicumuro vyanje wabifashe nk’aho bitigeze bibaho.» Bibiliya irashimika kandi kuri ico ciyumviro mu yindi mvugo ngereranyo dusanga muri Mika 7:​18, 19. Muri ico canditswe, Yehova avuga ko ashiburira epfo mu kiyaga ibicumuro vyacu. Mu bihe vya kera, ikintu caba cashiburiwe epfo mu kiyaga, nta muntu yashobora kugikurayo. Izo mvugo ngereranyo duhejeje kurimbura, ziratwigisha ko iyo Yehova atubabariye aturemurura umuzigo w’ibicumuro vyacu. Mu vy’ukuri nk’uko Dawidi yabivuze, «hahiriwe abo Imana yahariye ubugarariji bwabo, igapfuka ibicumuro vyabo.» (Rom. 4:7) Izo rero ni zo mbabazi nyazo! w25.02 9 ing. 7-8

Nimwigine . . . munezererwe ibihe vyose ibintu ngira ndeme.Yes. 65:18.

Muri iki gihe, kw’isi hariho iparadizo yuzuyemwo abantu bafise ibikorwa vyinshi. Abantu amamiliyoni bayirimwo barafise amahoro nyakuri. Abamaze gushika muri iyo paradizo ntibarota bayivamwo. Vyongeye, baripfuza ko n’abandi bantu benshi babasanga aho hantu hadasanzwe. None aho hantu ni hehe? Ni mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. Kubona Yehova yaratunganije ahantu hatekanye muri iyi si ya Shetani yuzuye urwanko, ububisha kandi iteye akaga, ni igitangaro. (1 Yoh. 5:19; Ivyah. 12:12) Imana yacu y’urukundo irabona ingene iyi si iruhije abantu, akaba ari co gituma itegurira abasavyi bayo ahantu hatekanye kugira ngo babandanye kuyikorera bahimbawe. Bibiliya idondora iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu ko ari «ahantu ho guhungira» hatekanye be n’«umurima uvomerewe neza.» (Yes. 4:6; 58:11) Yehova arafasha ababa muri iyo paradizo kubaho batekanye kandi bahimbawe muri iyi misi ya nyuma itoroshe.—Yes. 54:14; 2 Tim. 3:1. w24.04 20 ing. 1-2

Ivyo mukeneye gusaba mubimenyeshe Imana.—Flp. 4:6.

Nimba wipfuza kwubaka, nta nkeka ko wasenze Yehova usaba ko woronka uwo mwokwubakana. Yehova ntasezeranira abasavyi biwe kubaronsa uwo bazokwubakana. Naho ari ukwo, arabona ivyo ukeneye be n’ukuntu wiyumva, kandi arashobora kugufasha igihe uriko urarondera uwo mwokwubakana. Nubandanye rero kumubwira akari ku mutima. (Zab. 62:8) Numusabe ukwihangana be n’ubukerebutsi. (Yak. 1:5) Mbere naho utoca uronka uwo mwubakana ku gihe wipfuza, Yehova asezerana kuzokuronsa ivya nkenerwa mu buzima no kukugaragariza urukundo. (Zab. 55:22) Ariko rero, uraba maso kuri iki kintu: Ntureke ngo kurondera uwo mwokwubakana bisigare ari vyo ushira imbere mu buzima bwawe. (Flp. 1:10) Kwubaka canke kutubaka, si vyo bituma uhimbarwa vy’ukuri, ahubwo guhimbarwa bivana n’ubucuti ufitaniye na Yehova. (Mat. 5:3) N’igihe utoba urubaka urwawe, woshobora kuronka uturyo two kwagura umurimo urangurira Yehova. (1 Kor. 7:​32, 33) Nukoreshe neza rero ico kiringo. w24.05 21 ing. 4; 22 ing. 6

Ntimugume muraba ivyanyu gusa, ariko murabe n’ivy’abandi.—Flp. 2:4.

Mwomara ikiringo kingana gute murushiriza kumenyana? Kwihutagiza akenshi bivamwo ingaruka mbi. (Imig. 21:5) Ikiringo rero mwomara gikwiye kuba gihagije ku buryo mumenyana neza. Ariko rero ntimukwiye kukirehura bidakenewe. Na Bibiliya ivuga iti: «Iyo umuntu yiteze ibintu bigateba aravunika umutima.» (Imig. 13:12) Ni ibiki abandi bokora igihe umusore n’inkumi bariko bararushiriza kumenyana? Twoshobora kubatumira kugira dusangire ibifungurwa, tugirire hamwe ugusenga kwo mu muryango canke twinezereze turi kumwe. (Rom. 12:13) Boba bakeneye uwobaherekeza, uwobunguruza canke aho boganirira batekanye? Nimba hari ico twofasha muri ivyo, twokibabwira. (Gal. 6:10) Igihe bagusavye kubaherekeza, nubone ko ari uburyo bwiza bwo kubafasha. Uritwararika kutabata bonyene, ariko kandi witwararike no kubaha umwanya wo kuganira ivyabo mu mwiherero. w24.05 30 ing. 13-14

Naramuhaye umwanya wo kwigaya.—Ivyah. 2:21.

Abakurambere baragerageza kumenya ivyoba vyaratumye umuntu akora igicumuro. Nk’akarorero, ni ibiki vyoba vyaratumye ubucuti afitaniye na Yehova bucumbagira? Yoba yarirengagije kwama yiyigisha canke kwama aja mu ndimiro? Yoba yari asigaye asenga Yehova gake canke akabigira mu buryo bwo guheza umwuga? Yoba yari asigaye yirekerana agatwarwa n’ivyipfuzo bibi? Yari asigaye afise abagenzi bameze gute? Ni ibiki yakora mu kwisamaza? Ivyo vyamugizeko ingaruka izihe? Yoba atahura ingene igicumuro yakoze cababaje Umuvyeyi wiwe Yehova? Abakurambere bakoresheje utubazo bacaguye neza mugabo tutamwinjirira cane mu buzima, barashobora gufasha uwo mucumuzi kubona ivyoba vyaratumye akora igicumuro. (Imig. 20:5) Vyongeye, boshobora gukoresha ibigereranyo kugira ngo bamufashe gutahura uburemere bw’icaha yakoze. Hari aho kuri uwo mubonano wa mbere, uwo mucumuzi yoca atangura kwicuza ku vyo yakoze, kumbure mbere akigaya. w24.08 22 ing. 9-11

Ntegerezwa kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana no mu bindi bisagara, kuko ari co natumwe.—Luka 4:43.

Yezu yaramamaza «inkuru nziza y’Ubwami» abigiranye umwete, kuko yari azi ko ari vyo Imana yagomba ko akora. Igikorwa co kwamamaza ni co Yezu yashira imbere mu buzima bwiwe. Mbere n’igihe yariko arasozera igikorwa ciwe ng’aha kw’isi, yagenda arigisha «ava mu gisagara aja mu kindi no mu kigwati aja mu kindi.» (Luka 13:22) Yaramenyereje mbere n’abandi bigishwa gukora ico gikorwa. (Luka 10:1) No muri kino gihe, kwamamaza inkuru nziza ni co gikorwa nyamukuru Yehova na Yezu bipfuza ko dukora. (Mat. 24:14; 28:​19, 20) Kubona abantu nk’uko Yehova ababona, birashobora gutuma turushiriza kugira umwete mu ndimiro. Yipfuza ko abantu benshi bashoboka bumva inkuru nziza, kandi bakabaho bayisunga. (1 Tim. 2:​3, 4) Ni co gituma Yehova atumenyereza kugira turushirize gukora ku mutima abo tubwira ubwo butumwa burokora ubuzima. Naho abantu batokwakira neza ubwo butumwa muri iki gihe, boshobora kuzoronka akaryo ko kubwakira neza imbere y’uko ya makuba akomeye arangira. w25.03 15-16 ing. 5-7

Uwumuramukije aba amushigikiye mu bikorwa vyiwe bibi.—2 Yoh. 11.

Umukirisu wese arisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya mu guhitamwo ukuntu yofata umuntu yakuwe mw’ishengero. Hari abumva ko yitavye ikoraniro bomuramutsa canke bakamuha ikaze. Naho ari ukwo, ntidukwiye kugiranira ibiyago birebire n’uwo muntu canke ngo tumarane na we umwanya munini. Hari abokwibaza bati: «Bibiliya none ntivuga ko umukirisu aramukije umuntu nk’uyo, aba amushigikiye mu bikorwa vyiwe bibi?» (2 Yoh. 9-11) Twisunze ivyariko biravugwa muri iryo kete, uwo muntu batari kuramutsa yari umuhuni canke uwaguma aremesha abandi gukora igicumuro. (Ivyah. 2:20) Ku bw’ivyo rero, nimba umuntu aguma aremesha inyigisho z’ubuhuni canke ibindi vyaha, abakurambere ntibazotunganya ivyo kumugendera. Naho ari ukwo, birashoboka ko uwo muntu yokwikubita agashi. Ariko mu gihe ivyo bitaraba, ntituzomuramutsa canke ngo tumutumire kw’ikoraniro. w24.08 30-31 ing. 14-15

Vyari bikibagora gutegera.—Mrk. 6:52.

Aho Yezu amariye kugaburira isinzi ry’abantu, yaciye asaba intumwa ziwe kuva muri karere zarimwo zigasubira i Kaperinawumu n’ubwato. Na we yaciye aja ku musozi, ahunga isinzi ryariko riragerageza kumugira umwami. (Yoh. 6:​16-20) Igihe izo ntumwa zari mu bwato, haradutse igihuhusi carimwo umuyaga n’imipfunda bikomeye. Yezu yaciye aja iyo bari agendera ku mazi. Yarabwiye n’intumwa Petero ngo na we nyene agendere ku mazi. (Mat. 14:​22-31) Yezu agishika mu bwato, uwo muyaga waciye uturura. Izo ntumwa zaciye zivuga ziti: «Vy’ukuri, uri Umwana w’Imana.» (Mat. 14:33) Ariko rero, ntibari bwabone isano ryari hagati y’ico gitangaro na kimwe yari yakoreye rya sinzi. Ku bijanye n’izo ntumwa, Mariko yongerako amakuru agira ati: «Barumirwa cane, kuko batari bwatahure insobanuro ya ca gitangaro c’imikate.» (Mrk. 6:​50-52) Ntibategera neza ububasha Yehova yahaye Yezu bwo gukora ibitangaro uko bungana. w24.12 5 ing. 7

[Imana] igomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa bakamenya neza ukuri.—1 Tim. 2:4.

Turashobora kwerekana ko dukenguruka urukundo rwa Yehova mu gukora ivyo dushoboye vyose mu kiringo c’Icibutso kugira twereke Yehova ko dukenguruka incungu yatanze ku bwacu. Kiretse kwitegura kugira tuzobe ari ho turi ku Cibutso, turashobora no gutumira abandi kugira bazocitabe. Nusigurire abo utumira uko bizogenda. Woshobora kubereka amavidewo yo kuri jw.org, nk’iyivuga ngo Kubera iki Yezu yapfuye? be n‘iyivuga ngo Niwibuke urupfu rwa Yezu. Abakurambere barakwiye kwitwararika gutumira abahororokewe. Iyumvire umunezero uba mw’ijuru no kw’isi igihe zimwe mu ntama za Yehova zari zarazimiye zigarutse mu ruhongore. (Luka 15:​4-7) Ku musi w’Icibutso nimuze twiyemeze kuramutsa abavukanyi na bashiki bacu, ariko canecane abashasha be n’abari bamaze igihe batacitaba. Twipfuza ko bumva bisanze.—Rom. 12:13. w25.01 29 ing. 15

Imana . . . ya[ra]dukunze maze [irungika] Umwana wayo kugira abe ikimazi c’ibicumuro vyacu gituma dusubiza hamwe na yo.—1 Yoh. 4:10.

Naho incungu idufasha gutahura ko Yehova ari Imana y’ubutungane, iradufasha canecane kubona urukundo rugera kure adukunda. (Yoh. 3:16; 1 Yoh. 4:​9, 10) Incungu Yehova yatanze iratwereka ko adashaka gusa ko tubaho ibihe bidahera ahubwo ko ashaka ko tuba no mu bagize umuryango wiwe. Zirikana gatoyi: Igihe Adamu yacumura, Yehova yaciye amwirukana mu muryango wiwe ugizwe n’abamusenga. Ivyo vyatumye twese tutavukira muri uwo muryango w’Imana. Ariko biciye ku ncungu, Yehova aratubabarira ibicumuro vyacu kandi amaherezo azotuma tuba mu bagize umuryango w’abantu bamwizera kandi bamugamburukira. Mbere no muri iki gihe turashobora kugiranira ubucuti bwiza na Yehova hamwe n’abo dusangiye ukwemera. Mu vy’ukuri Yehova aradukunda.—Rom. 5:​10, 11. w25.01 21 ing. 6

Ugusoma Bibiliya kw’Icibutso: (Ivyabaye kw’igenekerezo rya 9 Nisani ku murango) Yohani 12:​12-19; Mariko 11:​1-11

Uku ni ko Imana yatweretse ko idukunda.1 Yoh. 4:9.

Nta gukeka ko wemera yuko incungu ari ingabire idasanzwe. (2 Kor. 9:15) Kubera yuko Yezu yatanze ubuzima bwiwe, birashoboka yuko ugiranira ubucuti somambike na Yehova Imana. Uragira n’icizigiro c’uko uzobaho ibihe bidahera. Ese ukuntu bibereye rero ko dukengurukira Yehova we yaduhaye iyo ncungu abitumwe n’urukundo! (Rom. 5:8) Kugira ngo tugume dukenguruka iyo ncungu kandi ntitwigere tuyifata minenegwe, Yezu yadutegetse kuza turibuka urupfu rwiwe buri mwaka. (Luka 22:​19, 20) Muri uyu mwaka, Icibutso kizoba ku wa kane, itariki 2 Ndamukiza 2026. Nta nkeka ko twese turiko turitegurira kuzocitaba. Nitwafata umwanya muri ico kiringo c’Icibutso tukazirikana ku vyo Yehova n’Umwana wiwe badukoreye, bizotugirira akamaro cane. w25.01 20 ing. 1-2

Ugusoma Bibiliya kw’Icibutso: (Ivyabaye kw’igenekerezo rya 10 Nisani ku murango) Yohani 12:​20-50

Nimuhitemwo indero yanje aho guhitamwo ifeza, muhitemwo ubumenyi aho guhitamwo inzahabu nzizanziza.—Imig. 8:10.

Urashobora kuguma wiga n’ibindi ku vyerekeye urukundo Yehova na Kristu Yezu badukunda ubandanije kuruzirikanako. Ubona gute mu kiringo c’Icibutso muri uyu mwaka usomye witonze Injili imwe canke zirenga? Ntusomere ibintu vyinshi icarimwe, ahubwo nugende bukebuke urabe izindi mvo zikwiye gutuma dukunda Yehova na Yezu. Vyongeye, nubwire abandi ivyo wize. Nimba umaze imyaka myinshi uri mu kuri, hari aho wokwibaza nimba hari ivyigwa bishasha wokwubura ku vyiyumviro dusanzwe tumenyereye, nk’ikijanye n’ubutungane bw’Imana, urukundo rwayo be n’incungu. Ico womenya coco ni uko hazokwama hariho ibintu bishasha twiga kuri ivyo vyiyumviro be no ku bindi. None wokora iki? Ntugishe akaryo ko kwungukira ku makuru menshi dusanga mu bitabu vyacu. w25.01 24-25 ing. 13-15

Ugusoma Bibiliya kw’Icibutso: (Ivyabaye kw’igenekerezo rya 11 Nisani ku murango) Luka 21:​1-36