Ivyakozwe n’intumwa 23:1-35
23 Pawulo yitegereza neza Inama nkuru, avuga ati: «Bagabo benewacu, ijwi ryo mu mutima nta kibi na kimwe rinyagiriza imbere y’Imana+ gushika uno musi.»
2 Umuherezi mukuru Ananiya aca ategeka abahagaze iruhande yiwe kumukubita ku munwa.
3 Maze Pawulo amubwira ati: «Imana igiye kugukubita, wa ruhome rusize ishwagara. Wicaritswe no kuncira urubanza wisunze amategeko, ugaca uyarengako ugategeka ngo bankubite?»
4 Abahagaze ng’aho bavuga bati: «Urubahuka gutuka umuherezi mukuru w’Imana?»
5 Pawulo na we avuga ati: «Benewacu, sinari nzi ko ari umuherezi mukuru. Kuko vyanditswe ngo: “Ntugatuke umutware w’abantu bawe+.”»
6 Kubera yuko Pawulo yari azi ko mu bagize Inama nkuru bamwe ari Abasadukayo abandi bakaba Abafarizayo, arasemerera avuga ati: «Bagabo benewacu, jewe ndi Umufarizayo+, umwana w’Abafarizayo. Ndiko ncirwa urubanza kubera icizigiro c’izuka ry’abapfuye.»
7 Avuze ivyo, Abafarizayo n’Abasadukayo baca baracanamwo, iryo koraniro ririgabura.
8 Ivyo vyabaye kubera ko Abasadukayo bavuga ko ata zuka ribaho canke umumarayika canke impwemu, mugabo Abafarizayo bo bakavyemera* vyose+.
9 Nuko haduka induru ikomeye, hanyuma bamwe mu banditsi bo mu mugwi w’Abafarizayo barahaguruka batangura guharira bimwe bikaze, bavuga bati: «Nta kibi na kimwe tubona muri uyu muntu. Hamwe wosanga impwemu yavuganye na we canke umumarayika+ . . .»
10 Ibihari birakomera ku buryo wa mukomanda atinya yuko bohava batabagura Pawulo, aca ategeka abasoda ngo bamanukeyo bamukure hagati yabo bamuzane ku cicaro c’abasoda.
11 Mugabo mw’ijoro ry’uwo musi, Umukama ahagarara iruhande yiwe, amubwira ati: «Gira umutima rugabo+! Kurya nyene wanshingiye intahe bimwe bishitse* i Yeruzalemu, ni na ko utegerezwa gushinga intahe i Roma+.»
12 Bumaze guca, Abayuda bategura umugambi, bararahira bisabira n’umuvumo yuko ata co bazorya canke ngo banywe batishe Pawulo.
13 Abantu barenga 40 ni bo bari bateguye uwo mugambi bashizeko n’indahiro.
14 Nuko baja ku bakuru b’abaherezi n’abashingantahe, bavuga bati: «Twarahiye turarengwa, twisabira n’umuvumo yuko ata kintu na kimwe tuzorya tutishe Pawulo.
15 Mwebwe rero hamwe n’Inama nkuru, nimugende mubwire komanda ko akwiye kumumanukana iyo muri, nk’aho mwipfuza gutohoza neza ivyiwe. Mugabo tuzoba twiteguriye kumwica imbere y’uko ashika.»
16 Ariko rero, umuhungu wa mushiki wa Pawulo yumva ivy’uwo mugambi wo gutegera Pawulo, aca aja ku cicaro c’abasoda arabimumenyesha.
17 Nuko Pawulo ahamagara umwe mu ntwazangabo, amubwira ati: «Jana uyu musore kwa komanda, kuko hari ico ashaka kumubwira.»
18 Nuko aramufata amujana kwa komanda, avuga ati: «Ya mbohe Pawulo yampamagaye, insaba kukuzanira uyu musore kuko ari n’ico akubwira.»
19 Nya mukomanda aca amufata ukuboko aramwihereranya, amubaza ati: «Ushaka kumbwira iki?»
20 Avuga ati: «Abayuda bumvikanye kugusaba ngo uzomanukane Pawulo mu Nama nkuru ejo, nk’aho boba bashaka kumenya neza ivyiwe+.
21 Mugabo ntiwemere ngo baguhende kuko abagabo barenga 40 bo muri bo bazoba bamutegereye. Kandi barahiye bisabira n’umuvumo yuko batazogenda bariye canke ngo banywe batamwishe+. Ubu bariteguye, barindiriye gusa ko ubemerera.»
22 Nuko nya mukomanda areka uwo musore aragenda. Yabanje kumwihanikiriza ati: «Ntihagire uwo ubwira yuko wambariye ivyo bintu.»
23 Hanyuma atumako intwazangabo zibiri, azibwira ati: «Nimutegure abasoda 200 baja i Sezariya nk’isaha zitatu z’ijoro, bari kumwe n’abasoda 70 bagendera ku mafarasi be n’abandi 200 barwanisha amacumu.
24 Murondere n’amafarasi Pawulo agenderako kugira ashike impore kwa buramatari Felisi.»
25 Araheza yandika ikete rivuga riti:
26 «Jewe Kolode Liziyasi, ndakwandikiye nyakwubahwa buramatari Felisi. Ndakuramukije!
27 Uyu mugabo yafashwe n’Abayuda, kandi bagira bamwice. Mugabo ubwo nyene naciye nzanana n’abasoda banje ndamutabara+, kuko numvise ko ari Umuroma+.
28 Kandi kubera nashaka kumenya ico bamwagiriza, naramumanukanye mu Nama nkuru yabo+.
29 Nasanze yagirizwa ibibazo bijanye n’amategeko yabo+, mugabo nta kintu na kimwe aregwa cotuma yicwa canke apfungwa.
30 Ariko kubera yuko namenyeshejwe umugambi mubi yateguriwe+, nciye ndamukurungikira ntatebaganye, nongera ntegeka abamwagiriza ko bomwagiririza imbere yawe.»
31 Abo basoda rero bafata Pawulo+ nk’uko babitegetswe, bamutwara i Antipatiri mw’ijoro.
32 Bukeye bareka abagendera ku mafarasi ngo babe ari bo bajana na we, ariko bo basubira ku cicaro c’abasoda.
33 Nya basoda bagendera ku mafarasi bashika i Sezariya, baha buramatari rya kete bamushikiriza na Pawulo.
34 Nuko ararisoma hanyuma abaza intara yavamwo, araheza amenya yuko yava i Silisiya+.
35 Avuga ati: «Nzokwumviriza neza, abakwagiriza nibamara gushika+.» Aca ategeka yuko bamucungira ku kirimba ca Herodi*.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «bakabivuga icese.»
^ Canke «binogangije.»
^ Canke «ku kirimba ca Herodi aho buramatari yaba.»