Yobu 14:1-22
14 Umuntu yavyawe n’umugore,abaho igihe gito+ kandi yama yugarijwe n’ingorane*+.
2 Ameze nk’ishurwe rishurika rigaca ryuma*+.Ameze nk’igitutu gihunga kikazimangana+.
3 Ariko uwo ni we ugumizako ijisho,ukamushengeza* ngo muburane+.
4 Mbega hari umuntu ahumanye yovyara uwudahumanye+?
Nta n’umwe.
5 Nimba imisi yiwe yarashinzwe,aho rero igitigiri c’amezi yiwe kiri mu maboko yawe.Waramushingiye akarimbi ntarengwa+.
6 Mukureko amaso kugira aruhuke,gushika arangije umusi wiwe nk’umukozi w’umucangero+.
7 Erega hariho icizigiro no ku giti.
Iyo ciciwe, kirasubira kunaga,kandi iminago yaco ikabandanya gukura.
8 Naho imizi yaco yosazira mu kuzimun’igishitsi caco kigapfira mw’ivu,
9 gipfa kwumva amazi gusa kigaca kinaga,kikazana amashami nk’igiterwa gishasha.
10 Ariko umuntu arapfa, akarambarara ng’aho ata tuguvu.None iyo umuntu acikanye, aba ari hehe+?
11 Amazi arazimangana mu kiyaga,kandi n’uruzi ruratumuka rugakama.
12 Umuntu na we nyene araryama ntasubire kuvyuka+.
Igihe cose ijuru rizoba rikiriho ntazokwikangura,kandi nta wuzomukangura mw’itiro ryiwe+.
13 Iyaba wompishije mu kuzimu+,ukanyegeza gushika ishavu ryawe riheze,ukanshingira igihe maze ukanyibuka+!
14 Iyo umuntu apfuye, mbega yosubira kubaho+?
Nzorindira imisi yose nashingiwe*,gushika ugutabarwa kwanje kuje+.
15 Uzohamagara, nanje nitabe+.
Uzoba ushashaye igikorwa c’amaboko yawe.
16 Ariko ubu uguma uharura intambuko zanje zose,uguma ureretse igicumuro canje.
17 Igicumuro canje cugaraniwe mw’isaho,ikosa ryanje warariboshe ushirako n’uburembo.
18 Nka kurya kw’umusozi usenyutse ugasanzara,nka kurya igitandara gikurwa mu kibanza caco,
19 nka kurya nyene amazi akorogoshora amabuye,imivo y’ayo mazi na yo igakukumura ivu ryo hasi,ni ko waranduye icizigiro c’umuntu.
20 Uguma umufyonyora gushika apfuye+.Umuhindura isura hanyuma ukamurungika mu kuzimu.
21 Abana biwe baraterwa iteka ariko ntabimenye.Barasuzugurwa ariko we nta vyo abona+.
22 Yumva ububabare igihe gusa akiri muzima.Agandara igihe gusa akiriho.»

