Abakorinto ba kabiri 5:1-21
5 Kuko tuzi yuko inzu yacu yo kw’isi, ni ukuvuga iri hema, niyaramuka isambuwe+, tubwirizwa kuronka inyubakwa iva ku Mana, ni ukuvuga inzu itubatswe n’amaboko+, izokwamaho mw’ijuru.
2 Turanihira muri iyi nzu koko, tukipfuza cane kwambara imwe rwacu iva mw’ijuru+,
3 kugira ngo nitwamara kuyambara ntituzosangwe turi gusa.
4 Vy’ukuri, twebwe turi muri iri hema turaniha tukaremerwa kuko dushaka kuryambura, mugabo tugashaka kwambara rya rindi+ ngo umubiri upfa umirwe n’ubuzima+.
5 Uwaduteguye ku bw’ico kintu nyene ni Imana+, yo yaduhaye impwemu nk’icemeza ibizoza*+.
6 Twama rero dufise umutima mu nda ukwiye, kandi turazi yuko magingo tukiba mu mubiri, turi kure y’Umukama+
7 kuko tugenda twisunga ukwizera, tutisunga ibiboneka.
8 Emwe, turafise umutima mu nda ukwiye kandi twoshima kuba kure y’umubiri kugira ngo tuje kubana n’Umukama+.
9 Twaba rero tubana na we canke turi kure yiwe, intumbero yacu ni uko twemerwa na we.
10 Kuko twese dutegerezwa kurenguka* imbere y’intebe y’imanza ya Kristu, ngo umwe wese aronke ibikwiranye n’ivyo yakoze akiri mu mubiri, vyaba vyiza canke bibi*+.
11 Ko rero tuzi ugutinya Umukama ico ari co, tuguma dufasha abantu ngo banyurwe, mugabo Imana iratuzi neza*. Ariko ndizigiye ko n’ijwi ryanyu ryo mu mutima rituzi neza*.
12 Ntituriko turasubira kwimenyekanisha kuri mwebwe, ahubwo turiko tubaha imvo yo kwirata mu bijanye natwe, kugira muronke ico mwishura abiratira ibiboneka inyuma+ mugabo batiratira ikiri mu mutima.
13 Nimba twari twasaze+, hari ku bw’Imana. Nimba dufise ubwenge bukora neza, ni ku neza yanyu.
14 Kuko urukundo Kristu afise rutugobera, kubera ko ico twabonye ari uko umuntu umwe yapfiriye bose+. Nuko rero, bose bari barapfuye.
15 Kandi yapfiriye bose kugira ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo+, ahubwo babeho ku bw’umwe yabapfira hanyuma akazurwa.
16 Kuva ubu rero, nta muntu n’umwe tubona* mu buryo bw’umubiri+. Naho twahora tuzi Kristu mu buryo bw’umubiri, mu vy’ukuri ubu si ko tumuzi+.
17 Nimba rero umuntu yunze ubumwe na Kristu, ni ikiremwa gishasha+. Ivya kera vyaraheze, ubu haje bishasha.
18 Mugabo ibintu vyose biva ku Mana, yo yatumye dusubiza hamwe na yo biciye kuri Kristu+ ikongera ikaduha igikorwa c’ugusubiza hamwe+,
19 ni ukuvuga igikorwa co kumenyesha ko Imana yariko ituma abo mw’isi basubiza hamwe na yo biciye kuri Kristu+, ntibaharureko amakosa yabo+. Kandi yatujeje ubutumwa bw’ugusubiza hamwe+.
20 Rero turi abaserukira Kristu+, nk’aho Imana yinginga abantu biciye kuri twebwe. Mu kibanza ca Kristu, turabinginga duti: «Nimusubize hamwe n’Imana.»
21 Umwe atari azi igicumuro+ yamugize igicumuro* ku bwacu, kugira ngo biciye kuri we twitwe abagororotsi imbere y’Imana+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «avanse», «ingwati y’ibizoza.»
^ Canke «kugaragazwa.»
^ Canke «vy’agahomerabunwa.»
^ Canke «mugabo twarashizwe ahabona imbere y’Imana.»
^ Canke «ko n’imbere y’ijwi ryanyu ryo mu mutima twashizwe ahabona.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «tumenya.»
^ Canke «ishikanwa ry’igicumuro.»