Abakorinto ba kabiri 5:1-21

  • Kwambara inzu yo mw’ijuru (1-10)

  • Igikorwa c’ugusubiza hamwe (11-21)

    • Ikiremwa gishasha (17)

    • Abaserukira Kristu (20)

5  Kuko tuzi yuko inzu yacu yo kw’isi, ni ukuvuga iri hema, niyaramuka isambuwe+, tubwirizwa kuronka inyubakwa iva ku Mana, ni ukuvuga inzu itubatswe n’amaboko+, izokwamaho mw’ijuru.  Turanihira muri iyi nzu koko, tukipfuza cane kwambara imwe rwacu iva mw’ijuru+,  kugira ngo nitwamara kuyambara ntituzosangwe turi gusa.  Vy’ukuri, twebwe turi muri iri hema turaniha tukaremerwa kuko dushaka kuryambura, mugabo tugashaka kwambara rya rindi+ ngo umubiri upfa umirwe n’ubuzima+.  Uwaduteguye ku bw’ico kintu nyene ni Imana+, yo yaduhaye impwemu nk’icemeza ibizoza*+.  Twama rero dufise umutima mu nda ukwiye, kandi turazi yuko magingo tukiba mu mubiri, turi kure y’Umukama+  kuko tugenda twisunga ukwizera, tutisunga ibiboneka.  Emwe, turafise umutima mu nda ukwiye kandi twoshima kuba kure y’umubiri kugira ngo tuje kubana n’Umukama+.  Twaba rero tubana na we canke turi kure yiwe, intumbero yacu ni uko twemerwa na we. 10  Kuko twese dutegerezwa kurenguka* imbere y’intebe y’imanza ya Kristu, ngo umwe wese aronke ibikwiranye n’ivyo yakoze akiri mu mubiri, vyaba vyiza canke bibi*+. 11  Ko rero tuzi ugutinya Umukama ico ari co, tuguma dufasha abantu ngo banyurwe, mugabo Imana iratuzi neza*. Ariko ndizigiye ko n’ijwi ryanyu ryo mu mutima rituzi neza*. 12  Ntituriko turasubira kwimenyekanisha kuri mwebwe, ahubwo turiko tubaha imvo yo kwirata mu bijanye natwe, kugira muronke ico mwishura abiratira ibiboneka inyuma+ mugabo batiratira ikiri mu mutima. 13  Nimba twari twasaze+, hari ku bw’Imana. Nimba dufise ubwenge bukora neza, ni ku neza yanyu. 14  Kuko urukundo Kristu afise rutugobera, kubera ko ico twabonye ari uko umuntu umwe yapfiriye bose+. Nuko rero, bose bari barapfuye. 15  Kandi yapfiriye bose kugira ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo+, ahubwo babeho ku bw’umwe yabapfira hanyuma akazurwa. 16  Kuva ubu rero, nta muntu n’umwe tubona* mu buryo bw’umubiri+. Naho twahora tuzi Kristu mu buryo bw’umubiri, mu vy’ukuri ubu si ko tumuzi+. 17  Nimba rero umuntu yunze ubumwe na Kristu, ni ikiremwa gishasha+. Ivya kera vyaraheze, ubu haje bishasha. 18  Mugabo ibintu vyose biva ku Mana, yo yatumye dusubiza hamwe na yo biciye kuri Kristu+ ikongera ikaduha igikorwa c’ugusubiza hamwe+, 19  ni ukuvuga igikorwa co kumenyesha ko Imana yariko ituma abo mw’isi basubiza hamwe na yo biciye kuri Kristu+, ntibaharureko amakosa yabo+. Kandi yatujeje ubutumwa bw’ugusubiza hamwe+. 20  Rero turi abaserukira Kristu+, nk’aho Imana yinginga abantu biciye kuri twebwe. Mu kibanza ca Kristu, turabinginga duti: «Nimusubize hamwe n’Imana.» 21  Umwe atari azi igicumuro+ yamugize igicumuro* ku bwacu, kugira ngo biciye kuri we twitwe abagororotsi imbere y’Imana+.

Utujambo tw'epfo

Canke «avanse», «ingwati y’ibizoza.»
Canke «kugaragazwa.»
Canke «vy’agahomerabunwa.»
Canke «mugabo twarashizwe ahabona imbere y’Imana.»
Canke «ko n’imbere y’ijwi ryanyu ryo mu mutima twashizwe ahabona.»
Mu kigiriki havuga ngo «tumenya.»
Canke «ishikanwa ry’igicumuro.»