Yosuwa 23:1-16
23 Haciye imisi myinshi Yehova aruhuye Isirayeli+ abansi bayo bose bari bayikikuje, Yosuwa na we akaba yari ashaje ageze mu zabukuru+,
2 Yosuwa atumako Isirayeli yose+, abashingantahe, abakuru, abacamanza n’abarongoye abandi+. Ababwira ati: «Nashaje, ngeze mu zabukuru.
3 Mwariboneye ibintu vyose Yehova Imana yanyu yakoreye aya mahanga yose ku bwanyu, kuko Yehova Imana yanyu ari we yabarwanira+.
4 Nabahaye biciye ku bupfindo+ akarere k’amahanga mutaromora ngo kabe intoranwa y’imiryango yanyu+. Nabahaye n’akarere k’amahanga yose natikije+, kuva kuri Yorodani gushika ku kiyaga Kinini* mu burengero.
5 Yehova Imana yanyu ni we yagumye ahindira kure yanyu ababa muri ayo mahanga+, arabomora ku bwanyu maze mwigarurira igihugu cabo, nk’uko nyene Yehova Imana yanyu yabibasezeraniye+.
6 «Rero mugire umutima rugabo kandi mukomere kugira mukurikize ivyanditswe mu gitabu c’amategeko+ ya Musa vyose, muvyubahirize. Ntimuze mwigere mubirengako ngo mukebereze iburyo canke ibubamfu+,
7 kandi ntimuze mwigere mwifatanya n’ayo mahanga+ agisigaye mu gihugu. Ntimuze munacishe mu kanwa amazina y’imana zabo+ canke ngo muyakoreshe mu kurahira. Ntimuze mwigere mukorera izo mana canke ngo muzunamire+.
8 Ahubwo muze mugume kuri Yehova Imana yanyu+, nk’uko mwabigize gushika n’uyu musi.
9 Yehova azokwomora imbere yanyu amahanga ahambaye kandi akomeye, abave imbere+. Nakare nta muntu n’umwe arashobora kubatsinda gushika n’uyu musi+.
10 Umugabo umwe gusa muri mwebwe azokinagiza igihumbi+, kuko Yehova Imana yanyu ari we abarwanira+, nk’uko nyene yabibasezeraniye+.
11 Mugume rero muri maso*+, mubigire mu gukunda Yehova Imana yanyu+.
12 «Mugabo nimwaramuka mumuhevye mukifatanya n’abo mu mahanga asigaye+ mu gihugu, mugahana abageni+ mukongera mukagenderanira,
13 mumenye neza ko Yehova Imana yanyu atazobandanya kwomora ayo mahanga ku bwanyu+. Ayo mahanga azobabera nk’umutego n’urusenga bategesha, nk’ikimoko kibakubita mu mbavu+. Azobabera kandi nk’amahwa mu maso yanyu, gushika muzimanganye muri iki gihugu ciza Yehova Imana yanyu yabahaye.
14 «Ubu ndi mu gupfa*. Mwebwe ubwanyu murazi neza* yuko ata kintu na kimwe mu bintu vyiza vyose Yehova Imana yanyu yabasezeraniye kitashitse. Vyose vyarabaye ku neza yanyu. Nta na kimwe kitashitse+.
15 Mugabo kurya nyene ibintu vyiza vyose Yehova Imana yanyu yabasezeraniye vyashitse mukavyibonera+, ni ko Yehova azobazanako ivyago vyose yavuze ko bizobashikira*. Yehova Imana yanyu azobarandura muri iki gihugu ciza yabahaye+.
16 Nimwahonyanga isezerano Yehova Imana yanyu yabategetse kwubahiriza, mukaja gukorera izindi mana no kuzunamira, Yehova azoca abashavurira cane+. Ntimuzoteba kuzimangana mu gihugu ciza yabahaye+.»
Utujambo tw'epfo
^ Ni ikiyaga Mediterane.
^ Canke «mwame rero mwirinda.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ngira njane inzira isi yose ijana.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «murazi neza n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose.»
^ Canke «ni ko Yehova azobazanako ijambo ribi ryose.»