Yosuwa 23:1-16

  • Yosuwa asezera abakuru muri Isirayeli (1-16)

    • Ivyo Yehova yavuze vyose vyarashitse (14)

23  Haciye imisi myinshi Yehova aruhuye Isirayeli+ abansi bayo bose bari bayikikuje, Yosuwa na we akaba yari ashaje ageze mu zabukuru+,  Yosuwa atumako Isirayeli yose+, abashingantahe, abakuru, abacamanza n’abarongoye abandi+. Ababwira ati: «Nashaje, ngeze mu zabukuru.  Mwariboneye ibintu vyose Yehova Imana yanyu yakoreye aya mahanga yose ku bwanyu, kuko Yehova Imana yanyu ari we yabarwanira+.  Nabahaye biciye ku bupfindo+ akarere k’amahanga mutaromora ngo kabe intoranwa y’imiryango yanyu+. Nabahaye n’akarere k’amahanga yose natikije+, kuva kuri Yorodani gushika ku kiyaga Kinini* mu burengero.  Yehova Imana yanyu ni we yagumye ahindira kure yanyu ababa muri ayo mahanga+, arabomora ku bwanyu maze mwigarurira igihugu cabo, nk’uko nyene Yehova Imana yanyu yabibasezeraniye+.  «Rero mugire umutima rugabo kandi mukomere kugira mukurikize ivyanditswe mu gitabu c’amategeko+ ya Musa vyose, muvyubahirize. Ntimuze mwigere mubirengako ngo mukebereze iburyo canke ibubamfu+,  kandi ntimuze mwigere mwifatanya n’ayo mahanga+ agisigaye mu gihugu. Ntimuze munacishe mu kanwa amazina y’imana zabo+ canke ngo muyakoreshe mu kurahira. Ntimuze mwigere mukorera izo mana canke ngo muzunamire+.  Ahubwo muze mugume kuri Yehova Imana yanyu+, nk’uko mwabigize gushika n’uyu musi.  Yehova azokwomora imbere yanyu amahanga ahambaye kandi akomeye, abave imbere+. Nakare nta muntu n’umwe arashobora kubatsinda gushika n’uyu musi+. 10  Umugabo umwe gusa muri mwebwe azokinagiza igihumbi+, kuko Yehova Imana yanyu ari we abarwanira+, nk’uko nyene yabibasezeraniye+. 11  Mugume rero muri maso*+, mubigire mu gukunda Yehova Imana yanyu+. 12  «Mugabo nimwaramuka mumuhevye mukifatanya n’abo mu mahanga asigaye+ mu gihugu, mugahana abageni+ mukongera mukagenderanira, 13  mumenye neza ko Yehova Imana yanyu atazobandanya kwomora ayo mahanga ku bwanyu+. Ayo mahanga azobabera nk’umutego n’urusenga bategesha, nk’ikimoko kibakubita mu mbavu+. Azobabera kandi nk’amahwa mu maso yanyu, gushika muzimanganye muri iki gihugu ciza Yehova Imana yanyu yabahaye. 14  «Ubu ndi mu gupfa*. Mwebwe ubwanyu murazi neza* yuko ata kintu na kimwe mu bintu vyiza vyose Yehova Imana yanyu yabasezeraniye kitashitse. Vyose vyarabaye ku neza yanyu. Nta na kimwe kitashitse+. 15  Mugabo kurya nyene ibintu vyiza vyose Yehova Imana yanyu yabasezeraniye vyashitse mukavyibonera+, ni ko Yehova azobazanako ivyago vyose yavuze ko bizobashikira*. Yehova Imana yanyu azobarandura muri iki gihugu ciza yabahaye+. 16  Nimwahonyanga isezerano Yehova Imana yanyu yabategetse kwubahiriza, mukaja gukorera izindi mana no kuzunamira, Yehova azoca abashavurira cane+. Ntimuzoteba kuzimangana mu gihugu ciza yabahaye+

Utujambo tw'epfo

Ni ikiyaga Mediterane.
Canke «mwame rero mwirinda.»
Mu giheburayo havuga ngo «ngira njane inzira isi yose ijana.»
Mu giheburayo havuga ngo «murazi neza n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose.»
Canke «ni ko Yehova azobazanako ijambo ribi ryose.»