Zaburi 138:1-8
Ni zaburi ya Dawidi.
138 Nzogushemeza n’umutima wanje wose+.
Nzokuririmbira amashemezoimbere y’izindi mana*.
2 Nzokwunama ntumbereye ku rusengero rwawe rweranda*+,kandi nzoshemeza izina ryawe+kubera urukundo* rwawe n’ukudahemuka kwawe.
Kuko washize ijambo ryawe n’izina ryawe* hejuru y’ibindi vyose.
3 Waranyishuye umusi ndagutabaza+.Warampaye umutima rugabo kandi urankomeza+.
4 Ewe Yehova, abami bose bo kw’isi bazogushemeza+,kuko bazoba bumvise ivyo wasezeranye.
5 Bazoririmba ibikorwa vya Yehova,kuko ubuninahazwa bwa Yehova ari bwinshi+.
6 Naho Yehova ari hejuru, arabona abicisha bugufi+.Ariko abishira hejuru ntashobora kubiyegereza*+.
7 Urankingira naho noba ndi mu kaga+.
Ukuboko kwawe kuratangira ishavu ry’abansi banje.Ukuboko kwawe kw’ukuryo kurankiza.
8 Yehova azoshitsa imigambi yose amfitiye.
Ewe Yehova, urukundo* rwawe rwamaho ibihe vyose+.Ntuhebe ibikorwa vy’amaboko yawe+.
Utujambo tw'epfo
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «nzogucurarangira, kugira nerekane ko nterekwa izindi mana.»
^ Canke «ntumbereye aheranda hawe.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko washize ijambo ryawe hejuru y’izina ryawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abishira hejuru abamenyera kure.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»