Zaburi 138:1-8

  • Naho Imana ihambaye iratwitwararika

    • «Warishuye isengesho ryanje» (3)

    • «Urankingira naho noba ndi mu kaga» (7)

Ni zaburi ya Dawidi. 138  Nzogushemeza n’umutima wanje wose+. Nzokuririmbira amashemezoimbere y’izindi mana*.   Nzokwunama ntumbereye ku rusengero rwawe rweranda*+,kandi nzoshemeza izina ryawe+kubera urukundo* rwawe n’ukudahemuka kwawe. Kuko washize ijambo ryawe n’izina ryawe* hejuru y’ibindi vyose.   Waranyishuye umusi ndagutabaza+.Warampaye umutima rugabo kandi urankomeza+.   Ewe Yehova, abami bose bo kw’isi bazogushemeza+,kuko bazoba bumvise ivyo wasezeranye.   Bazoririmba ibikorwa vya Yehova,kuko ubuninahazwa bwa Yehova ari bwinshi+.   Naho Yehova ari hejuru, arabona abicisha bugufi+.Ariko abishira hejuru ntashobora kubiyegereza*+.   Urankingira naho noba ndi mu kaga+. Ukuboko kwawe kuratangira ishavu ry’abansi banje.Ukuboko kwawe kw’ukuryo kurankiza.   Yehova azoshitsa imigambi yose amfitiye. Ewe Yehova, urukundo* rwawe rwamaho ibihe vyose+.Ntuhebe ibikorwa vy’amaboko yawe+.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «nzogucurarangira, kugira nerekane ko nterekwa izindi mana.»
Canke «ntumbereye aheranda hawe.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko washize ijambo ryawe hejuru y’izina ryawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «abishira hejuru abamenyera kure.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»