Ezekiyeli 18:1-32
18 Yehova yongera kumbwira ati:
2 «Mbega uyu mugani muca muri Isirayeli usobanura iki? Muvuga ngo: “Ba sebibondo barariye inzabibu zidahiye, mugabo amenyo y’abana aba ari yo ajiginyurwa+.”
3 “Ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “ntimuzobandanya guca uwo mugani muri Isirayeli.
4 Raba! Abantu bose ni abanje. Sebibondo n’umwana, bose ni abanje. Umuntu* acumura ni we azopfa.
5 Dufate ko umuntu ari umugororotsi, akaba akora ibigororotse n’ibibereye.
6 Ntarira ku misozi ibimazi vyashikaniwe ibigirwamana+. Ntahanga amaso ibigirwamana bisesemye* vy’Abisirayeli. Ntahumanya umugore wa mugenziwe+ canke ngo aryamane n’umugore ari mu butinyanka+.
7 Nta muntu afata nabi+, ahubwo asubiza uwumufitiye ideni ingwati yatanze+. Nta we yiba+, ahubwo agaburira uwushonje+, akambika agahuzu uwuri gusa+.
8 Iyo aguranye ntasaba inyungu canke ngo arondere kwunguka ivy’umurengera+, ahubwo yirinda kurenganya+. Aratunganiriza neza umuntu n’uwundi+.
9 Aguma akurikiza ivyagezwe vyanje, akubahiriza ingingo nashinze kugira agume ari umwizigirwa mu vyo akora. Umuntu nk’uyo ni umugororotsi kandi vy’ukuri azobandanya kubaho+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
10 “Ariko dufate ko avyaye umwana, akaba umusuma+ canke umwicanyi*+, canke akagira ikindi akora muri ibi bintu
11 (mugabo se ata na kimwe yakoze muri ivyo): uwo mwana arira ku misozi ibimazi vyashikaniwe ibigirwamana, agahumanya umugore wa mugenziwe,
12 agafata nabi umugorwa n’umworo+, akiba, ntasubize icatanzwe nk’ingwati, agahanga amaso ibigirwamana bisesemye+, agakora ibintu bishisha+,
13 akarondera kwunguka ivy’umurengera kandi agasaba inyungu uwo aguranye+. Uwo mwana ntazoheza ngo abandanye kubaho. Azokwicwa ata kabuza kubera ivyo bintu vyose bishisha yakoze. Amaraso yiwe azoja ku gatwe kiwe.
14 Ariko dufate ko sebibondo afise umwana abona ibicumuro vyose se akora, mugabo naho abibona ntabikore.
15 Ntarira ku misozi ibimazi vyashikaniwe ibigirwamana. Ntahanga amaso ibigirwamana bisesemye vy’Abisirayeli. Ntahumanya umugore wa mugenziwe.
16 Nta muntu afata nabi. Ingwati yahawe ntayigumana. Ntiyiba. Agaburira uwushonje, akambika agahuzu uwuri gusa.
17 Ntacinyiza umworo. Ntarondera kwunguka ivy’umurengera canke ngo asabe inyungu uwo aguranye. Arubahiriza ingingo nashinze, agakurikiza ivyagezwe vyanje. Umuntu nk’uyo ntazopfa kubera ikosa rya se. Vy’ukuri azobandanya kubaho.
18 Mugabo se azopfa azize ikosa ryiwe kubera ko yakoze ivy’uruyeri, yiba mwenewabo, akora n’ikibi mu bantu b’iwabo.
19 Mugabo muzovuga muti: ‘Kubera iki umwana atabazwa ikosa rya se?’ Uwo mwana vy’ukuri azobandanya kubaho kubera ko yakoze ibigororotse n’ibibereye, agakurikiza ivyagezwe vyanje vyose, akavyubahiriza+.
20 Umuntu acumura ni we azopfa+. Umwana ntazobazwa ikosa rya se, na sebibondo ntazobazwa ikosa ry’umwana wiwe. Ubugororotsi bw’umugororotsi ni we wenyene buzoharurwako, n’ububisha bw’umubisha ni we wenyene buzoharurwako+.
21 Nayo umubisha niyaheba ibicumuro vyose akora, akubahiriza ivyagezwe vyanje, agakora ibigororotse n’ibibereye, vy’ukuri azobandanya kubaho. Ntazopfa+.
22 Nta gicumuro na kimwe yakoze kizomwagira*+. Azobandanya kubaho kubera akora ibigororotse+.”
23 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mbega mugira ngo ndahimbarwa na gato n’uko umubisha apfa+? Mugira sinshima ko yoheba ingeso ziwe akabandanya kubaho+?”
24 “Ariko umugororotsi niyaheba gukora ibigororotse agakora ibibi*, agakora ibintu vyose bishisha ababisha bakora, ugira ngo azobaho? Mu bikorwa vyose vy’ubugororotsi yakoze, nta na kimwe kizokwibukwa+. Azopfa kubera ubuhemu bwiwe no kubera igicumuro yakoze+.
25 Mugabo muzovuga ngo: ‘Inzira ya Yehova ntigororotse+.’ Enda nimwumve yemwe Bisirayeli! Mbega inzira yanje ni yo itagororotse+? Canke inzira zanyu ni zo zitagororotse+?
26 Umugororotsi niyaheba gukora ibigororotse, agakora ibibi bigatuma apfa, azoba apfuye kubera ibibi yakoze.
27 Umubisha niyaheba ibintu vy’ububisha akora, agatangura gukora ibigororotse n’ibibereye, azokiza ubuzima bwiwe+.
28 Niyabona ibicumuro vyose yakoze maze akabiheba, vy’ukuri azobandanya kubaho. Ntazopfa.
29 Mugabo Abisirayeli bazovuga ngo: ‘Inzira ya Yehova ntigororotse.’ Mbega vy’ukuri inzira zanje ni zo zitagororotse ga yemwe Bisirayeli+? Canke inzira zanyu ni zo zitagororotse?”
30 “Ku bw’ivyo rero yemwe Bisirayeli, umwe wese muri mwebwe nzomucira urubanza nisunze ivyo akora+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Nimuhebe, ni ukuri nimuhebe rwose ibicumuro vyose mukora, kugira ntibibabere igitsitaza gituma mwagirwa n’icaha.
31 Nimute kure ibicumuro vyose mukora+, muhindure umutima wanyu n’ukuntu mwiyumvira*+. Ni kuki none mwokwirirwa murapfa+ ga yemwe Bisirayeli?”
32 “Simpimbarwa na gato n’uko hagira umuntu apfa+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Nimwigarure rero mubone kubaho+.”»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo ni «nefeshi.»
^ Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwusesa amaraso.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kizokwibukwa ngo agihanirwe.»
^ Canke «ibitagororotse.»
^ Canke «mwironse umutima mushasha n’impwemu nshasha.»