Mika 7:1-20

  • Abisirayeli barononekaye (1-6)

    • Abansi b’umuntu ni abo mu rugo rwiwe (6)

  • «Nzorindira» (7)

  • Imana izoteturura abantu bayo (8-13)

  • Mika asenga Imana akongera akayishemeza (14-20)

    • Inyishu Yehova yamuhaye (15-17)

    • «Imana imeze nka Yehova ni iyihe?» (18)

7  Ndagowe! Meze nk’umuntuaja kurondera inzabibu* zo kurya akabura,n’insukoni zera kare yipfuza cane akazibura,akabirondera iyimbura ry’ivyamwa vyera mu ci ryaheze,n’abatoragura utwasigaye mw’iyimbura ry’inzabibu bamaze kuhaca.   Intahemuka yahonye* mw’isi.Nta wugororotse ariho mu bantu+. Bose barabunda kugira basese amaraso+. Umwe wese ahiga mwenewabo akoresheje urusenga rw’umukwabu.   Amaboko yabo ni karuhariwe mu gukora ikibi+.Umutware aragira ivyo asaba,umucamanza agasaba impera+,umunyacubahiro na we akavuga ivyo yipfuza*+,kandi bakabipfundikira hamwe*.   Uwumeze neza kuruta abandi muri bo ameze nk’amahwa.Umuntu w’intungane kuruta abandi muri bo ni mubi kurusha uruzitiro rw’amahwa. Wa musi inderetsi zawe zavuga, umusi wo kugira ico ubazwa, uzoza+. Bazotekerwa n’ubwoba+.   Ntimwizere umugenzicanke ngo mwizigire umugenzi somambike+. Uragaba ku vyo ubwira umugore mupfumbatira⁠na.   Kuko umuhungu asuzugura se,umukobwa agahagurukira nyina+n’umukazana agahagurukira inabukwe+.Abansi b’umuntu ni abo mu muryango wiwe+.   Ariko jeho, nzoguma nderetse Yehova+. Nzorindira* Imana y’ubukiriro bwanje+. Imana yanje izonyumva+.   Ewe wa mwansi* wanje, ntunezerwe kubera ivyanshikiye! Naho natemvye, nzohaguruka.Naho mba mu mwiza, Yehova azombera umuco.   Nzokwihanganira uburake bwa Yehovakuko namucumuyeko+.Nzokwihangana gushika amburaniye, akantunganiriza. Azonsohokana anjane ku muco.Nzokwitegereza ubugororotsi bwiwe. 10  Umwansi wanje na we nyene azobibonayicwe n’ibimaramare, umwe yahora ambwira ngo: «Yehova Imana yawe ari hehe+ Amaso yanje azomwitegereza. Ico gihe azohonyangwa nk’urwondo rwo mu mabarabara. 11  Uzoba ari umusi wo kwubaka inzitiro zawe z’amabuye.Kuri uwo musi urubibe ruzokwagurwa*. 12  Uwo musi, bazoza iwawebavuye i Ashuri no mu bisagara vyo mu Misiri,kuva mu Misiri gushika no kuri rwa ruzi runini*,kuva ku kiyaga gushika ku kindi, no kuva ku musozi gushika ku wundi+. 13  Igihugu kizocika umusaka kubera abakibamwo,kubera ingaruka z’ivyo bakoze*. 14  Ragiza abantu bawe inkoni yawe, uragire ubusho bwawe ari yo ntoranwa yawe+.Bahora baba mu kibira ari bonyene, hagati mu murima w’ivyamwa. Nibarishe i Bashani n’i Gileyadi+ nko mu misi ya kera. 15  «Nzobereka ibintu vy’agatangaza+nka ca gihe mwava mu gihugu ca Misiri. 16  Amahanga azobibona amaramare naho afise ububasha bwinshi+. Bazokwifata ku munwa,amatwi yabo azibe. 17  Bazorigata umukungugu nk’inzoka+.Nka kurya kw’ibikoko vyo kw’isi vyikwega hasi, bazova mu buhungiro bwabo bajugumira. Bazoza kuri Yehova Imana yacu bafise ubwoba,kandi bazomutinya*+ 18  Imana imeze nkawe ni iyihe,iharira ikosa, ikirengagiza igicumuro+ c’abasigaye bo mu ntoranwa yayo+? Ntuzogumana ishavu ibihe vyose,kuko uhimbarwa no kwerekana urukundo rudahera*+. 19  Uzokwongera kutugirira imbabazi+, utsinde* amakosa yacu. Uzoshiburira epfo mu kiyaga ibicumuro vyabo vyose+. 20  Uzoba umwizigirwa kuri Yakobo,wereke Aburahamu urukundo rudahera*,nk’uko wabirahiye ba sogokuruza bacu kuva mu misi ya kera+.

Utujambo tw'epfo

Canke «umusoko w’inzabibu.»
Canke «yazimanganye.»
Canke «ivyo umutima wiwe uhahamiye.»
Mu giheburayo havuga ngo «bakabijishira hamwe.»
Canke «nzorindira nihanganye.»
Mu giheburayo, ijambo «umwansi» riri muri uyu murongo ryerekeza ku muntu w’igitsina-gore.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ingingo yashinzwe izoba iri kure.»
Ni uruzi Efurate.
Mu giheburayo havuga ngo «kubera ivyamwa vy’ibikorwa vyabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «bazogutinya.»
Canke «rudahemuka.»
Canke «ukandagire», «uneshe.»
Canke «rudahemuka.»