Imigani 21:1-31
21 Umutima w’umwami umeze nk’imigezi y’amazi mu kuboko kwa Yehova+.
Awutumbereza aho ashatse hose+.
2 Umuntu abona ko inzira ziwe zose zigororotse+,ariko Yehova ni we asuzuma imitima*+.
3 Gukora ibitunganye n’ibigororotseni vyo bihimbara Yehova kuruta ibimazi+.
4 Amaso yishira hejuru n’umutima wibonani vyo tara ry’ababisha, ariko vyose ni igicumuro+.
5 Imigambi y’umunyamwete ntibura kuroranirwa*+,ariko abihutagiza bose bibashikana ku bukene+.
6 Itunga umuntu aronse biciye mu bubeshirimeze nk’igipfungu kiriko kirayonga be n’umutego wica*+.
7 Ababisha bazohitanwa n’ububisha bwabo+,kuko banka gukurikiza ubutungane.
8 Inzira y’uwagirwa n’icaha iragoramye,ariko ibikorwa vy’umuntu w’intungane biragororotse+.
9 Wopfuma wibera mu mfuruka y’igisenge c’inzu,hako ubana mu nzu imwe n’umugore w’amahane*+.
10 Umuntu w’umubisha aguma ahahamira ikibi+,kandi nta kagongwe agirira mugenziwe+.
11 Iyo bahanye umucokoranyi, abatazi utuntu n’utundi baca barushiriza guca ubwenge,kandi iyo umuntu w’inkerebutsi aronse ugutahura*, ubumenyi bwiwe buca bwongerekana*+.
12 Ya Mana igororotse iguma yitegereza inzu y’umubisha.Ituma ababisha bagwa mu vyago+.
13 Uwiziba amatwi ngo ntiyumve ugutabaza kw’umuntu mutoyi,na we nyene azotabaza ntiyishurwe+.
14 Ingabire itanzwe mu mpisho ihwamika ishavu+,kandi igiturire gitanzwe mu kinyegero gihwamika uburake.
15 Umugororotsi arahimbarwa no gukurikiza ubutungane+,ariko inkozi z’ikibi ntizivyerekwa.
16 Uwuheba kugendera mu nzira y’ubukerebutsi*azoruhukira mu kuzimu hamwe n’abapfuye+.
17 Uwukunda kwiryohera azogwa mu bukene+,kandi uwukunda umuvinyu n’amavuta ntazoronka itunga.
18 Umubisha abera incungu umugororotsi,kandi umuhemu azohanwa mu kibanza c’umugororotsi+.
19 Wopfuma wibera mu bugaragwa,hako ubana n’umugore w’amahane* kandi akaza ishavu+.
20 Itunga ry’agaciro n’amavuta bibarizwa mu nzu y’umunyabwenge*+,ariko umuntu w’ikijuju asesagura* ivyo afise+.
21 Uwukurikirana ubugororotsi n’urukundo*azoronka ubuzima, ubugororotsi n’ubuninahazwa+.
22 Umunyabwenge* arashobora kwurira uruhome* rw’igisagara c’abarwanyi b’intwari,agahindura ubusa inkomezi bari bizigiye+.
23 Uwugumya akanwa kiwe n’ururimi rwiweaba yirinze ingorane+.
24 Umuntu yita imbere atazirikanye ingaruka vyogirabamwita umwirasi yita imbere kandi yishima+.
25 Ikinebwe kizokwicwa n’ivyo kinohokera,kuko ata co gihereza amaboko+.
26 Kiguma kinohokera ibintu bukarinda bwira,ariko umugororotsi aratanga, nta co yimana+.
27 Ikimazi c’umubisha kirashisha+.
Hari akantu iyo agitanganye intumbero mbi*!
28 Icabona kibesha kizopfa+,ariko umuntu avuga ivyo yumvirije neza arajijura*.
29 Umuntu w’umubisha arihagararako+,ariko inzira y’umugororotsi ni yo itekanye*+.
30 Nta bukerebutsi, nta gutahura canke impanuro biri mu kurwanya Yehova+.
31 Ifarasi itegurirwa umusi w’intambara+,ariko Yehova ni we atanga ubukiriro+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «imvo.»
^ Canke «ntibura kuvamwo akarusho.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «nk’igipfungu kiriko kirayonga ku barondera urupfu.»
^ Canke «aguma atorana amahinyu.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «aca amenya ico akwiye gukora.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «umugore aguma atorana amahinyu.»
^ Canke «y’inkerebutsi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «arotsa.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «inkerebutsi.»
^ Canke «arashobora gutsinda.»
^ Canke «agitanganye inyifato mbi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «azovuga ibihe vyose.»
^ Canke «umugororotsi ni we atuma inzira yiwe itekana.»