Imigani 11:1-31
11 Umunzane usondetse* urashisha Yehova,ariko ibuye ry’umunzane rikwiye* riramuhimbara+.
2 Iyo haje ubwibone haca hakurikira uguteterwa+,ariko ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto+.
3 Ugutungana kw’abagororotsi ni kwo kubayobora+,ariko amanyanga y’ibihemu ni yo abihonya+.
4 Ubutunzi* nta co buzomara ku musi w’uburake+,ariko ubugororotsi ni bwo buzokiza umuntu urupfu+.
5 Ubugororotsi bw’umuntu w’intungane buragorora inzira yiwe,ariko umubisha azokwicwa n’ububisha bwiwe+.
6 Ubugororotsi bw’abagororotsi buzobarokora+,ariko abantu b’ibihemu bazogwa mu mutego w’ivyipfuzo vyabo+.
7 Iyo umubisha apfuye, icizigiro ciwe kiba giheze,kandi n’ivyo yari yiteze gushikako kubera ububasha bwiwe biba biheze+.
8 Umugororotsi aratabarwa mu marushwa,umubisha agaca aja mu kibanza ciwe+.
9 Akanwa k’umuntu atubaha Imana* gakwegera mugenziwe guhona,ariko abagororotsi bakizwa n’ubumenyi bwabo+.
10 Ibikorwa vyiza vy’abagororotsi bituma igisagara kinezerwa,kandi iyo ababisha bapfuye, abantu barahimbarwa+.
11 Umuhezagiro w’abagororotsi utuma igisagara gitera imbere*+,ariko akanwa k’ababisha karagisambura+.
12 Umuntu atagira ubwenge* arasuzugura mugenziwe,ariko umuntu afise ugutahura nyakwo aguma yinumiye+.
13 Umubeshi* agenda aramena ibanga+,ariko umuntu w’umwizigirwa ararigumya.
14 Ahatagira impanuro nziza* abantu barahona,ariko abajanama* benshi batuma ibintu bigenda neza*+.
15 Uwishinze ingurane y’umuntu atazi aba yikwegeye ingorane+,ariko uwanka kugira ivyo yishinze* aba yirinze ingorane.
16 Umugore w’igikundiro yironkera ubuninahazwa+,ariko abantu batagira ikigongwe bironkera ubutunzi.
17 Umuntu w’umutima mwiza* bimuviramwo ivyiza+,ariko umuntu w’inkozi y’ikibi yikwegera ingorane*+.
18 Umubisha aronka impembo y’uruhendo+,ariko uwukora ibigororotse aronka impembo nyakuri+.
19 Uwiyemeje gukora ibigororotse azobaho+,ariko uwuguma yiruka inyuma y’ibibi azopfa.
20 Abantu bafise umutima ugoramye barashisha Yehova+,ariko abantu b’intungane baramuhimbara+.
21 Umenye neza iki kintu: inkozi y’ikibi ntizobura guhanwa+,ariko abana b’umugororotsi bazorusimba.
22 Umugore mwiza ariko w’imburabwengeameze nk’impeta y’inzahabu ku zuru ry’ingurube.
23 Icipfuzo c’abagororotsi gishikana ku vyiza+,ariko icizigiro c’ababisha gishikana ku burake.
24 Hari uwutanga cane* ariko ivyiwe bikaruhira kugwira+,hakaba n’uwimana ariko akaruhira kuba umukene+.
25 Uwutanga cane azororanirwa*+,kandi uwuruhurira abandi* na we azoruhurirwa+.
26 Uwimana intete, abantu baramuvuma,ariko uwuzigurisha baramuhezagira.
27 Uwuguma arondera gukora ivyiza aba arondera gushimwa+,ariko uwurondera gukora ibibi, emwe ni vyo nyene bizomuzako+.
28 Uwizigira ubutunzi bwiwe azogwa+,ariko umugororotsi azototahara nk’amababi y’igiti+.
29 Uwukwegera ingorane* urugo rwiwe azotahira umuyaga+,kandi ikijuju kizobera umusuku umunyabwenge*.
30 Ibikorwa vy’umugororotsi ni igiti c’ubuzima+,kandi uwufasha abandi kunyurwa aba ari umunyabwenge*+.
31 Nimba n’umugororotsi atareka guhanwa kw’isi,hari akantu umubisha n’umucumuzi+!
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ry’ukuri.»
^ Canke «wiba», «ubesha.»
^ Canke «ibintu vy’agaciro.»
^ Canke «k’umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
^ Canke «gishirwa hejuru.»
^ Canke «atagira umutima.»
^ Canke «uwambika ibara abandi.»
^ Canke «uburongozi bw’ubuhanga.»
^ Canke «abahanuzi.»
^ Canke «barakiza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwanka guhana amaboko.»
^ Canke «afise urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «ibimaramare.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwusanzaza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «azodoheshwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwuvomera abandi ku bwinshi.»
^ Canke «ibimaramare.»
^ Canke «inkerebutsi.»
^ Canke «inkerebutsi.»