Imigani 11:1-31

  • Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto (2)

  • Umuntu atubaha Imana akwegera abandi guhona (9)

  • «Abajanama benshi batuma ibintu bigenda neza» (14)

  • Uwutanga cane azororanirwa (25)

  • Uwizigira ubutunzi bwiwe azogwa (28)

11  Umunzane usondetse* urashisha Yehova,ariko ibuye ry’umunzane rikwiye* riramuhimbara+.   Iyo haje ubwibone haca hakurikira uguteterwa+,ariko ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto+.   Ugutungana kw’abagororotsi ni kwo kubayobora+,ariko amanyanga y’ibihemu ni yo abihonya+.   Ubutunzi* nta co buzomara ku musi w’uburake+,ariko ubugororotsi ni bwo buzokiza umuntu urupfu+.   Ubugororotsi bw’umuntu w’intungane buragorora inzira yiwe,ariko umubisha azokwicwa n’ububisha bwiwe+.   Ubugororotsi bw’abagororotsi buzobarokora+,ariko abantu b’ibihemu bazogwa mu mutego w’ivyipfuzo vyabo+.   Iyo umubisha apfuye, icizigiro ciwe kiba giheze,kandi n’ivyo yari yiteze gushikako kubera ububasha bwiwe biba biheze+.   Umugororotsi aratabarwa mu marushwa,umubisha agaca aja mu kibanza ciwe+.   Akanwa k’umuntu atubaha Imana* gakwegera mugenziwe guhona,ariko abagororotsi bakizwa n’ubumenyi bwabo+. 10  Ibikorwa vyiza vy’abagororotsi bituma igisagara kinezerwa,kandi iyo ababisha bapfuye, abantu barahimbarwa+. 11  Umuhezagiro w’abagororotsi utuma igisagara gitera imbere*+,ariko akanwa k’ababisha karagisambura+. 12  Umuntu atagira ubwenge* arasuzugura mugenziwe,ariko umuntu afise ugutahura nyakwo aguma yinumiye+. 13  Umubeshi* agenda aramena ibanga+,ariko umuntu w’umwizigirwa ararigumya. 14  Ahatagira impanuro nziza* abantu barahona,ariko abajanama* benshi batuma ibintu bigenda neza*+. 15  Uwishinze ingurane y’umuntu atazi aba yikwegeye ingorane+,ariko uwanka kugira ivyo yishinze* aba yirinze ingorane. 16  Umugore w’igikundiro yironkera ubuninahazwa+,ariko abantu batagira ikigongwe bironkera ubutunzi. 17  Umuntu w’umutima mwiza* bimuviramwo ivyiza+,ariko umuntu w’inkozi y’ikibi yikwegera ingorane*+. 18  Umubisha aronka impembo y’uruhendo+,ariko uwukora ibigororotse aronka impembo nyakuri+. 19  Uwiyemeje gukora ibigororotse azobaho+,ariko uwuguma yiruka inyuma y’ibibi azopfa. 20  Abantu bafise umutima ugoramye barashisha Yehova+,ariko abantu b’intungane baramuhimbara+. 21  Umenye neza iki kintu: inkozi y’ikibi ntizobura guhanwa+,ariko abana b’umugororotsi bazorusimba. 22  Umugore mwiza ariko w’imburabwengeameze nk’impeta y’inzahabu ku zuru ry’ingurube. 23  Icipfuzo c’abagororotsi gishikana ku vyiza+,ariko icizigiro c’ababisha gishikana ku burake. 24  Hari uwutanga cane* ariko ivyiwe bikaruhira kugwira+,hakaba n’uwimana ariko akaruhira kuba umukene+. 25  Uwutanga cane azororanirwa*+,kandi uwuruhurira abandi* na we azoruhurirwa+. 26  Uwimana intete, abantu baramuvuma,ariko uwuzigurisha baramuhezagira. 27  Uwuguma arondera gukora ivyiza aba arondera gushimwa+,ariko uwurondera gukora ibibi, emwe ni vyo nyene bizomuzako+. 28  Uwizigira ubutunzi bwiwe azogwa+,ariko umugororotsi azototahara nk’amababi y’igiti+. 29  Uwukwegera ingorane* urugo rwiwe azotahira umuyaga+,kandi ikijuju kizobera umusuku umunyabwenge*. 30  Ibikorwa vy’umugororotsi ni igiti c’ubuzima+,kandi uwufasha abandi kunyurwa aba ari umunyabwenge*+. 31  Nimba n’umugororotsi atareka guhanwa kw’isi,hari akantu umubisha n’umucumuzi+!

Utujambo tw'epfo

Canke «ry’ukuri.»
Canke «wiba», «ubesha.»
Canke «ibintu vy’agaciro.»
Canke «k’umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Canke «gishirwa hejuru.»
Canke «atagira umutima.»
Canke «uwambika ibara abandi.»
Canke «uburongozi bw’ubuhanga.»
Canke «abahanuzi.»
Canke «barakiza.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwanka guhana amaboko.»
Canke «afise urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ibimaramare.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwusanzaza.»
Mu giheburayo havuga ngo «azodoheshwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwuvomera abandi ku bwinshi.»
Canke «ibimaramare.»
Canke «inkerebutsi.»
Canke «inkerebutsi.»