Imigani 9:1-18
9 Ubukerebutsi nyakuri bwariyubakiye inzu,bwibazira n’inkingi indwi zayo.
2 Bwarateguye neza inyama,buravanga umuvinyu wabwobwongera burategura imeza.
3 Bwarungitse abasukukazi babwoahantu hataramutse mu gisagara, kugira basemerere+ bati:
4 «Umuntu wese atazi utuntu n’utundi naze hano.»
Bubwira abantu bose batagira ubwenge* buti:
5 «Nimuze murye ku bifungurwa vyanje*,munywe no ku muvinyu navanze.
6 Nimuhebe ubujuju bwanyu* maze mubeho+.Nimutere muja imbere mu nzira y’ugutegera+.»
7 Uwukebuye umucokoranyi aba yikwegeye agateterwe+,kandi uwukosoye umubisha ntabura kugira ingorane.
8 Ntukosore umucokoranyi, ahandiho azoca akwanka+.
Urakosora umunyabwenge*, na we azogukunda+.
9 Niwigishe umunyabwenge, na we azorushiriza kugira ubwenge+.
Niwigishe umugororotsi, na we azokwongereza ubumenyi bwiwe.
10 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+,kandi kumenya wa Mweranda cane+ ni kwo gutegera.
11 Kuko ubukerebutsi buzotuma imisi yawe iba myinshi+,kandi imyaka y’ubuzima bwawe izokwongerekana.
12 Niwaca ubwenge*, ni wewe bizogirira akamaro,ariko niwaba umucokoranyi uzokwibonerako.
13 Umugore w’imburabwenge avugira hejuru+.
Ni ikijuju kandi nta kintu na kimwe azi.
14 Yicara ku muryango w’inzu yiwe,ku ntebe, ahantu hataramutse mu gisagara+,
15 agasemerera abwira abarengana,abagenda batumbereye inzira yabo ati:
16 «Umuntu wese atazi utuntu n’utundi naze hano.»
Abwira abantu bose batagira ubwenge*+ ati:
17 «Amazi bivye arasosa,kandi ibifungurwa umuntu ariye yinyegeje biraryoha+.»
18 Ariko ntibazi ko inzu yiwe yuzuyemwo abapfuye,ko abatumire biwe bari epfo mu kuzimu+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «batagira umutima.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku mukate wanje.»
^ Canke «nimuhebe abantu batazi utuntu n’utundi.»
^ Canke «inkerebutsi.»
^ Canke «niwaba inkerebutsi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «batagira umutima.»