Imigani 9:1-18

  • Ubukerebutsi nyabwo buratumira (1-12)

    • «Ubukerebutsi buzotuma imisi yawe iba myinshi» (11)

  • Umugore w’imburabwenge ariko aratumira (13-18)

    • «Amazi bivye arasosa» (17)

9  Ubukerebutsi nyakuri bwariyubakiye inzu,bwibazira n’inkingi indwi zayo.   Bwarateguye neza inyama,buravanga umuvinyu wabwobwongera burategura imeza.   Bwarungitse abasukukazi babwoahantu hataramutse mu gisagara, kugira basemerere+ bati:   «Umuntu wese atazi utuntu n’utundi naze hano.» Bubwira abantu bose batagira ubwenge* buti:   «Nimuze murye ku bifungurwa vyanje*,munywe no ku muvinyu navanze.   Nimuhebe ubujuju bwanyu* maze mubeho+.Nimutere muja imbere mu nzira y’ugutegera+   Uwukebuye umucokoranyi aba yikwegeye agateterwe+,kandi uwukosoye umubisha ntabura kugira ingorane.   Ntukosore umucokoranyi, ahandiho azoca akwanka+. Urakosora umunyabwenge*, na we azogukunda+.   Niwigishe umunyabwenge, na we azorushiriza kugira ubwenge+. Niwigishe umugororotsi, na we azokwongereza ubumenyi bwiwe. 10  Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+,kandi kumenya wa Mweranda cane+ ni kwo gutegera. 11  Kuko ubukerebutsi buzotuma imisi yawe iba myinshi+,kandi imyaka y’ubuzima bwawe izokwongerekana. 12  Niwaca ubwenge*, ni wewe bizogirira akamaro,ariko niwaba umucokoranyi uzokwibonerako. 13  Umugore w’imburabwenge avugira hejuru+. Ni ikijuju kandi nta kintu na kimwe azi. 14  Yicara ku muryango w’inzu yiwe,ku ntebe, ahantu hataramutse mu gisagara+, 15  agasemerera abwira abarengana,abagenda batumbereye inzira yabo ati: 16  «Umuntu wese atazi utuntu n’utundi naze hano.» Abwira abantu bose batagira ubwenge*+ ati: 17  «Amazi bivye arasosa,kandi ibifungurwa umuntu ariye yinyegeje biraryoha+ 18  Ariko ntibazi ko inzu yiwe yuzuyemwo abapfuye,ko abatumire biwe bari epfo mu kuzimu+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «batagira umutima.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku mukate wanje.»
Canke «nimuhebe abantu batazi utuntu n’utundi.»
Canke «inkerebutsi.»
Canke «niwaba inkerebutsi.»
Mu giheburayo havuga ngo «batagira umutima.»