Imigani 27:1-27

27  Ntiwiratire umusi w’ejo,kuko ata wumenya ico buca bucana*+.   Wopfuma ushemezwa n’uwundi*, atari akanwa kawe.Wopfuma ushemezwa n’abandi*, hako ushemezwa n’iminwa yawe+.   Ibuye riraremereye kandi n’umusenyi uraremereye,ariko ingorane zikwegwa n’ikijuju ziraremereye kubiruta vyose+.   Hariho uburake bukaze hakaba n’ishavu ryonona nk’isegenya,ariko ishari ni ribi kubisumba vyose+.   Gukosorwa ata guca ku ruhande biruta urukundo ruhishijwe+.   Umugenzi w’umwizigirwa aragukosora naho vyokubabaza+,ariko umwansi wewe aguma agusomagura*.   Uwuhimvye ariyankisha* ubuki bwo mu kimamara,ariko uwushonje mbere n’ibirura yumva ko bisosa.   Kurya kw’inyoni iyerera kure* y’icari cayo,ni ko n’umuntu ayerera kure y’aho aba.   Nka kurya amavuta n’imibavu binezereza umutima,ni ko n’umugenzi aguha impanuro nziza amera+. 10  Ntuhebe umugenzi wawe canke umugenzi wa so,kandi ntiwinjire mu nzu ya mwenewanyu igihe uri mu vyago.Umubanyi ari hafi aruta uwo muvukana ari kure+. 11  Ca ubwenge* mwananje, unezereze umutima wanje+,kugira nshobore kwishura uwunsomborotsa*+. 12  Umunyabwenge arihisha abonye akaga kaje+,ariko ibijuju* birabandanya inzira maze bikibonerako*. 13  Umuntu niyishinga ingurane y’umuntu atazi, uraca ufata impuzu yiwe,ariko niyishinga ingurane y’umugore w’igihumbu*, uraca umwaka ingwati+. 14  Iyo umuntu azindutse arahezagira mugenziwe n’ijwi ryumvikana,bifatwa nk’umuvumo. 15  Umugore w’amahane* ameze nk’igisenge kiguma kiva ku musi w’imvura+. 16  Uwushoboye kumutururuza aba ashoboye no gutururuza umuyaga,kandi aba ashoboye gupfumbata amavuta mu kuboko kwiwe kw’ukuryo. 17  Kurya icuma gikarisha ikindi,ni ko umuntu akarisha umugenzi wiwe*+. 18  Uwubungabunga igiti c’umusukoni azorya ivyamwa vyaco+,kandi uwitwararika shebuja azoterwa iteka+. 19  Kurya umuntu yibona mu maso aravye mu mazi,ni ko umutima w’uwundi muntu ushobora kuduhishurira ico turi. 20  Nka kurya ukuzimu n’ikibanza c’agatikizo* bitigera bihaga+,ni ko n’amaso y’umuntu atigera ahaga. 21  Kurya inkono yo mu ruganda ityorora ifeza, ifuru na yo igatyorora inzahabu+,ni ko n’umuntu asuzumwa n’amajambo yo kumukeza*. 22  Naho wosekura igipfu n’umuhininka kurya basekura intete mw’isekuro,ubupfu bwaco ntibukivako. 23  Ukwiye kumenya neza* ingene ubusho bwawe bumeze. Nubungabunge intama zawe+, 24  kuko itunga ritamaho ibihe vyose+,kandi n’urugori ntirwamaho imyaka yose*. 25  Ivyatsi bitoto birahera hakaza ibindi,hanyuma bakegeranya ivyatsi vyo ku misozi. 26  Impfizi z’intama zizokuronsa ivyambarwa,amasuguru y’impene na yo akuronse amahera yo kugura itongo. 27  Kandi uzoronka n’amata y’impene ahagije agutunga,atunge urugo rwawe hamwe n’abasukukazi bawe.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ata wumenya ico umusi uvyara.»
Mu giheburayo havuga ngo «n’umuntu utazi.»
Mu giheburayo havuga ngo «n’umunyamahanga.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «agusomagura bitavuye ku mutima.»
Mu giheburayo havuga ngo «ahonyanga.»
Canke «ihungira kure.»
Canke «ba inkerebutsi.»
Canke «uwuntuka», «uwuncokora.»
Canke «bigahanwa.»
Canke «abantu batazi utuntu n’utundi.»
Canke «umunyamahangakazi.»
Canke «aguma atorana amahinyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu maso h’umugenzi wiwe.»
Canke «Abadoni.» Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ni ko no gukezwa bihishura ico umuntu ari.»
Canke «gushira umutima», «kwitwararika.»
Canke «uko urunganwe rukurikira urundi.»