Imigani 7:1-27
7 Mwananje, niwubahirize amajambo yanje,kandi ubike muri ntibate amabwirizwa yanje+.
2 Nukurikize amabwirizwa yanje maze ubandanye kubaho+,uzigame itegeko* ryanje nk’imbone y’ijisho ryawe.
3 Bibohere ku ntoke zawe,uvyandike ku gisate c’umutima wawe+.
4 Bwira ubukerebutsi uti: «Uri mushikanje»,
ugutahura na kwo uguhamagare uti: «Ncuti yanje»,
5 kugira bikurinde umugore w’igitandero*+,bikurinde umugore w’igihumbu* n’amajambo yiwe asosa*+.
6 Igihe nari kw’idirisha ry’inzu yanje,nararavye hasi ncishije mu kayungiro.
7 Nariko ndihweza abantu b’ibijuju*,maze mbona mu basore umuhungu atagira ubwenge*+.
8 Nuko aca iruhande y’ikorosi ry’ibarabara uwo mugore abako,agenda atumbereye inzu abamwo.
9 Hari ku mugoroba buhwibiriye+,ijoro n’umwiza vyegereje.
10 Maze mbona umugore aje kumusanganira,yambaye nk’umumaraya*+, yuzuye amayeri mu mutima.
11 Avugira hejuru kandi ni intagondwa+.
Ntiyigera arangwa muhira*.
12 Umwanya umwe aba ari hanze, uwundi akaba ari mu kibanza rusangi*.Aguma yitembereza ku masanganzira yose+.
13 Nuko aramufata akamusoma,akamubwira ata n’udusoni ati:
14 «Natanze ibimazi vyo gusangira+.
Uyu musi nashikije indagano zanje.
15 Ni co gituma nasohotse kugusanganira.Naje kukurondera, none nagutoye.
16 Igitanda canje nagishasheko ibisaswa vyiza cane,ibisaswa vy’amabara bikozwe mw’ilino* yo mu Misiri+.
17 Namotesheje igitanda canje, ndakimijagirako imira*, ingagari na kanele*+.
18 Ingo turyamane* burinde buca,twinovore urukundo rusosa,
19 kuko umugabo wanje atari muhira,yafashe urugendo rwa kure.
20 Yagiye atwaye isaho y’amahera,kandi azogaruka ukwezi kugeze hagati*.»
21 Aramuzimiza akoresheje ukujijura gukomeye+,
akamuryosharyosha akoresheje akarimi gasosa.
22 Ubwo nyene aca amukurikira nk’impfizi y’inka igiye ku macuniro*,nk’ikijuju babohesheje amapingu* kugira bagihane+,
23 gushika umwampi umutobekeranije mu gitigu.Nka kurya kw’inyoni yita mu mutego, ntamenya ko azohasiga ubuzima+.
24 Ubu rero bane banje, nimunyumvirizekandi mutege ugutwi ivyo mvuga.
25 Ntimureke ngo abatware umutima*,
kandi ntimwiyerereze mu nzira ziwe+,
26 kuko abo amaze kugandagura ari benshi+.Emwe, abo amaze kwica ntibagira igitigiri+.
27 Inzu yiwe ni inzira ija mu kuzimu,kandi igushikana mu mwiza w’urupfu.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «inyigisho.»
^ Canke «aryosharyosha.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «atagira umutima.»
^ Canke «batazi utuntu n’utundi.»
^ Canke «yambaye impuzu z’umumaraya.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ibirenge vyiwe ntivyigera biguma muhira.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «n’umudarasini.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ingo tunywe urukundo.»
^ Canke «ukwezi kumeze nk’igisyo.»
^ Canke «kw’ibagiro.»
^ Canke «baboheye mu mpatane z’ibiti.» Raba Insiguro y’amajambo (Impatane z’ibiti).
^ Mu giheburayo havuga ngo «ntimureke ngo umutima wanyu ukatire mu nzira ziwe.»