Imigani 7:1-27

  • Gamburukira Imana maze wibereho (1-5)

  • Umusore w’ikijuju yemera kuryosharyoshwa (6-27)

    • «Nk’ishuri igiye ku macuniro» (22)

7  Mwananje, niwubahirize amajambo yanje,kandi ubike muri ntibate amabwirizwa yanje+.   Nukurikize amabwirizwa yanje maze ubandanye kubaho+,uzigame itegeko* ryanje nk’imbone y’ijisho ryawe.   Bibohere ku ntoke zawe,uvyandike ku gisate c’umutima wawe+.   Bwira ubukerebutsi uti: «Uri mushikanje», ugutahura na kwo uguhamagare uti: «Ncuti yanje»,   kugira bikurinde umugore w’igitandero*+,bikurinde umugore w’igihumbu* n’amajambo yiwe asosa*+.   Igihe nari kw’idirisha ry’inzu yanje,nararavye hasi ncishije mu kayungiro.   Nariko ndihweza abantu b’ibijuju*,maze mbona mu basore umuhungu atagira ubwenge*+.   Nuko aca iruhande y’ikorosi ry’ibarabara uwo mugore abako,agenda atumbereye inzu abamwo.   Hari ku mugoroba buhwibiriye+,ijoro n’umwiza vyegereje. 10  Maze mbona umugore aje kumusanganira,yambaye nk’umumaraya*+, yuzuye amayeri mu mutima. 11  Avugira hejuru kandi ni intagondwa+. Ntiyigera arangwa muhira*. 12  Umwanya umwe aba ari hanze, uwundi akaba ari mu kibanza rusangi*.Aguma yitembereza ku masanganzira yose+. 13  Nuko aramufata akamusoma,akamubwira ata n’udusoni ati: 14  «Natanze ibimazi vyo gusangira+. Uyu musi nashikije indagano zanje. 15  Ni co gituma nasohotse kugusanganira.Naje kukurondera, none nagutoye. 16  Igitanda canje nagishasheko ibisaswa vyiza cane,ibisaswa vy’amabara bikozwe mw’ilino* yo mu Misiri+. 17  Namotesheje igitanda canje, ndakimijagirako imira*, ingagari na kanele*+. 18  Ingo turyamane* burinde buca,twinovore urukundo rusosa, 19  kuko umugabo wanje atari muhira,yafashe urugendo rwa kure. 20  Yagiye atwaye isaho y’amahera,kandi azogaruka ukwezi kugeze hagati* 21  Aramuzimiza akoresheje ukujijura gukomeye+, akamuryosharyosha akoresheje akarimi gasosa. 22  Ubwo nyene aca amukurikira nk’impfizi y’inka igiye ku macuniro*,nk’ikijuju babohesheje amapingu* kugira bagihane+, 23  gushika umwampi umutobekeranije mu gitigu.Nka kurya kw’inyoni yita mu mutego, ntamenya ko azohasiga ubuzima+. 24  Ubu rero bane banje, nimunyumvirizekandi mutege ugutwi ivyo mvuga. 25  Ntimureke ngo abatware umutima*, kandi ntimwiyerereze mu nzira ziwe+, 26  kuko abo amaze kugandagura ari benshi+.Emwe, abo amaze kwica ntibagira igitigiri+. 27  Inzu yiwe ni inzira ija mu kuzimu,kandi igushikana mu mwiza w’urupfu.

Utujambo tw'epfo

Canke «inyigisho.»
Mu giheburayo havuga ngo «w’umunyamahangakazi.» Raba akajambo k’epfo mu Img 2:16.
Mu giheburayo havuga ngo «w’umunyamahangakazi.» Raba akajambo k’epfo mu Img 2:16.
Canke «aryosharyosha.»
Mu giheburayo havuga ngo «atagira umutima.»
Canke «batazi utuntu n’utundi.»
Canke «yambaye impuzu z’umumaraya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibirenge vyiwe ntivyigera biguma muhira.»
Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «n’umudarasini.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingo tunywe urukundo.»
Canke «ukwezi kumeze nk’igisyo.»
Canke «kw’ibagiro.»
Canke «baboheye mu mpatane z’ibiti.» Raba Insiguro y’amajambo (Impatane z’ibiti).
Mu giheburayo havuga ngo «ntimureke ngo umutima wanyu ukatire mu nzira ziwe.»