Imigani 6:1-35
6 Mwananje, nimba warishinze ingurane ya mugenzawe+,ukishinga ingurane* y’umuntu utazi+,
2 nimba waguye mu mutego w’ivyo wasezeranye,ugafatwa n’amajambo y’akanwa kawe+,
3 ng’ibi rero ivyo ukwiye gukora mwananje kugira wirokore,kuko waguye mu maboko ya mugenzawe:
genda wicishe bugufi imbere yiwe, umutakambire wivuye inyuma+.
4 Ntukundire amaso yawe gusinziracanke ngo wemere gutora agatiro.
5 Niwirokore nka kurya kw’ingeregere mu kuboko kw’umuhigi,nka kurya kw’inyoni mu kuboko kw’umuhigi w’inyoni.
6 Genda ku kimonyo wa kinebwe we+,witegereze uko kibayeho maze uce ubwenge.
7 Naho kidafise umukomanda canke umurongozi canke umutware,
8 kiregeranya indya zaco mu gihe c’iyimbura,kigategura ibifungurwa vyaco mu ci+.
9 Uzoguma wiryamiye gushika ryari ga wa kinebwe we?
Uzokwikangura ryari?
10 Iryamire gatoyi, wisinzirire gatoyi,uzinge amaboko wiruhukire+
11 maze ubukene buzokuzako nk’igisuma,amagorwa akuzeko nk’umuntu yitwaje ikirwanisho+.
12 Umuntu w’imburakimazi kandi w’umubisha aguma ayerera avuga ibinyoma+.
13 Aravunagura ingohe+, akagira ibimenyetso n’ikirenge be n’intoke.
14 Umutima wiwe urakunda ibibi.Aguma ategura imigambi mibi+, akaguma atera amahane+.
15 Ni co gituma ivyago bizomuzako giturumbuka.Azovunika mu kanya isase kandi ntazokira+.
16 Hari ibintu bitandatu bishisha Yehova,emwe, ibintu indwi bimusesema:
17 amaso yishira hejuru+, ururimi rubesha+, amaboko asesa amaraso y’intungane+,
18 umutima utegura imigambi y’ububisha+, ibirenge vyirukira ikibi,
19 icabona c’ikinyoma kiguma kibesha+hamwe n’umuntu atera amahane mu bavukana+.
20 Mwananje, niwubahirize ibwirizwa rya so wawekandi ntiwirengagize itegeko* rya nyoko wawe+.
21 Niwame ubiboheye ku mutima wawe,ubizingire mw’izosi ryawe.
22 Bizokuyobora uriko uragenda,bikurinde iyo uryamyekandi bikwigishe* iyo uvyutse.
23 Kuko ibwirizwa ari itara+,itegeko ni umuco+,kandi gukosorwa ni inzira ijana mu buzima+.
24 Bizokurinda umugore ameze nabi+,bikurinde akarimi gasosa k’umugore w’igihumbu*+.
25 Ntukipfuze ubwiza bwiwe mu mutima wawe+canke ngo ureke amaso yiwe meza agukwegakwege,
26 kuko umumaraya atuma usigara utunzwe n’akamanyu k’umukate gusa+,ariko umugore w’abandi agutwara ubuzima.
27 Mbega umuntu yorunda umuriro mu gikiriza ciwe ariko impuzu ziwe ntizishe+?
28 Canke umuntu yogendera ku makara yaka ariko ibirenge vyiwe ntibishe?
29 Ni ko bigenda no ku muntu wese asambana n’umugore w’abandi.Uwumukorako wese ntazogenda adahanywe+.
30 Abantu ntibasuzugura igisumaiyo civye kugira cimare inzara.
31 Ariko iyo gifashwe, cishura ibingana na vyo incuro indwi.Gitanga ibintu vyose vy’agaciro vyo mu nzu yaco+.
32 Uwurenga ibigo n’umugore w’abandi ntagira ubwenge*.Uwubigira aba yikwegeye guhona+.
33 Nta kindi ahakura atari inguma n’agateterwe+,kandi ibara aba yiyambitse ntirizozimangana+.
34 Ishari ni ryo rituma umugabo ashavura,kandi nta kigongwe azogira igihe azoba ariko arihora+.
35 Ntazokwemera indishi y’akababaro*.Nta ngabire n’imwe izomutururuza, naho yoba nini gute.

