Imigani 4:1-27

  • Inyigisho y’umuvyeyi (1-27)

    • Niwironse ubukerebutsi imbere ya vyose (7)

    • Nuhunge inzira mbi (14, 15)

    • Inzira y’umugororotsi iguma irushiriza gukayangana (18)

    • «Rinda umutima wawe» (23)

4  Bane banje, nimwumvirize inyigisho* ya so+.Nimuntege ugutwi kugira muronke ugutegera,   kuko ngira ndabigishe ibintu vyiza.Ntimuhebe itegeko* ryanje+.   Nabereye dawe umwana mwiza+,kandi mawe yarankunda cane+.   Dawe yaranyigisha, akambwira ati: «Ese amajambo yanje yoguma ku mutima wawe+! Nugamburuke amabwirizwa yanje maze ubandanye kubaho+.   Niwironse ubukerebutsi, wironse ugutegera+. Ntuze wibagire ivyo mvuga, ntuze uvyirengagize.   Ntubuhebe, na bwo buzogukingira. Bukunde, na bwo buzokuzigama.   Ubukerebutsi ni co kintu nyamukuru*+, nubwironse rero.Kandi mu vyo wironsa vyose, ntiwibagire ugutegera+.   Nubuhe agaciro cane, na bwo buzogushira hejuru+. Buzogutera iteka kuko wabugumbiriye+.   Buzokwambika ku mutwe igitsibo giteye igomwe,bugusharize n’urugori rwiza.» 10  Nyumviriza mwananje, kandi wemere ivyo nkubwiye.Aho ni ho uzomara imyaka myinshi+. 11  Nzokwigisha inzira y’ubukerebutsi+,kandi nzokuyobora mu nzira y’ubugororotsi+. 12  Nta kizotangira ibirenge vyawe igihe uzoba uriko uragenda,kandi niwiruka ntuzotsitara. 13  Nugumye indero*, ntuyirekure+. Yizigame kuko ari yo buzima bwawe+. 14  Ntugendere mw’ibarabara ry’ababisha,kandi ntuce mu nzira y’inkozi z’ikibi+. 15  Yireke ntuyicemwo+.Nukate uyirengane+. 16  Kuko badasinzira badakoze ikibi. Ntibatora agatiro badakubise umuntu hasi. 17  Barya ibifungurwa* bivuye mu bubisha,bakanywa umuvinyu uvuye mu bukozi bw’ikibi. 18  Ariko inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondougenda urushiriza gukayangana gushika hakeye neza+. 19  Inzira y’ababisha imeze nk’umwijima,ntibamenya ico batsitarako. 20  Mwananje, nutege ugutwi amajambo yanje,wumvirize neza ivyo nkubwira. 21  Ntuze uvyibagire*.Nubigumize ku mutima wawe+, 22  kuko ababironse baba baronse ubuzima+kandi bituma bagira amagara meza. 23  Rinda umutima wawe kuruta ibindi vyose+,kuko ari wo urimwo isoko ry’ubuzima. 24  Niwamirire kure amajambo y’ibinyoma+kandi wirinde imvugo y’uburyarya. 25  Amaso yawe akwiye kuguma araba imbere,emwe nugume uraba imbere yawe+. 26  Nuringanize* inzira y’ibirenge vyawe+,uzoheza wigire ata nkomanzi. 27  Ntukatire iburyo canke ibubamfu+. Nuce kure ikibi.

Utujambo tw'epfo

Canke «indero.»
Canke «inyigisho.»
Canke «ni co kintu gihambaye.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Canke «nubigumizeko ijisho.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nusuzume neza.»