Imigani 4:1-27
4 Bane banje, nimwumvirize inyigisho* ya so+.Nimuntege ugutwi kugira muronke ugutegera,
2 kuko ngira ndabigishe ibintu vyiza.Ntimuhebe itegeko* ryanje+.
3 Nabereye dawe umwana mwiza+,kandi mawe yarankunda cane+.
4 Dawe yaranyigisha, akambwira ati: «Ese amajambo yanje yoguma ku mutima wawe+!
Nugamburuke amabwirizwa yanje maze ubandanye kubaho+.
5 Niwironse ubukerebutsi, wironse ugutegera+.
Ntuze wibagire ivyo mvuga, ntuze uvyirengagize.
6 Ntubuhebe, na bwo buzogukingira.
Bukunde, na bwo buzokuzigama.
7 Ubukerebutsi ni co kintu nyamukuru*+, nubwironse rero.Kandi mu vyo wironsa vyose, ntiwibagire ugutegera+.
8 Nubuhe agaciro cane, na bwo buzogushira hejuru+.
Buzogutera iteka kuko wabugumbiriye+.
9 Buzokwambika ku mutwe igitsibo giteye igomwe,bugusharize n’urugori rwiza.»
10 Nyumviriza mwananje, kandi wemere ivyo nkubwiye.Aho ni ho uzomara imyaka myinshi+.
11 Nzokwigisha inzira y’ubukerebutsi+,kandi nzokuyobora mu nzira y’ubugororotsi+.
12 Nta kizotangira ibirenge vyawe igihe uzoba uriko uragenda,kandi niwiruka ntuzotsitara.
13 Nugumye indero*, ntuyirekure+.
Yizigame kuko ari yo buzima bwawe+.
14 Ntugendere mw’ibarabara ry’ababisha,kandi ntuce mu nzira y’inkozi z’ikibi+.
15 Yireke ntuyicemwo+.Nukate uyirengane+.
16 Kuko badasinzira badakoze ikibi.
Ntibatora agatiro badakubise umuntu hasi.
17 Barya ibifungurwa* bivuye mu bubisha,bakanywa umuvinyu uvuye mu bukozi bw’ikibi.
18 Ariko inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondougenda urushiriza gukayangana gushika hakeye neza+.
19 Inzira y’ababisha imeze nk’umwijima,ntibamenya ico batsitarako.
20 Mwananje, nutege ugutwi amajambo yanje,wumvirize neza ivyo nkubwira.
21 Ntuze uvyibagire*.Nubigumize ku mutima wawe+,
22 kuko ababironse baba baronse ubuzima+kandi bituma bagira amagara meza.
23 Rinda umutima wawe kuruta ibindi vyose+,kuko ari wo urimwo isoko ry’ubuzima.
24 Niwamirire kure amajambo y’ibinyoma+kandi wirinde imvugo y’uburyarya.
25 Amaso yawe akwiye kuguma araba imbere,emwe nugume uraba imbere yawe+.
26 Nuringanize* inzira y’ibirenge vyawe+,uzoheza wigire ata nkomanzi.
27 Ntukatire iburyo canke ibubamfu+.
Nuce kure ikibi.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «indero.»
^ Canke «inyigisho.»
^ Canke «ni co kintu gihambaye.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
^ Canke «nubigumizeko ijisho.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «nusuzume neza.»