Ivyahishuriwe Yohani 15:1-8

  • Abamarayika indwi bafise ivyago indwi (1-8)

    • Ururirimbo rwa Musa n’urwa wa Mwagazi w’intama (3, 4)

15  Maze mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gikomeye kandi gitangaje: abamarayika indwi+ bafise ivyago indwi. Ivyo vyago ni vyo vya nyuma, kuko ari vyo birangiza ishavu ry’Imana+. 2  Maze mbona ikintu kimeze nk’ikiyaga c’ikiyo+ kivanze n’umuriro. Iruhande y’ico kiyaga c’ikiyo hari hahagaze abatsinze+ ca gikoko, ishusho yaco+ n’igitigiri c’izina ryaco+, kandi bari bafise inanga z’Imana. 3  Bariko baririmba ururirimbo rwa Musa+ umusavyi w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama+, bavuga bati: «Ewe Yehova* Mana Mushoboravyose+, ibikorwa vyawe+ birakomeye kandi ni agatangaza. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri+, Mwami w’ibihe bidahera+. 4  Ewe Yehova*, ni nde atazogutinya canke atazoninahaza izina ryawe+? Kuko ari wewe wenyene uri intahemuka! Amahanga yose azoza imbere yawe agusenge+, kuko wahishuye ingingo zawe zigororotse.» 5  Inyuma y’ivyo, mbona ihema ryeranda*+ ryuguruwe mw’ijuru+. 6  Ba bamarayika indwi bafise ivyago indwi+ baca barasohoka bava muri iryo hema ryeranda, bambaye impuzu z’ilino zisukuye kandi zikayangana, bakenyeye n’imikanda y’inzahabu mu bikiriza vyabo. 7  Kimwe muri vya binyabuzima bine gica giha abo bamarayika indwi amabakure indwi y’inzahabu. Ayo mabakure yari yuzuye ishavu ry’Imana+, imwe yamaho gushika ibihe bidahera. 8  Umwotsi uca wuzura muri iryo hema ryeranda kubera ubuninahazwa bw’Imana+ no kubera ububasha bwayo. Nta n’umwe yashoboye kwinjirayo ivyo vyago indwi+ vy’abamarayika indwi bitarahera.

Utujambo tw'epfo

^ Ni ukuvuga Aheranda cane h’urusengero. Mu kigiriki havuga ngo «ihema ry’icabona.»