Ivyahishuriwe Yohani 2:1-29

  • Ubutumwa kw’ishengero ry’i Efeso (1-7), iry’i Simuruna (8-11), iry’i Perugamo (12-17) n’iry’i Tiyatira (18-29)

2  Andikira umumarayika+ w’ishengero ry’i Efeso+ uti: Umwe afise inyenyeri indwi mu kuboko kwiwe kw’ukuryo, akagendera hagati ya vya bintu indwi baterekako amatara vy’inzahabu, avuze ati+:  “Ndazi ibikorwa vyawe, ukubira akuya kwawe n’ukwihangana kwawe. Ndazi kandi ko utihanganira abantu babi be n’uko wasuzumye abiyita intumwa+ kandi atari bo, ugasanga ni ababeshi.  Vyongeye, urihangana kandi warumiyeko kubera izina ryanje+, ntiwarambiwe+.  Ariko hariho ikintu ndakunegura: warahevye urukundo wari ufise mu ntango.  Ibuka rero aho watemvye uva, wigaye+ maze ukore ibikorwa nk’ivyo mu ntango. Nutigaya, nzoza iwawe maze nkure ico baterekako amatara cawe+ mu kibanza caco, kiretse wigaye+.  Ariko hariho ikintu ndagushima: uranka ibikorwa vy’akagwi k’idini ka Nikola+, kandi na jewe ndavyanka.  Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero+: uwutsinda+ nzomuha kurya ku giti c’ubuzima+ kiri mw’iparadizo y’Imana.”  Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna uti: “Umwe wa mbere akaba n’uwa nyuma+”, umwe yapfa ariko agasubira kuba muzima+, avuze ati:  “Ndazi umubabaro wawe n’ubukene bwawe, ariko uri umutunzi+. Ndazi kandi ibitutsi bivugwa n’abiyita ngo ni Abayuda kandi atari bo, ahubwo ari akagwi* ka Shetani+. 10  Ntutinye ibigira bigushikire+. Shetani* azobandanya guta mw’ibohero bamwe muri mwebwe kugira mugezwe bimwe bishitse, kandi muzomara imisi cumi muriko murahamwa. Nugume uri umwizigirwa gushika ku rupfu, nanje nzoguha urugori rw’ubuzima+. 11  Uwuri n’ugutwi niyumve+ ico impwemu ibwira amashengero: uwutsinda+ ntazogenda ashikiwe n’urupfu rwa kabiri+.” 12  Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo uti: Umwe afise inkota ndende ikarishe y’ubugi bubiri+ avuze ati: 13  “Ndazi aho uba, kandi ndazi ko ari ho hari intebe y’ubwami ya Shetani. Ariko warumiye kw’izina ryanje+ kandi ntiwahakanye ko unyizera+, mbere no mu misi ya Antipa, ca cabona canje w’umwizigirwa+ biciye+ iruhande yawe, aho Shetani aba. 14  Ariko hariho ibintu bikeyi ndakunegura: iwawe hariho abakurikira inyigisho ya Balamu+, umwe yigisha Balaki+ ingene yotsitaza Abisirayeli, kugira barye ivyashikaniwe ibigirwamana bongere bakore ubusambanyi*+. 15  Vyongeye, iwawe urafise abakurikira inyigisho z’akagwi k’idini ka Nikola+. 16  Niwigaye rero. Nutigaya, ngira nze ningoga iwawe kandi nzobarwanya nkoresheje ya nkota ndende yo mu kanwa kanje+. 17  Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero+: uwutsinda+ nzomuha kuri manu yanyegejwe+, kandi nzomuha akabuye kera kanditseko izina rishasha ata n’umwe arizi, kiretse uwurironse.” 18  Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Tiyatira+ uti: Umwana w’Imana, umwe afise amaso ameze nk’urubeya rw’umuriro+, n’ibirenge bimeze nk’umujumpu mwiza+, avuze ati: 19  “Ndazi ibikorwa vyawe, urukundo rwawe, ukwizera kwawe, igikorwa ukorera Imana n’ukwihangana kwawe, kandi ndazi ko ibikorwa vyawe vya vuba biruta ivyo mu ntango. 20  Ariko hariho ikintu ndakunegura: urarekerana urya mugore Yezebeli+ yiyita umuhanuzikazi, akigisha akongera akazimiza abashumba banje kugira bakore ubusambanyi*+ bongere barye ivyashikaniwe ibigirwamana. 21  Naramuhaye umwanya wo kwigaya, mugabo ntashaka kwigaya ngo ahebe ubusambanyi* bwiwe. 22  Ehe ngira ndamuteze indwara ituma atava ku buriri, kandi abasambana na we nzobateza imibabaro ikomeye*, kiretse bigaye ibikorwa abosha gukora*. 23  Nzokwica abana biwe nkoresheje ikiza cica, kugira amashengero yose amenye ko ari jewe nsuzuma imitima n’ivyiyumviro vyihishije*, kandi umwe wese muri mwebwe nzomuha ibihuye n’ibikorwa vyiwe+. 24  Ariko mwebwe abasigaye bo mw’ishengero ry’i Tiyatira, mwebwe mwese mudakurikira iyo nyigisho, mwebwe mutamenye ivyo bita ‘ibintu vyimbitse vya Shetani+’, ndababwiye nti: nta wundi muzigo ndabikoreje. 25  Mwebwe gusa nimugumye ico mufise gushika nje+. 26  Uwutsinda kandi akaguma yisunga ibikorwa vyanje gushika kw’iherezo, nzomuha ububasha ku mahanga+, 27  nk’uko na jewe nabuhawe na Data. Azoganza amahanga akoresheje inkoni y’icuma+, ku buryo amenagurika nk’ibikoresho vy’ibumba. 28  Nzomuha kandi inyenyeri yo mu gatondo+. 29  Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.”

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «isinagogi.»
Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «amakuba akomeye.»
Mu kigiriki havuga ngo «bigaye ibikorwa vyiwe.»
Canke «n’inyiyumvo z’ibwina.» Mu kigiriki havuga ngo «n’amafyigo.»