Ivyahishuriwe Yohani 2:1-29
2 Andikira umumarayika+ w’ishengero ry’i Efeso+ uti: Umwe afise inyenyeri indwi mu kuboko kwiwe kw’ukuryo, akagendera hagati ya vya bintu indwi baterekako amatara vy’inzahabu, avuze ati+:
2 “Ndazi ibikorwa vyawe, ukubira akuya kwawe n’ukwihangana kwawe. Ndazi kandi ko utihanganira abantu babi be n’uko wasuzumye abiyita intumwa+ kandi atari bo, ugasanga ni ababeshi.
3 Vyongeye, urihangana kandi warumiyeko kubera izina ryanje+, ntiwarambiwe+.
4 Ariko hariho ikintu ndakunegura: warahevye urukundo wari ufise mu ntango.
5 Ibuka rero aho watemvye uva, wigaye+ maze ukore ibikorwa nk’ivyo mu ntango. Nutigaya, nzoza iwawe maze nkure ico baterekako amatara cawe+ mu kibanza caco, kiretse wigaye+.
6 Ariko hariho ikintu ndagushima: uranka ibikorwa vy’akagwi k’idini ka Nikola+, kandi na jewe ndavyanka.
7 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero+: uwutsinda+ nzomuha kurya ku giti c’ubuzima+ kiri mw’iparadizo y’Imana.”
8 Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna uti: “Umwe wa mbere akaba n’uwa nyuma+”, umwe yapfa ariko agasubira kuba muzima+, avuze ati:
9 “Ndazi umubabaro wawe n’ubukene bwawe, ariko uri umutunzi+. Ndazi kandi ibitutsi bivugwa n’abiyita ngo ni Abayuda kandi atari bo, ahubwo ari akagwi* ka Shetani+.
10 Ntutinye ibigira bigushikire+. Shetani* azobandanya guta mw’ibohero bamwe muri mwebwe kugira mugezwe bimwe bishitse, kandi muzomara imisi cumi muriko murahamwa. Nugume uri umwizigirwa gushika ku rupfu, nanje nzoguha urugori rw’ubuzima+.
11 Uwuri n’ugutwi niyumve+ ico impwemu ibwira amashengero: uwutsinda+ ntazogenda ashikiwe n’urupfu rwa kabiri+.”
12 Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo uti: Umwe afise inkota ndende ikarishe y’ubugi bubiri+ avuze ati:
13 “Ndazi aho uba, kandi ndazi ko ari ho hari intebe y’ubwami ya Shetani. Ariko warumiye kw’izina ryanje+ kandi ntiwahakanye ko unyizera+, mbere no mu misi ya Antipa, ca cabona canje w’umwizigirwa+ biciye+ iruhande yawe, aho Shetani aba.
14 Ariko hariho ibintu bikeyi ndakunegura: iwawe hariho abakurikira inyigisho ya Balamu+, umwe yigisha Balaki+ ingene yotsitaza Abisirayeli, kugira barye ivyashikaniwe ibigirwamana bongere bakore ubusambanyi*+.
15 Vyongeye, iwawe urafise abakurikira inyigisho z’akagwi k’idini ka Nikola+.
16 Niwigaye rero. Nutigaya, ngira nze ningoga iwawe kandi nzobarwanya nkoresheje ya nkota ndende yo mu kanwa kanje+.
17 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero+: uwutsinda+ nzomuha kuri manu yanyegejwe+, kandi nzomuha akabuye kera kanditseko izina rishasha ata n’umwe arizi, kiretse uwurironse.”
18 Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Tiyatira+ uti: Umwana w’Imana, umwe afise amaso ameze nk’urubeya rw’umuriro+, n’ibirenge bimeze nk’umujumpu mwiza+, avuze ati:
19 “Ndazi ibikorwa vyawe, urukundo rwawe, ukwizera kwawe, igikorwa ukorera Imana n’ukwihangana kwawe, kandi ndazi ko ibikorwa vyawe vya vuba biruta ivyo mu ntango.
20 Ariko hariho ikintu ndakunegura: urarekerana urya mugore Yezebeli+ yiyita umuhanuzikazi, akigisha akongera akazimiza abashumba banje kugira bakore ubusambanyi*+ bongere barye ivyashikaniwe ibigirwamana.
21 Naramuhaye umwanya wo kwigaya, mugabo ntashaka kwigaya ngo ahebe ubusambanyi* bwiwe.
22 Ehe ngira ndamuteze indwara ituma atava ku buriri, kandi abasambana na we nzobateza imibabaro ikomeye*, kiretse bigaye ibikorwa abosha gukora*.
23 Nzokwica abana biwe nkoresheje ikiza cica, kugira amashengero yose amenye ko ari jewe nsuzuma imitima n’ivyiyumviro vyihishije*, kandi umwe wese muri mwebwe nzomuha ibihuye n’ibikorwa vyiwe+.
24 Ariko mwebwe abasigaye bo mw’ishengero ry’i Tiyatira, mwebwe mwese mudakurikira iyo nyigisho, mwebwe mutamenye ivyo bita ‘ibintu vyimbitse vya Shetani+’, ndababwiye nti: nta wundi muzigo ndabikoreje.
25 Mwebwe gusa nimugumye ico mufise gushika nje+.
26 Uwutsinda kandi akaguma yisunga ibikorwa vyanje gushika kw’iherezo, nzomuha ububasha ku mahanga+,
27 nk’uko na jewe nabuhawe na Data. Azoganza amahanga akoresheje inkoni y’icuma+, ku buryo amenagurika nk’ibikoresho vy’ibumba.
28 Nzomuha kandi inyenyeri yo mu gatondo+.
29 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.”
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki havuga ngo «isinagogi.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «amakuba akomeye.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «bigaye ibikorwa vyiwe.»
^ Canke «n’inyiyumvo z’ibwina.» Mu kigiriki havuga ngo «n’amafyigo.»