Kuvayo 34:1-35
34 Maze Yehova abwira Musa ati: «Niwibazire ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere+, nanje nzokwandika kuri ivyo bisate amajambo yari kuri vya bisate vya mbere+ wamena+.
2 Ejo uzobe witeguye, kuko mu gitondo uzoduga ku musozi Sinayi hanyuma uhagarare imbere yanje, kw’isonga ry’uwo musozi+.
3 Ariko ntihaze hagire umuntu n’umwe mudugana. Nta wundi muntu akwiye kuba ari kuri uwo musozi, kandi ntihaze hagire n’ibitungwa birisha iruhande yawo+.»
4 Musa rero abaza ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere, araheza avyuka kare mu gatondo, aduga ku musozi Sinayi nk’uko Yehova yari yabimutegetse. Yari afise mu ntoke ivyo bisate bibiri vy’amabuye.
5 Nuko Yehova amanuka+ mu gicu, ahagararana na Musa ng’aho maze amumenyesha izina ryiwe, ari ryo Yehova+.
6 Yehova aca imbere yiwe, amumenyesha ati: «Ndi Yehova, ndi Yehova, Imana y’imbabazi+ n’impuhwe*+, iteba gushavura+ kandi yuzuye urukundo*+ n’ukuri*+.
7 Ngaragariza abantu urukundo* gushika ku mvyaro ibihumbi+, nkababarira ikosa, ikigabitanyo n’igicumuro+, mugabo sinigera ndeka guhana uwagirwa n’icaha+. Mpana abana n’abuzukuru kubera ikosa rya ba se, gushika ku runganwe* rugira gatatu no ku rugira kane+.»
8 Ubwo nyene Musa aca arunama, mu maso hashika hasi.
9 Hanyuma avuga ati: «Nimba nagiriwe ubuntu imbere yawe, ewe Yehova, ndakwinginze Yehova, ugendere hagati yacu+ naho turi abantu b’intumva*+, kandi uduharire ikosa ryacu n’igicumuro cacu+, udufate nk’ihanga ryawe bwite.»
10 Amwishura ati: «Ehe ngiranye isezerano nawe: imbere y’abantu bawe bose, nzokora ibintu vy’agatangaza bitari bwigere bibaho kw’isi yose canke mu mahanga yose+. Amahanga yose muzobamwo azobona ibikorwa vyanje jewe Yehova, kuko ngira nkorane namwe ikintu giteye ubwoba+.
11 Mwitwararike ivyo ndabategetse uno musi+. Ngira nirukane Abamori, Abanyakanani, Abaheti, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi bave imbere yanyu+.
12 Mwiyubare ntimuze mugirane isezerano n’ababa mu gihugu mugiyemwo+, kuko vyohava bibabera umutego+.
13 Ahubwo muze musiture ibicaniro vyabo, mumenagure inkingi nyeranda zabo z’amabuye, mwicire n’inkingi nyeranda zabo z’ibiti*+.
14 Ntimuze mwunamire izindi mana+, kuko jewe Yehova ndi Imana isaba gusengwa yonyene*. Egome, ndi Imana isaba gusengwa yonyene*+.
15 Mwiyubare ntimuze mugiranire isezerano n’ababa muri ico gihugu, kuko bazohava basambana n’imana zabo kandi bakazishikanira ibimazi+ hanyuma bakabatumira mukarya ku bimazi vyabo+.
16 Ntimuzobura rero gusabira abahungu banyu abakobwa babo+, kandi abo bakobwa bazosambana n’imana zabo, bitume abahungu banyu basambana n’imana zabo+.
17 Ntimukihingurire imana zikozwe mu cuma*+.
18 Muze muhimbaze umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+. Nk’uko nabibategetse, muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro, igihe nashinze co mu kwezi kwa Abibu* kigeze+, kuko muri ukwo kwezi ari ho mwavuye mu Misiri.
19 Abahungu bose b’imfura ni rwanje+, kandi n’igitungwa cose c’ikigabo kivutse ubwa mbere ni rwanje, yaba ari inka canke intama+.
20 Indogobwa yose ivutse ubwa mbere muze muyicunguze intama. Ariko nimutayicungura, muze muyivune izosi. Kandi muze mucungure umuhungu wese w’imfura mu bana banyu+. Nta n’umwe akwiye kuza imbere yanje iminwe misa.
21 Muzokora ibikorwa mu misi itandatu, ariko ku musi ugira indwi muzoruhuka*+. Muzoruhuka naho hazoba ari mu gihe c’irima canke c’iyimbura.
22 Muzohimbaza umusi mukuru w’amayinga mukoresheje ingano zeze ubwa mbere hamwe n’umusi mukuru wo gusozera iyimbura* mu mpera z’umwaka+.
23 Gatatu mu mwaka, abagabo bose babwirizwa kuza imbere ya Yehova Umukama w’ukuri, Imana ya Isirayeli+.
24 Nzokwirukana amahanga ave imbere yanyu+, kandi nzokwagura akarere kanyu. Nta n’umwe azokwipfuza kwigarurira igihugu canyu igihe muzoba mwaje imbere ya Yehova Imana yanyu gatatu mu mwaka.
25 Ntimuze mushikane amaraso y’ikimazi canje ari kumwe n’ibintu birimwo umwambiro+. Ikimazi c’umusi mukuru wa pasika ntigikwiye kurara+.
26 Uzozana ku nzu ya Yehova Imana yawe ivyimburwa vyizavyiza mu vyeze ubwa mbere mu mirima yawe+.
Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.»
27 Yehova yongera kubwira Musa ati: «Andika ayo majambo+, kuko isezerano ngiranye nawe n’Abisirayeli rishingiye kuri yo+.»
28 Nuko aguma ng’aho imisi 40 n’amajoro 40 ari kumwe na Yehova. Nta mukate yarya kandi nta n’amazi yanywa+. Araheza yandika kuri vya bisate amajambo y’iryo sezerano, ya mabwirizwa cumi*+.
29 Musa aca aramanuka umusozi Sinayi, afise mu minwe vya bisate bibiri biriko amabwirizwa*+. Igihe yamanuka umusozi, ntiyari azi ko mu maso hiwe hariko harekura imishwarara kubera yari yamye avugana n’Imana.
30 Aroni n’Abisirayeli bose bitegereje Musa, babona mu maso hiwe hariko harekura imishwarara. Baca baratinya kumwegera+.
31 Ariko Musa aca arabahamagara. Aroni n’abakuru bose b’ishengero ry’Abisirayeli baca baraza, Musa atangura kubavugisha.
32 Hanyuma Abisirayeli bose na bo baramwegera, na we abashikiriza amabwirizwa yose Yehova yari yamuhaye ku musozi Sinayi+.
33 Igihe Musa ahejeje kuvugana na bo, yaca yitwikira igitambara mu maso+.
34 Ariko igihe yinjiye imbere ya Yehova kuvugana na we, yaca akura ico gitambara+. Maze yarasohoka, akamenyesha Abisirayeli amabwirizwa Imana yamuhaye+.
35 Abisirayeli barabona ko mu maso ha Musa harekura imishwarara. Yaca yongera kwitwikira igitambara mu maso gushika asubiye kwinjira mw’ihema kuvugana n’Imana+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ubuntu.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «ukudahemuka.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abantu b’izosi ridadaraye.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «Yehova izina ryiwe ni Munyeshari. Ni Imana y’ishari.»
^ Canke «itihanganira abakeba.»
^ Canke «mu cuma bashongesheje.»
^ Raba Inyongera ya B15.
^ Canke «muzokwubahiriza isabato.»
^ Witwa kandi umusi mukuru w’insago (amahema).
^ Mu giheburayo havuga ngo «ya majambo cumi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «vya bisate bibiri vy’icabona.»