Zaburi 16:1-11
Ni indirimbo* ya Dawidi.
16 Ewe Mana, nunkingire kuko nahungiye kuri wewe+.
2 Nabwiye Yehova nti: «Uri Yehova, isoko ry’ivyiza vyose mfise.
3 Kandi aberanda bo kw’isi,barya babereye iteka, barampimbara cane+.»
4 Abakurikira izindi mana bikwegera imibabaro myinshi+.
Sinzokwigera ndazishikanira amashikanwa y’amaraso,kandi sinzokwigera ncisha mu kanwa amazina yazo+.
5 Yehova ni we mugabane wanje, icibare canje+ n’igikombe canje+.
Ni wewe uzigama intoranwa yanje.
6 Akarimbi kanje kaguye ahantu heza.
Emwe, intoranwa yanje irampimbara cane+.
7 Nzoshemeza Yehova, we yangiriye inama+.
Mbere no mw’ijoro ivyiyumviro vyanje* birankosora+.
8 Nama nshira imbere yanje Yehova+.
Sinzokwigera nyiganyizwa* kuko ari iburyo bwanje+.
9 Ni co gituma umutima wanje uhimbawe, nuzuye umunezero.
Vyongeye, nibereyeho mu mutekano.
10 Kuko utazompebera mu kuzimu+.
Ntuzokwemera ko intahemuka yawe ija mu cobo*+.
11 Umenyesha inzira y’ubuzima+.
Imbere yawe* huzuye umunezero+,iburyo bwawe na ho hama agahimbare ibihe vyose.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «mikitamu.» Raba Insiguro y’amajambo (Mikitamu).
^ Canke «inyiyumvo zanje z’ibwina.» Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo yanje.»
^ Canke «sinzokwigera ncumbagira (ndandabagirana).»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ko intahemuka yawe ibora.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu maso hawe.»