Samweli wa mbere 16:1-23

  • Samweli arobanura Dawidi ngo azobe umwami (1-13)

    • «Yehova araba mu mutima» (7)

  • Impwemu ya Yehova iva kuri Sawuli (14-17)

  • Dawidi atangura kuza aravugiriza inanga Sawuli (18-23)

16  Amaherezo Yehova abwira Samweli ati: «Uzoguma ubabajwe na Sawuli gushika ryari+ kandi jewe naramwanse ngo ntabandanye kuganza Isirayeli+? Niwuzuze ihembe ryawe amavuta+ hanyuma ugende. Ngira ngutume kuri Yese+ Umunyabetelehemu, kuko hari uwo natoye mu bahungu biwe ngo abe umwami+  Mugabo Samweli avuga ati: «Nojayo gute? Sawuli abimenye yoca anyica+.» Yehova amwishura ati: «Genda witwaje inyana. Uze uvuge uti: “Nzanywe no gushikanira ikimazi Yehova.”  Uze utumire Yese kuri nya kimazi. Nzoheza ndakumenyeshe ico ukwiye gukora. Uze undobanurize amavuta* uwo nzokwereka+  Samweli akora ivyo Yehova yamubariye. Ashitse i Betelehemu+, abashingantahe b’ico gisagara bakamubona, baca batangura kujugumira. Bamubaza bati: «Ugenzwa n’amahoro?»  Aca abishura ati: «Ni amahoro. Nzanywe no gushikanira Yehova ikimazi. Nimwihumanure* hanyuma tujane kuri nya kimazi.» Araheza ahumanura Yese n’abahungu biwe, maze abatumira kuri ico kimazi.  Bahashitse maze Samweli akabona Eliyabu+, aca yibwira ati: «Emwe, uwo Yehova agira arobanuze amavuta ni uyu ahagaze imbere yiwe.»  Mugabo Yehova abwira Samweli ati: «Nturabe uko asa canke uko areha+ kubera ko ntamushimye. Kuko Imana itaraba nk’uko abantu baraba. Abantu baraba ibiboneka inyuma, mugabo Yehova we araba mu mutima+  Maze Yese ahamagara Abinadabu+ amwereka Samweli, mugabo Samweli avuga ati: «N’uyu Yehova ntiyamutoye.»  Ubukurikira Yese amwereka Shama+, mugabo Samweli avuga ati: «N’uyu nyene Yehova ntiyamutoye.» 10  Yese yereka Samweli abahungu biwe indwi, mugabo Samweli amubwira ati: «Nta n’umwe muri bo Yehova yatoye.» 11  Amaherezo Samweli abwira Yese ati: «Aba ni bo bahungu bawe bose?» Na we avuga ati: «Umuhererezi+ ni we utarabona. Ari kuragira intama+.» Samweli aca abwira Yese ati: «Nibaje kumuhamagara, kuko tuza gufungura ari uko aje.» 12  Nuko atuma uwuja guhamagara Dawidi, baca bamuzanira Samweli. Yari umusore mwiza, w’inzobe, afise amaso meza+. Maze Yehova avuga ati: «Haguruka umurobanuze amavuta, kuko ari we nahisemwo+ 13  Samweli aca atora rya hembe ry’amavuta+, arayamurobanuza imbere ya benewabo. Kuva uwo musi, impwemu ya Yehova itangura guha inkomezi Dawidi+. Mu nyuma Samweli arahaguruka asubira i Rama+. 14  Impwemu ya Yehova imaze kuva kuri Sawuli+, Yehova yarareka ivyiyumviro bibi vyo mu mutima wiwe bikamutera ubwoba*+. 15  Abasuku ba Sawuli bamubwira bati: «Urabona ko Imana ireka ivyiyumviro bibi bikagutera ubwoba. 16  Turagusavye rero mwami, utubwire twebwe abasuku bawe, tuje kukuronderera umuntu w’umuhinga mu kuvuza inanga+. Igihe cose Imana iretse ivyiyumviro bibi bikakuzamwo, azoca ayikuvugiriza wumve umerewe neza.» 17  Sawuli rero abwira abasuku biwe ati: «Ego nimundonderere umuntu acuraranga neza, muheze mumunzanire.» 18  Umwe muri nya basuku avuga ati: «Ndamaze kubona ingene umuhungu wa Yese Umunyabetelehemu avuza neza inanga. Ni umurwanyi w’intwari kandi arinda+. Avuga neza, ni mwiza+ kandi Yehova ari kumwe na we+ 19  Sawuli aca arungika intumwa kwa Yese ngo zimubwire ziti: «Ndungikira uwo muhungu wawe Dawidi, umwe w’umwungere+ 20  Nuko Yese atora indogobwa ayishirako imikate, umukuza w’urushato urimwo umuvinyu n’umwagazi w’impene, abirungikana Dawidi ngo abishire Sawuli. 21  Maze Dawidi aja kwa Sawuli, atangura kumukorera+. Sawuli aramukunda cane, araheza amugira uwumutwaza ibirwanisho. 22  Sawuli atuma rero intumwa kwa Yese ati: «Nyemerera Dawidi agume ankorera, kuko namushimye.» 23  Igihe cose Imana yaba iretse ivyiyumviro bibi bikaza mu mutima wa Sawuli, Dawidi yaca amuvugiriza inanga. Ivyo vyatuma Sawuli aturura, akumva amerewe neza, vya vyiyumviro bibi bikamuvamwo+.

Utujambo tw'epfo

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «nimwiyeze.»
Mu giheburayo havuga ngo «impwemu mbi ivuye kuri Yehova yaramutera ubwoba.»