Zaburi 8:1-9

  • Ubuninahazwa bw’Imana n’iteka ry’umuntu

    • «Izina ryawe rirahambaye!» (1, 9)

    • «Umuntu buntu ni iki?» (4)

    • Wamwambitse ubwiza buhebuje (5)

Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kuri Gititi*. Ni zaburi ya Dawidi. 8  Ewe Yehova Mukama wacu, izina ryawe rirahambaye kw’isi yose!Ubuninahazwa bwawe buri hejuru y’amajuru*+.   Washize inkomezi mu kanwa k’abana n’abonka+kubera abakurwanya,kugira unumye umwansi n’uwurondera kwihora.   Iyo nitegereje ijuru, igikorwa c’intoke zawe,nkitegereza ukwezi n’inyenyeri waremye+,   nca nibwira nti: «Umuntu buntu ni iki ku buryo umwibuka?Umwana w’umuntu ni iki ku buryo umwitwararika+   Habuze gato ngo umunganishe n’abamarayika*.Wamwambitse urugori rw’ubuninahazwa n’ubwiza buhebuje.   Wamuhaye kuganza ibikorwa vy’amaboko yawe+.Washize ibintu vyose munsi y’ibirenge vyiwe:   Ibitungwa vyose bitobito na bininibinini,n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba+,   inyoni zo mu kirere n’ifi zo mu kiyaga,hamwe n’ibindi vyose binyuragirana mu biyaga.   Ewe Yehova Mukama wacu, izina ryawe rirahambaye kw’isi yose!

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «iteka ryawe rirayagwa hejuru y’amajuru.»
Canke «n’abameze nk’Imana.»