Zaburi 8:1-9
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kuri Gititi*. Ni zaburi ya Dawidi.
8 Ewe Yehova Mukama wacu, izina ryawe rirahambaye kw’isi yose!Ubuninahazwa bwawe buri hejuru y’amajuru*+.
2 Washize inkomezi mu kanwa k’abana n’abonka+kubera abakurwanya,kugira unumye umwansi n’uwurondera kwihora.
3 Iyo nitegereje ijuru, igikorwa c’intoke zawe,nkitegereza ukwezi n’inyenyeri waremye+,
4 nca nibwira nti: «Umuntu buntu ni iki ku buryo umwibuka?Umwana w’umuntu ni iki ku buryo umwitwararika+?»
5 Habuze gato ngo umunganishe n’abamarayika*.Wamwambitse urugori rw’ubuninahazwa n’ubwiza buhebuje.
6 Wamuhaye kuganza ibikorwa vy’amaboko yawe+.Washize ibintu vyose munsi y’ibirenge vyiwe:
7 Ibitungwa vyose bitobito na bininibinini,n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba+,
8 inyoni zo mu kirere n’ifi zo mu kiyaga,hamwe n’ibindi vyose binyuragirana mu biyaga.
9 Ewe Yehova Mukama wacu, izina ryawe rirahambaye kw’isi yose!
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «iteka ryawe rirayagwa hejuru y’amajuru.»
^ Canke «n’abameze nk’Imana.»