Zaburi 18:1-50
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo ya Dawidi umusavyi wa Yehova. Amajambo yayo yayabwiye Yehova igihe Yehova yamurokora mu kuboko kw’abansi biwe bose no mu kuboko kwa Sawuli. Yamubwiye+ ati:
18 Ewe Yehova wewe nkomezi zanje, ndagukunda cane+!
2 Yehova ni urutare rwanje n’igihome canje gikomeye, kandi ni we ankiza+.
Imana yanje ni yo gitandara canje+ mpungirako.Ni yo nkinzo yanje n’ihembe* rinkiza*, ubuhungiro bwanje butekanye*+.
3 Yehova ni we nambaza kuko abereye gushemezwa,kandi azonkiza abansi banje+.
4 Imigozi y’urupfu yari yankikuje+.Isegenya ry’abantu b’imburakimazi ryaguma rintera ubwoba+.
5 Imigozi y’ukuzimu yari yankikuje,imitego y’urupfu yari impanze+.
6 Nambaje Yehova mu marushwa yanje,nguma ntabaza Imana yanje.
Iraheza yumva ijwi ryanje iri mu rusengero rwayo+,ugutabaza kwanje gushika mu matwi yayo+.
7 Isi yaciye itangura kunyiganga no gutigita+,imishinge y’imisozi irajugumira,iguma itigita kubera bari bashavuje Imana+.
8 Umwotsi utangura gufumba mu mazuru yayo,mu kanwa kayo na ho hava umuriro utema ugatongora+,hirya no hino yayo amakara arurumba akarabagiza.
9 Nuko igonda ijuru iramanuka+.Munsi y’ibirenge vyayo hari umwiza w’umuzitanya+.
10 Yaje iguruka iri ku mukerubi+,
ishunguruka iri ku mababa y’umumarayika*+.
11 Iraheza yikikuza umwiza+,ibicu vy’imvura n’ibicu bizitanye,bimera nk’ihema kuri yo+.
12 Ukwakaka kw’imbere yayokwatuma urubura n’amakara arurumba bica mu bicu bikarengana.
13 Maze Yehova atangura guturagara ari mw’ijuru+,ijwi rya Musumbavyose rirumvikana+,riherekejwe n’urubura hamwe n’amakara arurumba.
14 Arasa imyampi yiwe, abansi banje barashwiragira+.Arungika imiravyo yiwe maze barahungabana+.
15 Mu nda y’ikiyaga* hatangura kuboneka+,imishinge y’isi ija ahabona kubera ugukankama kwawe, ewe Yehova,kubera uguhuhuta kw’impemu zo mu mazuru yawe+.
16 Yatumye ukuboko ari iyo hejuru,aramfata ankura mu mazi y’ibenga+.
17 Yarankijije umwansi wanje akomeye+,ankiza abanyanka kandi bandusha inkomezi+.
18 Barandwanije igihe nari mu vyago+,ariko Yehova yaranshigikiye.
19 Yanjanye ahantu hatagira inkomanzi*,arankiza kubera anshima+.
20 Yehova ampemba yisunze ubugororotsi bwanje+,akanyishura ivyiza kuko amaboko yanje ata kibi yakoze*+.
21 Nagumye ngendera mu nzira za Yehova,sinakora ikibi co guheba Imana yanje.
22 Ingingo zose yashinze ndazamiza ku muzirikanyi.Amategeko yayo sinzoyirengagiza.
23 Nzoguma ndi intungane* imbere yayo+,nirinde gukora amakosa+.
24 Yehova nanyishure ivyiza yisunze ubugororotsi bwanje+,yisunze ukuntu amaboko yanje ata kibi yakoze imbere yiwe+.
25 Ntiwigera uhemukira intahemuka+,kandi umuntu w’intungane umubera intungane+.
26 Uwuguma adahumanye umubera uwudahumanye+,ariko uwugoramye umwereka ko uri umunyabwenge+.
27 Kuko ukiza abantu batobato*+,ariko abishira hejuru* ukabashira hasi+.
28 Ewe Yehova, ni wewe watsa itara ryanje,ukaba n’Imana yanje ituma umwiza unkikuje uhinduka umuco+.
29 Ni wewe unshoboza gutera akagwi k’abambuzi+.Inkomezi z’Imana yanje ni zo zinshoboza kwurira uruzitiro+.
30 Ivyo Imana y’ukuri ikora vyose biratunganye+.Ijambo rya Yehova riratyoroye+.
Abera inkinzo abamuhungirako bose+.
31 None hari iyindi Mana iriho atari Yehova+?
Hari ikindi gitandara kiriho atari Imana yacu+?
32 Imana y’ukuri ni yo impa inkomezi+,kandi ni yo igorora inzira yanje+.
33 Ituma ibirenge vyanje binyaruka nk’ivy’impongokazi,ikamfasha guhagarara ahantu hahanamye+.
34 Yigisha ibiganza vyanje kurwana intambara.Amaboko yanje agonda umuheto w’umujumpu.
35 Umpa inkinzo yawe y’ubukiriro+.Ukuryo kwawe kuranshigikira.Ukwicisha bugufi kwawe gutuma mba uwuhambaye+.
36 Wagura inzira ncamwo,kugira ngo ibirenge* vyanje ntibinyerere+.
37 Nzokurikirana abansi banje ndabahamvye.Nzogaruka ari uko ndabahoneje.
38 Nzobasya ntibasubire kuvyura umutwe+.Bazogwa munsi y’ibirenge vyanje.
39 Uzompa inkomezi zo kurwana urugamba,utume abansi banje bagwa imbere yanje+.
40 Uzotuma abansi banje bampunga*,kandi nzoherengeteza* abanyanka+.
41 Baratabaza ariko ntibaronke uwubakiza,bagatabaza na Yehova ariko ntagende abishuye.
42 Nzobahonda banoge nk’umukungugu uguruwe n’umuyaga.Nzobashibura nk’urwondo rwo mw’ibarabara.
43 Uzonkiza abantora amahinyu mw’ihanga ryanje+.
Uzongira umukuru w’amahanga+.
Abantu ntari nzi bazonkorera+.
44 Bazopfa kwumva amakuru yanje bace bangamburukira.Abanyamahanga bazoza imbere yanje bahinda agashitsi+.
45 Abanyamahanga bazocika intege*,bave mu buhungiro bwabo bajugumira.
46 Yehova ni muzima! Nashemezwe we Gitandara canje+!
Imana y’ubukiriro bwanje nishirwe hejuru+!
47 Imana y’ukuri ni yo isubiriza mu nkoko abansi banje+,igatuma nganza amahanga.
48 Ni yo inkiza abansi banje buzuye ishavu.Mana yanje, ni wewe unduza ukantwara kure y’abandwanya+,ukankiza umuntu akora ivy’ububisha.
49 Ni co gituma nzokuninahaza mu mahanga, ewe Yehova+!Nzoririmbira amashemezo* izina ryawe+.
50 Akiza umwami wiwe mu buryo bukomeye*+,akagirira ubuntu* uwo yarobanuje amavuta*+.Dawidi n’uruvyaro* rwiwe abagirira ubuntu ibihe bidahera+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ni yo nkinzo yanje n’umukiza wanje akomeye.»
^ Canke «ahantu hanje hataramutse hatekanye.»
^ Canke «y’umuyaga.»
^ Canke «imigezi y’amazi.»
^ Canke «ahantu hagutse.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «adahumanye.»
^ Canke «ntagirako umugayo.»
^ Canke «abantu bigorewe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amaso yishira hejuru.»
^ Canke «amaso y’ibirenge.»
^ Canke «uzompa igikanu c’abansi banje.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nzonumya.»
^ Canke «bazoyama.»
^ Canke «nzocurarangira.»
^ Canke «aha umwami wiwe intsinzi zikomeye.»
^ Canke «akereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»