Zaburi 18:1-50

  • Nzoshemeza Imana kubera yandokoye

    • «Yehova ni urutare rwanje» (2)

    • Yehova ntahemukira intahemuka (25)

    • Ivyo Imana ikora biratunganye (30)

    • «Ukwicisha bugufi kwawe gutuma mba uwuhambaye» (35)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo ya Dawidi umusavyi wa Yehova. Amajambo yayo yayabwiye Yehova igihe Yehova yamurokora mu kuboko kw’abansi biwe bose no mu kuboko kwa Sawuli. Yamubwiye+ ati: 18  Ewe Yehova wewe nkomezi zanje, ndagukunda cane+!   Yehova ni urutare rwanje n’igihome canje gikomeye, kandi ni we ankiza+. Imana yanje ni yo gitandara canje+ mpungirako.Ni yo nkinzo yanje n’ihembe* rinkiza*, ubuhungiro bwanje butekanye*+.   Yehova ni we nambaza kuko abereye gushemezwa,kandi azonkiza abansi banje+.   Imigozi y’urupfu yari yankikuje+.Isegenya ry’abantu b’imburakimazi ryaguma rintera ubwoba+.   Imigozi y’ukuzimu yari yankikuje,imitego y’urupfu yari impanze+.   Nambaje Yehova mu marushwa yanje,nguma ntabaza Imana yanje. Iraheza yumva ijwi ryanje iri mu rusengero rwayo+,ugutabaza kwanje gushika mu matwi yayo+.   Isi yaciye itangura kunyiganga no gutigita+,imishinge y’imisozi irajugumira,iguma itigita kubera bari bashavuje Imana+.   Umwotsi utangura gufumba mu mazuru yayo,mu kanwa kayo na ho hava umuriro utema ugatongora+,hirya no hino yayo amakara arurumba akarabagiza.   Nuko igonda ijuru iramanuka+.Munsi y’ibirenge vyayo hari umwiza w’umuzitanya+. 10  Yaje iguruka iri ku mukerubi+, ishunguruka iri ku mababa y’umumarayika*+. 11  Iraheza yikikuza umwiza+,ibicu vy’imvura n’ibicu bizitanye,bimera nk’ihema kuri yo+. 12  Ukwakaka kw’imbere yayokwatuma urubura n’amakara arurumba bica mu bicu bikarengana. 13  Maze Yehova atangura guturagara ari mw’ijuru+,ijwi rya Musumbavyose rirumvikana+,riherekejwe n’urubura hamwe n’amakara arurumba. 14  Arasa imyampi yiwe, abansi banje barashwiragira+.Arungika imiravyo yiwe maze barahungabana+. 15  Mu nda y’ikiyaga* hatangura kuboneka+,imishinge y’isi ija ahabona kubera ugukankama kwawe, ewe Yehova,kubera uguhuhuta kw’impemu zo mu mazuru yawe+. 16  Yatumye ukuboko ari iyo hejuru,aramfata ankura mu mazi y’ibenga+. 17  Yarankijije umwansi wanje akomeye+,ankiza abanyanka kandi bandusha inkomezi+. 18  Barandwanije igihe nari mu vyago+,ariko Yehova yaranshigikiye. 19  Yanjanye ahantu hatagira inkomanzi*,arankiza kubera anshima+. 20  Yehova ampemba yisunze ubugororotsi bwanje+,akanyishura ivyiza kuko amaboko yanje ata kibi yakoze*+. 21  Nagumye ngendera mu nzira za Yehova,sinakora ikibi co guheba Imana yanje. 22  Ingingo zose yashinze ndazamiza ku muzirikanyi.Amategeko yayo sinzoyirengagiza. 23  Nzoguma ndi intungane* imbere yayo+,nirinde gukora amakosa+. 24  Yehova nanyishure ivyiza yisunze ubugororotsi bwanje+,yisunze ukuntu amaboko yanje ata kibi yakoze imbere yiwe+. 25  Ntiwigera uhemukira intahemuka+,kandi umuntu w’intungane umubera intungane+. 26  Uwuguma adahumanye umubera uwudahumanye+,ariko uwugoramye umwereka ko uri umunyabwenge+. 27  Kuko ukiza abantu batobato*+,ariko abishira hejuru* ukabashira hasi+. 28  Ewe Yehova, ni wewe watsa itara ryanje,ukaba n’Imana yanje ituma umwiza unkikuje uhinduka umuco+. 29  Ni wewe unshoboza gutera akagwi k’abambuzi+.Inkomezi z’Imana yanje ni zo zinshoboza kwurira uruzitiro+. 30  Ivyo Imana y’ukuri ikora vyose biratunganye+.Ijambo rya Yehova riratyoroye+. Abera inkinzo abamuhungirako bose+. 31  None hari iyindi Mana iriho atari Yehova+? Hari ikindi gitandara kiriho atari Imana yacu+? 32  Imana y’ukuri ni yo impa inkomezi+,kandi ni yo igorora inzira yanje+. 33  Ituma ibirenge vyanje binyaruka nk’ivy’impongokazi,ikamfasha guhagarara ahantu hahanamye+. 34  Yigisha ibiganza vyanje kurwana intambara.Amaboko yanje agonda umuheto w’umujumpu. 35  Umpa inkinzo yawe y’ubukiriro+.Ukuryo kwawe kuranshigikira.Ukwicisha bugufi kwawe gutuma mba uwuhambaye+. 36  Wagura inzira ncamwo,kugira ngo ibirenge* vyanje ntibinyerere+. 37  Nzokurikirana abansi banje ndabahamvye.Nzogaruka ari uko ndabahoneje. 38  Nzobasya ntibasubire kuvyura umutwe+.Bazogwa munsi y’ibirenge vyanje. 39  Uzompa inkomezi zo kurwana urugamba,utume abansi banje bagwa imbere yanje+. 40  Uzotuma abansi banje bampunga*,kandi nzoherengeteza* abanyanka+. 41  Baratabaza ariko ntibaronke uwubakiza,bagatabaza na Yehova ariko ntagende abishuye. 42  Nzobahonda banoge nk’umukungugu uguruwe n’umuyaga.Nzobashibura nk’urwondo rwo mw’ibarabara. 43  Uzonkiza abantora amahinyu mw’ihanga ryanje+. Uzongira umukuru w’amahanga+. Abantu ntari nzi bazonkorera+. 44  Bazopfa kwumva amakuru yanje bace bangamburukira.Abanyamahanga bazoza imbere yanje bahinda agashitsi+. 45  Abanyamahanga bazocika intege*,bave mu buhungiro bwabo bajugumira. 46  Yehova ni muzima! Nashemezwe we Gitandara canje+! Imana y’ubukiriro bwanje nishirwe hejuru+! 47  Imana y’ukuri ni yo isubiriza mu nkoko abansi banje+,igatuma nganza amahanga. 48  Ni yo inkiza abansi banje buzuye ishavu.Mana yanje, ni wewe unduza ukantwara kure y’abandwanya+,ukankiza umuntu akora ivy’ububisha. 49  Ni co gituma nzokuninahaza mu mahanga, ewe Yehova+!Nzoririmbira amashemezo* izina ryawe+. 50  Akiza umwami wiwe mu buryo bukomeye*+,akagirira ubuntu* uwo yarobanuje amavuta*+.Dawidi n’uruvyaro* rwiwe abagirira ubuntu ibihe bidahera+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ni yo nkinzo yanje n’umukiza wanje akomeye.»
Canke «ahantu hanje hataramutse hatekanye.»
Canke «y’umuyaga.»
Canke «imigezi y’amazi.»
Canke «ahantu hagutse.»
Mu giheburayo havuga ngo «adahumanye.»
Canke «ntagirako umugayo.»
Canke «abantu bigorewe.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaso yishira hejuru.»
Canke «amaso y’ibirenge.»
Canke «uzompa igikanu c’abansi banje.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzonumya.»
Canke «bazoyama.»
Canke «nzocurarangira.»
Canke «aha umwami wiwe intsinzi zikomeye.»
Canke «akereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»