Zaburi 92:1-15
Ni zaburi. Ni indirimbo yo ku musi w’isabato.
92 Ni vyiza gukengurukira Yehova+no kuririmbira amashemezo* izina ryawe, ewe Musumbavyose!
2 Ni vyiza gutangaza urukundo* rwawe+ mu gitondohamwe n’ubwizigirwa bwawe mw’ijoro,
3 nkabigira njanisha n’igicurarangisho c’imirya cumi n’igitari,biri kumwe n’ijwi ry’inanga riryoheye ugutwi+.
4 Ewe Yehova, waranezereje kubera ibikorwa vyawe.Ndiha akaruru k’umunezero kubera ibikorwa vy’amaboko yawe.
5 Ewe Yehova, ese ukuntu ibikorwa vyawe ari igitangaza+!
Ivyiyumviro vyawe birimbitse cane+!
6 Nta muntu w’imburabwenge yobimenya.Vyongeye, nta kijuju coshobora gutahura ibi+:
7 Igihe ababisha banaze nk’ivyatsin’inkozi z’ikibi zose zigasagamba,ni ukugira barandurwe buhere+.
8 Ariko wewe uzokwama uri hejuru ibihe vyose, ewe Yehova!
9 Ewe Yehova, nurabe ingene abansi bawe batsindwa,emwe wirabire ingene bayogera.Inkozi z’ikibi zose zizoshwiragira+.
10 Ariko uzokwongereza inguvu* zanje, zimere nk’iz’ishuri yo mw’ishamba*.Nzosiga urukoba rwanje amavuta meza+.
11 Nzokwibonera ugutsindwa kw’abansi banje+,kandi amatwi yanje azokwumva ugutemba kw’ababisha bantera.
12 Ariko abagororotsi bazosagamba nk’ikigazi,bavyibuhe nk’amasederi y’i Libani+.
13 Bameze nk’ibiti biteye mu nzu ya Yehova,kandi barasagamba mu bigo vy’Imana yacu+.
14 Mbere no mu busaza* bazoguma basagamba+.Bazoguma bafise inguvu* kandi batotahaye+,
15 bagume batangaza ko Yehova agororotse.
Ni we Gitandara canje+, kandi ntiyigera akora ibitagororotse.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «no gucurarangira.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ihembe.»
^ Gishobora kuba cari igikoko kigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «mbere n’igihe bazoba bafise imvi ku mutwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bavyibushe.»