Zaburi 92:1-15

  • Yehova azokwama ari hejuru ibihe vyose

    • Ibikorwa vyiwe bitangaje n’ivyiyumviro vyiwe vyimbitse (5)

    • «Abagororotsi bazosagamba nk’ikigazi» (12)

    • Abashaje bazoguma basagamba (14)

Ni zaburi. Ni indirimbo yo ku musi w’isabato. 92  Ni vyiza gukengurukira Yehova+no kuririmbira amashemezo* izina ryawe, ewe Musumbavyose!   Ni vyiza gutangaza urukundo* rwawe+ mu gitondohamwe n’ubwizigirwa bwawe mw’ijoro,   nkabigira njanisha n’igicurarangisho c’imirya cumi n’igitari,biri kumwe n’ijwi ry’inanga riryoheye ugutwi+.   Ewe Yehova, waranezereje kubera ibikorwa vyawe.Ndiha akaruru k’umunezero kubera ibikorwa vy’amaboko yawe.   Ewe Yehova, ese ukuntu ibikorwa vyawe ari igitangaza+! Ivyiyumviro vyawe birimbitse cane+!   Nta muntu w’imburabwenge yobimenya.Vyongeye, nta kijuju coshobora gutahura ibi+:   Igihe ababisha banaze nk’ivyatsin’inkozi z’ikibi zose zigasagamba,ni ukugira barandurwe buhere+.   Ariko wewe uzokwama uri hejuru ibihe vyose, ewe Yehova!   Ewe Yehova, nurabe ingene abansi bawe batsindwa,emwe wirabire ingene bayogera.Inkozi z’ikibi zose zizoshwiragira+. 10  Ariko uzokwongereza inguvu* zanje, zimere nk’iz’ishuri yo mw’ishamba*.Nzosiga urukoba rwanje amavuta meza+. 11  Nzokwibonera ugutsindwa kw’abansi banje+,kandi amatwi yanje azokwumva ugutemba kw’ababisha bantera. 12  Ariko abagororotsi bazosagamba nk’ikigazi,bavyibuhe nk’amasederi y’i Libani+. 13  Bameze nk’ibiti biteye mu nzu ya Yehova,kandi barasagamba mu bigo vy’Imana yacu+. 14  Mbere no mu busaza* bazoguma basagamba+.Bazoguma bafise inguvu* kandi batotahaye+, 15  bagume batangaza ko Yehova agororotse. Ni we Gitandara canje+, kandi ntiyigera akora ibitagororotse.

Utujambo tw'epfo

Canke «no gucurarangira.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «ihembe.»
Gishobora kuba cari igikoko kigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «mbere n’igihe bazoba bafise imvi ku mutwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «bavyibushe.»