Abakorinto ba kabiri 2:1-17

  • Pawulo yashaka ko banezerwa (1-4)

  • Umucumuzi ababarirwa akagarukanwa mw’ishengero (5-11)

  • Pawulo i Tirowa n’i Masedwane (12, 13)

  • Igikorwa cacu ni urugendo rw’intsinzi (14-17)

    • Ntitudandaza ijambo ry’Imana (17)

2  Nafashe ingingo yo kutongera kuza iwanyu mu mubabaro.  None hamwe nobatera umubabaro, ni nde yontera umunezero atari umwe nababaje?  Ivyo nabandikiye navyanditse kugira ngo ninaza simbabazwe n’abari gutuma nezerwa, kuko nzi neza yuko ibituma nezerwa ari vyo bituma namwe mwese munezerwa.  Kuko nabandikiye ndi mu makuba menshi, mfise n’intuntu nyinshi mu mutima hariko n’amosozi, atari kugira ngo mubabare+, ahubwo kugira ngo mumenye urukundo rwinshi ndabafitiye.  Nimba rero hari uwateye umubabaro+, ntiyawuteye jewe ahubwo yawuteye mwese ku rugero kanaka. Sinshaka kurenza urugero mu vyo mvuga.  Ukwo gukosorwa na benshi kurahagije kuri uwo muntu.  Ubu mukwiye nyabuna kumubabarira n’umutima mwiza mukongera mukamuhoza+ kugira ngo ntahave yicwa* n’umubabaro urenze urugero+.  Ndabahimiriza rero ngo mumwereke ko mumukunda+.  Kuko iki ari co kandi gitumye ndabandikira: ni ukugira menye neza ko muzogamburuka muri vyose. 10  Nimwababarira umuntu ikintu ico ari co cose, nanje nzoba ndamubabariye. Nkako, ikintu cose noba narababariye (nimba kihari), nabigize ku neza yanyu imbere ya Kristu, 11  kugira ngo ntidutsindwe* na Shetani+, kuko tutayobewe amayeri* yiwe+. 12  Igihe rero nashika i Tirowa+ kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu, maze nkugururirwa umuryango mu gikorwa c’Umukama*, 13  narabuze amahoro kuko ntabonye umuvukanyi wanje Tito+. Naciye rero ndabasezera maze nja i Masedwane+. 14  Mugabo Imana ishimwe, yo yama iturongora mu rugendo rw’intsinzi twifatanije na Kristu. Ni yo kandi ituma akamoto k’ubumenyi buyerekeye gakwira* ahantu hose biciye kuri twebwe. 15  Kuko ku Mana turi akamoto keza cane ka Kristu gakwira mu bariko barakizwa no mu bariko baja mu mahonero. 16  Kuri abo ba kabiri turi akamoto k’urupfu kajana mu rupfu+, ku ba mbere na ho tukaba akamoto k’ubuzima kajana mu buzima. Ni nde none akwije neza ibisabwa ku bw’ivyo bintu? 17  Ni twebwe, kuko tutagenda tudandaza ijambo ry’Imana*+ nk’uko benshi bagira. Ahubwo tuvuga ata buryarya nk’abarungitswe n’Imana, kandi ivyo tubikora imbere yayo, twifatanije na Kristu.

Utujambo tw'epfo

Canke «amirwa.»
Canke «ntiduhendwe.»
Canke «intumbero», «imigambi.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu Mukama.»
Canke «kumvikana.»
Canke «turondera inyungu kw’ijambo ry’Imana.»