Matayo 17:1-27
17 Haciye imisi itandatu, Yezu atora Petero, Yakobo na mwenewabo Yohani, abadugana ku musozi muremure ari bonyene+.
2 Aca arahinduka ari imbere yabo, mu maso hiwe harakayangana nk’izuba, impuzu ziwe* na zo zica ibibatsi* nk’umuco+.
3 Ubwo nyene baza babona Musa na Eliya bariko bavugana na we.
4 Petero aca abwira Yezu ati: «Mukama, ni vyiza cane kuba turi ng’aha. Ubishatse, ndashobora kwubaka amahema atatu ng’aha: rimwe ryawe, irindi rya Musa n’irindi rya Eliya.»
5 Akiriko aravuga, igicu gikayangana gica kirabatwikira. Haca humvikana ijwi rivuye muri nya gicu riti: «Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, uwo nashimye+. Nimumwumvirize+.»
6 Abigishwa biwe bavyumvise, baca bagwa hasi bubamye, batekewe n’ubwoba.
7 Yezu aca arabegera, abakorako maze ababwira ati: «Haguruka. Ntimutinye!»
8 Bunamutse, ntihagira uwundi babona atari Yezu wenyene.
9 Bariko baramanuka uwo musozi, Yezu abategeka ati: «Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, gushika Umwana w’umuntu azuwe mu bapfuye+.»
10 Ariko abigishwa biwe bamubaza bati: «Kubera iki none abanditsi bavuga ko Eliya ategerezwa kubanza kuza+?»
11 Abishura ati: «Eliya vy’ukuri azoza, kandi azosubiza ibintu vyose mu buryo+.
12 Mugabo ndababwiye ko Eliya yamaze kuza ariko ntibamumenye, ahubwo bamukoreye ivyo bishakiye+. Ukwo nyene ni ko bazobabaza Umwana w’umuntu+.»
13 Abigishwa baca batahura ko yariko avuga Yohani Umubatizi.
14 Bashitse iruhande y’isinzi ry’abantu+, umuntu umwe yegera Yezu, aramupfukamira maze amubwira ati:
15 «Mukama, niwumvire akagongwe umwana wanje. Arwaye intandara kandi araremvye. Ziguma zimuta mu muriro no mu mazi+.
16 Namuzaniye abigishwa bawe, ariko ntibashoboye kumukiza.»
17 Yezu aca avuga ati: «Mbega urunganwe* rw’abantu batagira ukwizera kandi bononekaye+! Nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nimumunzanire ng’aha.»
18 Yezu aca akankamira iyo dayimoni, ica iramuvamwo. Ubwo nyene uwo muhungu aca arakira+.
19 Abigishwa baca babaza Yezu mu mwiherero bati: «Kubera iki twebwe tutashoboye kuyirukana?»
20 Abishura ati: «Ni kubera mufise ukwizera guke. Ni ukuri ndabibabwiye, hamwe mwoba mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwira uyu musozi muti: “Va ng’aha uje hariya”, kandi wogenda. Nta kintu na kimwe cobananira+.»
21 *——
22 Igihe bari bakoraniye hamwe i Galilaya, ni ho Yezu yababwira ati: «Umwana w’umuntu azotangwa mu maboko y’abantu+.
23 Bazomwica, ariko azozurwa ku musi ugira gatatu+.» Abigishwa bica birabababaza cane.
24 Bamaze gushika i Kaperinawumu, abatoza ikori ry’urusengero* begera Petero, bamubaza bati: «Burya umwigisha wanyu arariha ikori ry’urusengero+?»
25 Na we abishura ati: «Egome.» Ariko Petero yinjiye mu nzu, Yezu aramwitanga, amubaza ati: «Uvyibazako iki ga Simoni? Abami b’isi barihisha bande itagisi canke ikori*? Ni abana babo canke ni abandi?»
26 Avuze ati: «Ni abandi», Yezu aca amubwira ati: «Abana babo rero ntibatanga ikori.
27 Ariko kugira ntitubatsitaze+, genda ku kiyaga uterereyo igera. Ifi ya mbere iza gufatwa, uce uyasamika, uraheza usange igiceri c’ifeza* mu kanwa kayo. Uce ugitora hanyuma urihe ikori ryanje n’iryawe.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «impuzu ziwe zo hejuru.»
^ Canke «zirera.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Raba Inyongera ya A3.
^ Mu kigiriki havuga ngo «ikori ry’idarakima zibiri.» Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «ikori ry’umutwe.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «igiceri c’isitateri.» Vyiyumvirwa ko ari «itetaradarakima.» Raba Inyongera ya B14.