Abatesalonika ba mbere 4:1-18

  • Pawulo agabisha ku bijanye n’ubusambanyi (1-8)

  • Murushirize gukundana (9-12)

    • «Murabe ivyanyu bwite» (11)

  • Abapfuye bunze ubumwe na Kristu bazozuka ubwa mbere (13-18)

4  Ubwa nyuma bavukanyi, twarabasiguriye uko mukwiye kwigenza kugira ngo muhimbare Imana+, kandi vy’ukuri ni ko mwigenza. Turabasavye rero twongera tubinginga mw’izina ry’Umukama Yezu ngo mugume murushiriza kubigira rwose.  Kuko muzi amabwirizwa* twabahaye avuye ku Mukama Yezu.  Ico Imana igomba ni uko muba beranda+, mukirinda ubusambanyi*+.  Umwe wese muri mwebwe akwiye kumenya kuganza umubiri* wiwe bwite+ kugira ugume ari mweranda+ kandi uteye iteka.  Ntimumere nk’abanyamahanga batazi Imana+ kubera ko birekerana mu vy’inambu y’umubiri+, ntibahere ipfa.  Ntihagire n’umwe arenga akarimbi ngo agirire nabi* umuvukanyi wiwe muri ivyo, kuko Yehova* ahana abakora ivyo vyose, nk’uko twigeze kubibabwira kandi tukababurira dushimitse.  Kuko Imana itaduhamagariye ubuhumane, ahubwo yaduhamagariye kuba beranda+.  Uwukengera rero izo ngabisho ntaba akengereye umuntu, ahubwo aba akengereye Imana+ ibaha impwemu yayo nyeranda+.  Ariko ku bijanye no gukunda abavukanyi+, ntibikenewe ko tubibandikira, kuko mwebwe ubwanyu mwigishwa n’Imana gukundana+. 10  Kandi vy’ukuri, murakunda abavukanyi bose b’i Masedwane hose. Mugabo turabahimiriza bavukanyi, ngo mugume murushiriza kubigira. 11  Mwiyemeze kubaho mutekanye+ no kuraba ivyanyu bwite+ no gukoresha amaboko yanyu+, nk’uko twabibasavye 12  kugira ngo mwigenze mu buryo bubereye imbere y’abantu bo hanze y’ishengero+, ata co mukena. 13  Vyongeye bavukanyi, ntidushaka ko mutamenya ivyerekeye abasinziriye mu rupfu+, kugira ngo ntimugire agahinda nka bamwe badafise icizigiro+. 14  Kuko nimba twizera yuko Yezu yapfuye akongera akazuka+, n’abasinziriye mu rupfu bunze ubumwe na Yezu na bo nyene Imana izobagarukana hamwe na we+. 15  Ibi ni vyo tubabwira biciye kw’ijambo rya Yehova*: twebwe abazima tuzoba tukiriho gushika mu gihe c’ukugaruka* kw’Umukama ntituzogenda dutanze abasinziriye mu rupfu. 16  Kuko Umukama ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru n’akamo k’ugutegeka, n’ijwi ry’umumarayika mukuru+ be n’urumbete rw’Imana, maze abapfuye bunze ubumwe na Kristu bazuke ubwa mbere+. 17  Mu nyuma twebwe abazima tuzoba tukiriho, tuzojanwa mu bicu+ hamwe na bo gusanganira Umukama+ mu kirere. Gutyo tuzokwama turi kumwe n’Umukama+. 18  Nimugume rero muhozanya mubwirana ayo majambo.

Utujambo tw'epfo

Canke «amategeko.»
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «icombo c’ibumba.»
Canke «anyage», «ace mu ryahumye.»
Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).