Abatesalonika ba mbere 4:1-18
4 Ubwa nyuma bavukanyi, twarabasiguriye uko mukwiye kwigenza kugira ngo muhimbare Imana+, kandi vy’ukuri ni ko mwigenza. Turabasavye rero twongera tubinginga mw’izina ry’Umukama Yezu ngo mugume murushiriza kubigira rwose.
2 Kuko muzi amabwirizwa* twabahaye avuye ku Mukama Yezu.
3 Ico Imana igomba ni uko muba beranda+, mukirinda ubusambanyi*+.
4 Umwe wese muri mwebwe akwiye kumenya kuganza umubiri* wiwe bwite+ kugira ugume ari mweranda+ kandi uteye iteka.
5 Ntimumere nk’abanyamahanga batazi Imana+ kubera ko birekerana mu vy’inambu y’umubiri+, ntibahere ipfa.
6 Ntihagire n’umwe arenga akarimbi ngo agirire nabi* umuvukanyi wiwe muri ivyo, kuko Yehova* ahana abakora ivyo vyose, nk’uko twigeze kubibabwira kandi tukababurira dushimitse.
7 Kuko Imana itaduhamagariye ubuhumane, ahubwo yaduhamagariye kuba beranda+.
8 Uwukengera rero izo ngabisho ntaba akengereye umuntu, ahubwo aba akengereye Imana+ ibaha impwemu yayo nyeranda+.
9 Ariko ku bijanye no gukunda abavukanyi+, ntibikenewe ko tubibandikira, kuko mwebwe ubwanyu mwigishwa n’Imana gukundana+.
10 Kandi vy’ukuri, murakunda abavukanyi bose b’i Masedwane hose. Mugabo turabahimiriza bavukanyi, ngo mugume murushiriza kubigira.
11 Mwiyemeze kubaho mutekanye+ no kuraba ivyanyu bwite+ no gukoresha amaboko yanyu+, nk’uko twabibasavye
12 kugira ngo mwigenze mu buryo bubereye imbere y’abantu bo hanze y’ishengero+, ata co mukena.
13 Vyongeye bavukanyi, ntidushaka ko mutamenya ivyerekeye abasinziriye mu rupfu+, kugira ngo ntimugire agahinda nka bamwe badafise icizigiro+.
14 Kuko nimba twizera yuko Yezu yapfuye akongera akazuka+, n’abasinziriye mu rupfu bunze ubumwe na Yezu na bo nyene Imana izobagarukana hamwe na we+.
15 Ibi ni vyo tubabwira biciye kw’ijambo rya Yehova*: twebwe abazima tuzoba tukiriho gushika mu gihe c’ukugaruka* kw’Umukama ntituzogenda dutanze abasinziriye mu rupfu.
16 Kuko Umukama ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru n’akamo k’ugutegeka, n’ijwi ry’umumarayika mukuru+ be n’urumbete rw’Imana, maze abapfuye bunze ubumwe na Kristu bazuke ubwa mbere+.
17 Mu nyuma twebwe abazima tuzoba tukiriho, tuzojanwa mu bicu+ hamwe na bo gusanganira Umukama+ mu kirere. Gutyo tuzokwama turi kumwe n’Umukama+.
18 Nimugume rero muhozanya mubwirana ayo majambo.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «amategeko.»
^ Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu kigiriki havuga ngo «icombo c’ibumba.»
^ Canke «anyage», «ace mu ryahumye.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).