Samweli wa kabiri 12:1-31
12 Yehova arungika rero Natani+ kwa Dawidi. Ahashitse+ amubwira ati: «Mu gisagara kimwe hari abagabo babiri. Umwe yari umutunzi uwundi yari umukene.
2 Uwo mugabo w’umutunzi yari afise intama nyinshi cane n’inka nyinshi cane+.
3 Wa mugabo w’umukene wewe, nta kindi yari afise atari akagazi k’intama k’agashashi yari yaraguze+. Yarakitwararika. Kakuriye iwe gakurana n’abahungu biwe. Karya ku dufungurwa yari afise, kakanywera ku gikombe ciwe, kakiryamira no mu gikiriza ciwe. Kari kameze nk’agakobwa kiwe.
4 Mu nyuma wa mutunzi aronka umushitsi. Ariko aho gutora imwe mu ntama ziwe canke mu nka ziwe ngo amuzimane, atora ka kagazi k’intama ka wa mukene, aba ari ko amuzimana+.»
5 Dawidi aca ashavurira cane uwo mugabo, maze abwira Natani ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima+, umugabo yakoze ivyo akwiye gupfa!
6 Kandi akwiye gushumbusha nyene ako kagazi imyagazi ine+, kubera ko atamwumviye impuhwe akamukorera ico kintu.»
7 Natani aca abwira Dawidi ati: «Uwo mugabo ni wewe! Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Ni jewe nakurobanuje amavuta* ngo ube umwami wa Isirayeli+, kandi narakurokoye ndagukiza Sawuli+.
8 Naguhaye ivyari ivya shobuja+, ndaguha n’abagore biwe+. Naguhaye kandi kuganza umuryango wa Yuda n’iyindi miryango ya Isirayeli+. Iyo biba bidahagije, nari kukwongera n’ibindi+.
9 Kubera iki none wasuzuguye ijambo ryanje jewe Yehova ugakora ivyo nanka? Wishe Uriya Umuheti, umwicisha inkota y’Abamoni+, uraheza utwara umugore wiwe+.
10 Kuva ubu, inkota ntizokwigera iva mu muryango wawe+ kuko wansuzuguye ugatwara umugore wa Uriya Umuheti.”
11 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ngira ndaguteze ivyago bizozanana mu muryango wawe+. Nzotora abagore bawe urorera, ndabahe uwundi mugabo*+ aryamane na bo izuba riva*+.
12 Wabikoreye mu mpisho+, ariko jeho nzobikorera imbere y’Abisirayeli bose, izuba riva*.”»
13 Dawidi aca abwira Natani ati: «Naracumuye kuri Yehova+.» Natani na we amwishura ati: «Yehova na we arakubabariye*+, ntugipfuye+.
14 Ariko kubera yuko wagaye cane Yehova ugakora ico kintu, umuhungu uherutse kuvyara azopfa ata kabuza.»
15 Hanyuma Natani aja iwe.
Nuko Yehova ateza indwara uwo mwana muka Uriya yari yavyaranye na Dawidi.
16 Dawidi atakambira Imana y’ukuri asabira uwo muhungu. Atangura kwisonzesha cane. Atashe iwe, yarara hasi+.
17 Abashingantahe bo ku kirimba baza kumuraba. Bagerageza kumuvyura mugabo aranka, yanka no gusangira na bo.
18 Ku musi ugira indwi, wa mwana arapfa. Ariko abasuku ba Dawidi batinya kumubwira yuko yapfuye kuko bibwira bati: «Umwana akiri muzima twaramuvugisha, ntatwumvirize. None nitwamubwira ko yapfuye, ntahava akora ikintu kibi?»
19 Dawidi abona abasuku biwe bariko barongorerana, aca aramenya yuko umwana yapfuye. Ababaza ati: «Wa mwana yapfuye?» Bamwishura bati: «Ego yapfuye.»
20 Nuko Dawidi ava hasi aroga, yisiga amavuta+, ahindura n’impuzu. Maze aja kw’ihema*+ rya Yehova, arasenga. Mu nyuma aja iwe*, asaba ko bamuha ibifungurwa araheza arafungura.
21 Abasuku biwe bamubaza bati: «Ivyo ugize bisobanura iki? Umwana akiriho, warisonzesha ukarira. Mugabo akimara gupfa, waciye uva hasi urafungura.»
22 Abishura ati: «Umwana akiriho narisonzesha+ nkarira, kuko nibwira nti: “Hari aho Yehova yongirira akagongwe, akamureka akabaho+.”
23 None ubu ko yapfuye, kubera iki nokwisonzesha? Ugira nomugarukana+? Jewe nzomusanga iyo ari+, mugabo we ntazogaruka aho ndi+.»
24 Maze Dawidi ahoza umugore wiwe Batisheba+. Aryamana na we, mu nyuma Batisheba avyara umuhungu, bamwita Salomo*+. Yehova aramukunda+.
25 Arungika rero ubutumwa biciye ku muhanuzi Natani+ ngo bamwite Yedidiya*, kubera ko Yehova yamukunda.
26 Yowabu abandanya kurwanya ca gisagara c’Abamoni+ citwa Raba+, maze afata igice umwami yabamwo*+.
27 Yowabu rero arungika intumwa kwa Dawidi, amubwira ati: «Narwanije igisagara ca Raba+ kandi nafashe igisagara c’amazi*.
28 Koranya rero ingabo zisigaye, muze mutere ico gisagara mugifate. Ahandiho bazohava babinyitirira* ninagifata.»
29 Dawidi akoranya rero ingabo zose maze aja i Raba, araharwanya hanyuma arahafata.
30 Akura urugori ku mutwe w’ikigirwamana Malikamu*, rukaba rwapima italanto imwe* y’inzahabu, rusharijwe n’amabuye y’agaciro. Baciye barwambika Dawidi ku mutwe. Yarasahuye n’ibintu vyinshi+ muri ico gisagara+.
31 Atwara abantu bo muri ico gisagara, abakoresha ibikorwa vy’agahato: ivyo kubaza amabuye, ibisaba gukoresha amashoka n’ibindi bikoresho bikarishe bikozwe mu vyuma, n’ivyo kubumba amatafari. Ukwo ni ko yagiriye ibisagara vyose vy’Abamoni. Amaherezo Dawidi n’ingabo zose basubira i Yeruzalemu.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Canke «mugenzawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu maso y’iri zuba.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imbere y’izuba.»
^ Canke «araretse igicumuro cawe ngo kirengane.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
^ Canke «ku kirimba.»
^ Iryo zina rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «amahoro.»
^ Iryo zina risobanura ngo «uwukundwa cane na Yehova.»
^ Canke «igisagara c’ubwo bwami.»
^ Ashobora kuba yariko avuga amasoko y’amazi y’igisagara.
^ Mu giheburayo havuga ngo «bacitirira izina ryanje.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.