Mariko 13:1-37

  • IHEREZO RY’IVY’IYI SI (1-37)

    • Intambara, nyamugigima, inzara (8)

    • Inkuru nziza itegerezwa kwamamazwa (10)

    • Amakuba akomeye (19)

    • Ukuza kw’Umwana w’umuntu (26)

    • Ikigereranyo c’igiti c’umusukoni (28-31)

    • «Mugume muri maso» (32-37)

13  Asohotse avuye mu rusengero, umwe mu bigishwa biwe amubwira ati: «Mwigisha, raba ukuntu aya mabuye n’izi nyubakwa ari vyiza cane+  Ariko Yezu amubwira ati: «Urabona izo nyubakwa zihambaye? Emwe, nta buye rizosigara rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi+  Yicaye ku musozi w’Imyelayo aho abona urusengero, Petero, Yakobo, Yohani na Andereya bamubaza mu mwiherero bati:  «Tubwire: ivyo bintu bizoba ryari, kandi ni ikimenyetso ikihe kizokwerekana ko iherezo ry’ivyo bintu vyose ryegereje+  Yezu rero atangura kubabwira ati: «Mwiyubare ntihaze hagire uwubazimiza+.  Benshi bazoza bitwaje izina ryanje, bavuga ngo: “Ndi we”, kandi bazozimiza benshi.  Vyongeye, nimwumva intambara n’amakuru y’intambara, ntimuze mugire ubwoba. Ivyo bintu bitegerezwa kuba, ariko iherezo ntirizoba rirashika+.  Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubwami butere ubundi bwami+. Hazoba vya nyamugigima biva hamwe bija ahandi, kandi hazotera inzara+. Ivyo bizoba ari intango y’ibihe vy’umubabaro ukomeye*+.  Ariko mwebwe mwiyubare. Abantu bazobitwarira mu masentare+, babakubitire mu masinagogi+, babarengutse imbere ya ba buramatari n’abami kubera jewe, kugira bibe intahe kuri bo+. 10  Vyongeye, inkuru nziza itegerezwa kubanza kwamamazwa mu mahanga yose+. 11  Nibabafata ngo babashengeze imbere ya sentare, ntimuze muhagarike umutima imbere y’igihe ku vyo muzovuga. Muze muvuge ico muhawe cose muri uwo mwanya nyene, kuko atari mwebwe muzoba muriko muravuga, ahubwo ni impwemu nyeranda+. 12  Bisubiye, umuntu azotanga mwenewabo kugira yicwe, se w’umwana na we atange umwana wiwe, kandi abana bazogarariza abavyeyi babo babicishe+. 13  Muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje+. Ariko uwuzoba yihanganye* gushika kw’iherezo+ ni we azokizwa+. 14  Ariko nimwabona ca kintu gisesemye giteza agatikizo+ gihagaze aho kitari gikwiye guhagarara (umusomyi nakoreshe ugutahura), abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi+. 15  Uwuzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururuke canke ngo yinjire gutora ikintu na kimwe mu nzu yiwe, 16  kandi uwuzoba ari mu murima ntaze agaruke* gutora impuzu yiwe*. 17  Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi+! 18  Mugume musenga kugira ntibizobe mu gihe c’urushana, 19  kuko iyo misi izoba ari iy’amakuba+ atigeze kubaho kuva mu ntango y’isi* Imana yaremye gushika ico gihe, kandi ntazosubira kubaho+. 20  Emwe iyo Yehova* atagabanya iyo misi, nta muntu* n’umwe yorokotse. Ariko iyo misi yarayigabanije ku bw’abo yatoye+. 21  Nihagira rero uwubabwira ati: “Ehe Kristu ari ng’aha” canke ati: “Ehe ari hariya”, ntimuze muvyemere+. 22  Kuko hazokwaduka ba Kristu b’ikinyoma n’abahanuzi b’ikinyoma+, kandi bazokora ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize abatowe. 23  Nimube maso rero+. Ndababwiye ibintu vyose imbere y’igihe. 24  Mugabo muri iyo misi, inyuma y’ayo makuba, izuba rizocura umwiza, ukwezi ntikuzosubira gutanga umuco+, 25  inyenyeri zizotibagurika ziva kw’ijuru, kandi ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa. 26  Maze bazobona Umwana w’umuntu+ aje ari ku bicu, afise ububasha bwinshi n’ubuninahazwa+. 27  Azorungika abamarayika kugira bakoranirize hamwe abo yatoye bo mu mpande zine z’isi*, kuva ku mpera y’isi gushika ku mpera y’ijuru+. 28  Nimukure rero icigwa kuri iki kigereranyo c’igiti c’umusukoni: iyo mubonye ishami ryaco ritoyi ritanguye gutotahara rikazana amababi, muca mumenya ko ici riri hafi*+. 29  Na mwebwe nyene nimwabona ivyo bintu biriko biraba, muzoce mumenya ko ari hafi ku muryango+. 30  Ni ukuri ndabibabwiye, uru runganwe* ntiruzogenda ruvuyeho ivyo vyose bitabaye+. 31  Ijuru n’isi bizovaho+, ariko amajambo yanje ntazogenda avuyeho+. 32  Nayo ibijanye n’uwo musi canke iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data+. 33  Mugume muri maso, mugume murikanuye+, kuko mutazi aho igihe cashinzwe kizogerera+. 34  Ni nk’umuntu afashe urugendo rwo mu mahanga. Imbere yo kugenda, asigira inzu yiwe abashumba biwe+, umwe wese akamuha igikorwa ciwe, hanyuma agategeka umunyezamu kuguma ari maso+. 35  Mugume muri maso rero, kuko mutazi igihe nyene urugo azozirako+. Ntimuzi ko azoza bugorovye, canke mu gicugu, canke imbere y’uko umutwenzi utangura* canke mu gatondo ka kare+. 36  Ahandiho niyaramuka ashitse giturumbuka, azosanga musinziriye+. 37  Ico ndababwiye, ndakibwiye abantu bose: mugume muri maso+

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «intango y’ububabare nk’ubw’ibise.»
Canke «ariko uwihangana.»
Mu kigiriki havuga ngo «ntaze agaruke ku bintu yasize inyuma.»
Canke «impuzu yiwe yo hejuru.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu ntango y’irema.»
Canke «nta gifise umubiri.»
Mu kigiriki havuga ngo «muri ya miyaga ine.»
Muri Isirayeli, ibiterwa bitotahara mu ci.
Canke «iri yaruka.»
Mu kigiriki havuga ngo «canke mu nkoko.»