Daniyeli 12:1-13
12 Ico gihe Mikayeli*+, wa muganwa+ ahagaze kugira afashe ihanga ryawe azohaguruka. Kandi hazobaho igihe c’amarushwa atigeze abaho kuva habayeho ihanga gushika ico gihe. Muri ico gihe abantu bawe bazorusimba+, uwo wese izina ryiwe rizoba ryanditswe mu gitabu+.
2 Benshi mu basinziriye mu kuzimu bazokwikangura, bamwe bikangurire ubuzima budahera, abandi bikangurire ibimaramare n’iceyi c’ibihe bidahera.
3 Abafise ugutahura* bazokayangana nk’ikirere co kw’ijuru, abazana benshi ku bugororotsi na bo bakayangane nk’inyenyeri gushika ibihe bidahera.
4 Nayo wewe ga Daniyeli, ayo majambo nuyagire ibanga kandi wugare ico gitabu ukoresheje ikidodo, gushika mu gihe c’iherezo+. Benshi bazogisuzuma bitonze*, kandi ubumenyi nyakuri buzogwira+.»
5 Hanyuma jewe Daniyeli nditegereza, maze mbona abandi babiri bari bahagaze hafi y’uruzi, umwe ku nkengera yo hakuno, uwundi ku nkengera yo hakurya+.
6 Umwe muri bo aca abaza wa muntu yari yambaye impuzu z’ilino*+, umwe yari ahagaze hejuru y’amazi y’urwo ruzi ati: «Hazoca igihe kingana iki kugira ivyo bintu bitangaje birangire?»
7 Nca numva wa muntu yambaye impuzu z’ilino ariko aravuga, umwe yari ahagaze hejuru y’amazi. Aca aduza ukuboko kwiwe kw’ukuryo n’ukw’ukubamfu, maze arahira Umwe yamaho ibihe vyose+ ati: «Hazoca igihe, ibihe n’igice c’igihe*, kandi vyaramaze gushingwa. Nibaheza kujanjagura inkomezi z’ihanga ryeranda+, ivyo vyose bizoca birangira.»
8 Nayo jewe, naravyumvise ariko sinabitegereye+. Naciye ndamubaza nti: «Mukama wanje, ivyo vyose bizohera gute?»
9 Na we anyishura ati: «Niwigire Daniyeli, kuko ayo majambo akwiye kuguma ari ibanga kandi akaguma yugawe hakoreshejwe ikidodo gushika mu gihe c’iherezo+.
10 Benshi bazokwihumanura, biyeze kandi bityorore+. Ababisha bazoguma bakora ivy’ububisha, kandi nta n’umwe muri bo azobitahura. Ariko abafise ugutahura* bazobitegera+.
11 Kuva hakuweho ca kimazi c’ubudasiba+ gushika hashizweho ca kintu gisesemye giteza agatikizo+, hazoca imisi 1.290.
12 Arahiriwe uwuguma arindiriye* gushika imisi 1.335 iheze.
13 Nayo wewe, nugume ushikamye gushika kw’iherezo. Uzokwiruhukira, ariko uzohaguruka kugira uronke umugabane wawe* mu misi y’iherezo+.»
Utujambo tw'epfo
^ Iryo zina risobanura ngo «ni nde ameze nk’Imana?»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bazonyuragira irya n’ino.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Ni ukuvuga ibihe bitatu n’igice.
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «uwuguma arindiranye igishika.»
^ Canke «uzohagarara mu kibanza wahawe.»