Abakorinto ba kabiri 13:1-14
13 Iri rizoba rigira gatatu nje iwanyu. «Ikintu cose gitegerezwa gushingirwa intahe n’ivyabona bibiri canke bitatu+.»
2 Naho ntari kumwe namwe, ni nk’aho ndahari irigira kabiri. Mbaye ndagabisha abari baracumuye n’abandi bose, yuko ninaramuka ngarutse ntazobagirira akagongwe,
3 kuko murondera ikimenyamenya c’uko Kristu avuga biciye kuri jewe vy’ukuri. Kristu ntagoyagoya mu vyo abakorera, ahubwo arerekana ububasha bwiwe muri mwebwe.
4 Ego ni ko yaramanitswe ku giti bivuye ku bugoyagoye*, mugabo ni muzima bivuye ku bubasha bw’Imana+. Natwe turagoyagoya cokimwe na we, mugabo tuzobana na we+ kubera ububasha bw’Imana buri kuri mwebwe+.
5 Nimugume musuzuma yuko muri mu kwizera, mugume mwisuzuma ngo mwerekane ico mwebwe ubwanyu muri+. Mbega ntimuzi yuko Yezu Kristu yunze ubumwe namwe? Kiretse nimba mutemewe.
6 Ndizigiye ntakeka ko muzomenya yuko twemerwa.
7 Dusaba Imana rero yuko mutokora ikibi na kimwe. Si ukugira ngo tuboneke ko twemewe, ahubwo ni ukugira ngo mukore ivyiza, naho twoboneka ko tutemewe.
8 Kuko ata na kimwe dushobora gukora ngo turwanye ukuri, ahubwo dukora gusa ibishigikira ukuri.
9 Turanezerwa vy’ukuri igihe cose tugoyagoya mugabo mwebwe mukaba mufise ububasha. Kandi ico dusaba Imana ni uko mubogorwa.
10 Ni co gituma nanditse ibi bintu ntahari, kugira ngo ninahishikira sinze ndabakarire mu gukoresha ububasha Umukama yampaye+, ahubwo ndabukoreshe mu kwubaka atari mu gusambura.
11 Ubwa nyuma bavukanyi, mubandanye kunezerwa, kwemera kubogorwa, guhozwa+, kwiyumvira muhuza+ no kubaho mu mahoro+. Ya Mana y’urukundo n’amahoro+ izoheza ibane namwe.
12 Muramukanye mu kugumbirana n’igishika*.
13 Aberanda bose barabaramutsa.
14 Ubuntu buhebuje* bw’Umukama Yezu Kristu n’urukundo rw’Imana be n’impwemu nyeranda musangiye bibane namwe mwese.
Utujambo tw'epfo
^ Ni ubugoyagoye bwatewe no kuba yari umuntu.
^ Mu kigiriki havuga ngo «muramukanishe ugusomana kweranda.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.